Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amabanki y’ubudandanji yaremeye guha ingurane abadandaza b’ikawa bazishura ku nyugu itavuna

DSChhjjh02470Uwurongoye urwego rw’igihugu rukwirikirana igisata c’ikawa « ARFIC » Emmanuel Niyungeko amenyesha ko amabanki y’ubudandanji yemeye guha abadandaza b’ikawa ingurane  ku nyungu y’ibice 7 kw’ijana mu gihe bahora bayitanga ku nyungu y’ibice 9 kw’ijana. Ivyo yabishikirije  mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2018.Uwurongoye urwego rw’igihugu rukwirikirana igisata c’ikawa « ARFIC » Emmanuel Niyungeko amenyesha ko amabanki y’ubudandanji yemeye guha abadandaza b’ikawa ingurane  ku nyungu y’ibice 7 kw’ijana mu gihe bahora bayitanga ku nyungu y’ibice 9 kw’ijana. Ivyo yabishikirije  mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2018.Emmanuel Niyungeko yamenyesheje rero ko ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi hamwe n’ibidukikije bwashaka kumenyesha abarundi n’amakungu na cane cane abarimyi b’ikawa ko bukurikiranira hafi ibikorwa birangurirwa muri ico gisata buhereye ku gukurikirana abarimyi ku kivi gushika kw’igurishwa ry’ikawa. Yaboneyeho akaryo ko gushimira abarimyi b’ikawa batararonswa amahera yabo ku kwihangana kwabaranze. Yaramenyesheje kandi ko Reta y’Uburundi ibicishije muri ubwo bushikiranganji yafashe ingingo zitari nke mu kurwiza imivyaro y’ikawa, kuronsa abarimyi b’ikawa imbuto z’ibiterwa bibana n’ikawa n’imiti yo gupompa, gushiraho akadirisha mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB)kagenewe gufasha abadandaza kuronka ingurane ku nyungu itavuna hamwe no gukurikiranira hafi ibikorwa bijanye no gutahukana amafaranga y’agaciro biciye mw’ibanki nkuru y’igihgu hatibagiwe kuriha amakori y’amakomine.

Muri ico gisata c’ikawa ngo haracibonekeza utunenge, agatanga karorero  k’abarimyi batararonswa amafaranga yabo kandi barashoye ikawa mu mwaka w’2018 ushira umwaka w’2019.  Ngo ku bw’ivyo haratunganijwe inama ku wa 2 Gitugutu 2018 yahuje abaserukira amabanki y’ubudandaji, ibanki nkuru y’igihugu n’abakorera muri ico gisata ikaba yari irongowe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi kugirango bahanahane ivyiyumviro ku cokorwa. Izo ngingo nazo nk’uko amabanki y’ubudandanji yemeye guha ingurane abadandaza b’ikawa ku nyungu y’ibice 7 kw’ijana mu gihe bahora bayitanga ku nyungu y’ibice 9 kw’ijana ni ukuvuga ko bagabanuye ibice 2 kw’ijana. Amabanki y’ubudandanji yaremeye kandi gutanga ingwati y’amafaranga y’abashora ikawa hanze y’igihugu  basanzwe bariha mu rwego rw’igihugu rukurikirana igisata c’ikawa « ARFIC » ariko bakazobanza kwemererwa n’urwo rwego mu gihe basanze uwo mudandaza adaheraniye abarimyi canke izindi nzego nk’amakomine. Ngo igihe aheranye ategerezwa kubanza kuriha amadeni yose aheranye. Yaravuze kandi ivyerekeye abatonora ikawa baronswa uburyo n’amabanki y’ubudandanji ariko babanje kwerekana amasezerano y’ubuguzi ntabanduka n’izindi mpapuro zose zikenewe. Ngo ibisata bisanzwe bikorera mu gisata c’ikawa arivyo CENAC Murima w’isangi, Inter-Café biyemeje kugabanya uburyo bahora bakoresha bungana n’ibice 5 n’ivyicumi 6 gushika ku bice 2 n’ivyicumi 6 kw’ijana. Amakomine nayo yasabwe kworohereza abafise amatonorero kugira ngo ikawa batonoye ijanwe mu mahinguriro y’amakoborero hamwe no gusuzuma buri gihe ingene umwaka wagenze mu ntumbero yo gutegura uwukurikira.Emmanuel Niyungeko yarangije amenyesha ko ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije buzofatira ingingo amashirahamwe yose azoba atarariha abarimyi mu kiringo catanzwe n’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ni ukuvuga gushika igenekerezo rya 15 Gitugutu 2018 kandi ngo ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bwiyemeje kwama buja inama n’ingingo, gukorera hamwe no guhimiriza abakorera mu gisata c’ikawa gukorana umuco mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata.

Thérèse Niyonkuru                                                   

Ouvrir