Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu c’Ubudagi ciyemeje kubandanya gifashanya n’Uburundi mu bisata vy’amazi n’amagara y’abantu

DSffgrC 0029Uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Burundi mushasha, Mickael Haïsler amenyesha ko agiye gukora uko ashoboye mu ntumbero yo gutsimabataza imigenderanire n’ugufasahanya hagati  y’igihugu c’Ubudagi n’Uburundi. Ivyo yabishikirije ku wa 1 Gitugutu 2018 igihe yari aheheje gushikiriza Umukuru w’igihugu  Petero NKURUNZIZA amakete amugena muri ayo mabanga. Uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Burundi mushasha, Mickael Haïsler amenyesha ko agiye gukora uko ashoboye mu ntumbero yo gutsimabataza imigenderanire n’ugufasahanya hagati  y’igihugu c’Ubudagi n’Uburundi. Ivyo yabishikirije ku wa 1 Gitugutu 2018 igihe yari aheheje gushikiriza Umukuru w’igihugu  Petero NKURUNZIZA amakete amugena muri ayo mabanga. Yamenyesheje ko igihugu c’Ubudagi kizobandanya gishigikira Uburundi mu bisata vy’amazi, indero n’amagara y’abantu congere gishigikire n’amashirahamwe yo mu karere Uburundi burimwo. Icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana nawe yamenyesheje ko Umukuru w’igihugu yakeje uwuserukira Ubudagi mu Burundi mushasha afise icicaro i Bujumbura aho yari azanye amakete amugena muri ayo mabanga. Yarongeye amubwira ko aje mu gihe bikenewe kubera igihugu c’Ubudagi n’Uburundi bizinanyi kuva kera kandi arico gihugu catanguye gukoroniza Uburundi. Ngo Uburundi ntaco bunyegeza Ubudagi kandi n’Ubudagi n’uko nyene ariko igikenewe akaba ari uko  vyaba ivyiza canke ivyabagoye bovyitwaramwo neza. Umukuru w’igihugu ngo yamwiganiye ukugene ababasubiriye gukoroniza igihugu bavyitwayemwo nabi mbere barabiba n’amacakubiri mu gihugu. Niko gusaba ko Ubudagi bwokora uko bushoboye mu gusobanura uko igihugu c’Uburundi kimeze mu ntumbero yo gusigurira ibihugu vya Buraya kutabandanya bikurikira Ububirigi. Ico gihugu ngo kibandanya giha indaro abashatse gutembegaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 n’imbere yaho. Yasavye igihugu c’Ubudagi kubandanya gikora ibishoboka kugira gishigikire Uburundi. Yarongeye amenyesha ko n’uwuserukira  igihugu c’Ubudagi mu Burundi yiyemeje kuzobandanya afasha kugira imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubudagi igenede neza. 

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir