Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi irafasha abageze mu zabukuru ifadikanije n’ibigo n’amashirahamwe aharanira agateka kabo

 

Mu ntumbero yo kwifatanya  n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru uhimbazwa kw’igenekerezo ry’1 Gitugutu 2018, Reta y’Uburundi yarasohoye itangazo ryashikirijwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu  n’ugushigikirana, Martin Nivyabandi ku wa 27 Nyakanga 2018 ,aho yamenyesheje ko Reta   y’Uburundi ifasha abageze mu zabukuru ifadikanije n’ibigo canke amashirahamwe aharanira agateka kabo ,mbere ikaba isanzwe yaragiraniye amasezerano nivyo bigo.Mu ntumbero yo kwifatanya  n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru uhimbazwa kw’igenekerezo ry’1 Gitugutu 2018, Reta y’Uburundi yarasohoye itangazo ryashikirijwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu  n’ugushigikirana, Martin Nivyabandi ku wa 27 Nyakanga 2018 ,aho yamenyesheje ko Reta   y’Uburundi ifasha abageze mu zabukuru ifadikanije n’ibigo canke amashirahamwe aharanira agateka kabo ,mbere ikaba isanzwe yaragiraniye amasezerano nivyo bigo.Nk’uko Martin Nivyabandi, yabandanije abavuga  muri iryo tanganzo, ngo Reta y’Uburundi yaragiraniye amasezerano n’ibigo canke amashirahamwe yitaho agateka k’abageze mu zabukuru bituma Reta ibaha imfashanyo kugira ngo bishobore kurangura imirimo bijejwe. Eka ngo ivyo bigo canke amashirahamwe yitaho abageze mu zabukuru Reta irayarihira amatara n’amazi eka mbere ngo n’imfashanyo zivuye hanze ziraheza zigacishwa muri ayo mashirahamwe kugira ngo ashobore gufasha abageze mu zabukuru ata kirinze gutangwa. 

Ngo Reta iragendera ivyo bigo mbere ikabiha n’ibifungurwa n’utundi twankenerwa no gufasha kuvuza bantahonikora bageze mu zabukuru no gutegekaniriza kazoza abageze mu zabukuru bahoze ari  abakozi ba Reta. Ngo mu mwaka w’2012 Reta yarashizeho poritike y’igihugu ijejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu mbere ngo n’ikigega bijanye kikaba kimaze gushirwaho. Ngo ico kigega gifasha abatishoboye eka mbere n’abageze mu zabukuru badasigaye inyuma. Ngo igihugu kandi caritunganirije ata munyamahanga arimwo, umugambi w’igihugu ujanye n’iterambere muri iyi myaka 10 iri imbere, guhera mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027, uwo nawo ngo ukaba uherutse gutanguzwa icese n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ku wa 22 Myandagaro 2018 mu ntara ya Gitega. Ngo harakozwe kandi n’icigwa kijanye no kuraba ko abageze mu zabukuru bose bovurwa ku buntu bisabwe na Reta y’Uburundi. Eka ngo n’abafurera bo mu muryango wa «Bene Yozefu » baragize icigwa mu makomine amwe amwe co kuraba ivyo abageze mu zabukuru bakenera kurusha mu kubaho kwabo kandi Reta ikaba yiteze kandi ishigikire ibizoshikirizwa bivuye muri ico cigwa. Ariko kandi ngo naho ibintu bimeze uko ngo haracariho abakurambere bacugarijwe n’ibibazo bitandukanye mbere hakaba n’abo Reta imaze gukura mw’ibarabara bari babeshejweho no gusegerereza. Ngo Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya ikora uko ibishoboye kugira ngo abageze mu zabukuru bagende bagira akarusho. Ngo inyishu ya mbere ibereye iri muri ca gikorwa co gushigikirana mu kibano catanguzwa kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2018.Nk’uko biri muri iryo tangazo, uwo munsi mukuru ngo ni akaryo keza ko gushigikira abageze mu zabukuru batishoboye kurusha abandi.

 Nathan Ntahondi

Ouvrir