Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bose basabwa kwitegurira guhangana n’ibiza bishobora guterwa n’imvura y’agatasi

IMG 20180921 WA0002Kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, uko umwaka utashe ibihugu vyose vyo kw’isi n’Uburundi burimwo vyama bihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ibiza. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru UBUMWE caganiriye n’umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe gukinga impanuka ziterwa n’ibiza no gutabara abashikiwe n’ivyo vyago, Antoine  Ntemako  kugira atange insiguro y’uwo munsi n’ico abarundi bawuzeyeko.Kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, uko umwaka utashe ibihugu vyose vyo kw’isi n’Uburundi burimwo vyama bihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ibiza. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru UBUMWE caganiriye n’umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe gukinga impanuka ziterwa n’ibiza no gutabara abashikiwe n’ivyo vyago, Antoine  Ntemako  kugira atange insiguro y’uwo munsi n’ico abarundi bawuzeyeko.Yamenyesheje rero ko uwo munsi mpuzamakungu Uburundi butosigara inyuma mu kuwuhimbaza ariko ngo ukaba wahuriranye n’umunsi abarundi bibuka igandagurwa ry’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi,umuganwa  Ludoviko Rwagasore bigatuma bahisemwo guca bawungururiza kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2018 ukazohimbarizwa mu ntara ya Muyinga, aho basanze hariko harangurirwa ibikorwa n’imvukira z’iyo ntara bijanye no gukinga ibiza.Ngo nk’uko bisanzwe rero, umunsi mukuru mu kuwitegurira bijana n’ibikorwa. Ngo bariko bararangura ibikorwa hirya no hino  bijanye no gukinga imyuzurira n’imivo ishobora gutwara inyubakwa  , imirima eka mbere n’abantu. Imyiteguro iriko irakorwa kugira bazoshobore guhangana n’ivyo biza kuko abahinga baramenyesheje ko  imvura ishobora kuba  nyinshi mu bice bimwe bimwe  nko mu buraruko bushira uburengero hamwe no mu gisagara ca Bujumbura  mu  bumanuko naho ishobora kuba nke cane ku buryo hashobora kuzibonekeza inzara hamwe ata gikozwe.Ariko naho biri uko,Antoine Ntemako  yarahumurije  abanyagihugu, abamenyesha ko  ko atawogira ubwoba kubera ivyo biza kuko  ibibazo vyose haba imvura nyinshi canke uruzuba, vyose barabitegekaniriza inyishu nk’uko bariko barabikora. Inzuzi za Gasenyi  na Mutimbuzi bariko barazitunganya ku buryo zitazosubira gutwara abantu n’ibintu muri karitiye Carama no mu micungarararo yaho. Kubera ibikorwa nk’ivyo umuntu umwe canke igisata kimwe kitovyishoboza , Ntemako Antoine  yahamagariye abakora mu  bisata bitandukanye nk’uburimyi n’ubworozi, gukingira ibidukikije hamwe n’amagara y’abantu kugira urunani mu bikorwa. Ntemako yarangije ameneysha abarundi bose kuja hamwe, ko twese bituraba isi tuyibako twese rero dutegerezwa kuyikingira ata n’umwe avuyemwo, ntihagire abaguma biyumvira ngo ni igikorwa ca Reta .Ngo twijukire gutera ibiti kuko igituma nyamukuru inzuzi, inkukura n’imyuzurira  vyirirwa biriha inkumbi ari uko isi tubako itacambaye ibiti vyirirwa biracibwa bidasubirizwa , ngo n’aho inzuzi za Gasenyi na  Mutimbuzi bariko barazicira inzira, abanyagihugu batabigizemwo uruhara mu kwirinda kwubaka badakurikije amategeko ntaco bizofasha.Yaragarutse kandi no ku kiyaga Tanganyika ko kiguma kiduga kirenga inkengera, aho yagabishije abantu baguma bubaka badakurikije imetero 150 bategerezwa gusiga bakabirengako baguma basemerera igihe inzu zabo zizoshikirwa bazicuza ataco bagikiza. 

Josélyne Ndayegamiye

 

Ouvrir