Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi iritwararitse ubuzima bwa bantahonikora mu kubafashiriza aho baba atari mw’ibarabara

 

DSCjjuyh02326Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji  bw’agateka ka zina muntu n’ugushigikirana ,Félix Ngendabanyikwa amenyesha ko Reta y’Uburundi ibicishije kuri ubwo bushikiranganji yitwararitse ubuzima ubuzima bwabantaho nikora mu kubafashiriza aho baba atari mw’ibarabara nikimenyamenya imaze gutahana iwabo abana bahora  mw’ibarabara barenga 1800. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji  bw’agateka ka zina muntu n’ugushigikirana ,Félix Ngendabanyikwa amenyesha ko Reta y’Uburundi ibicishije kuri ubwo bushikiranganji yitwararitse ubuzima ubuzima bwabantaho nikora mu kubafashiriza aho baba atari mw’ibarabara nikimenyamenya imaze gutahana iwabo abana bahora  mw’ibarabara barenga 1800. Ivyo akaba yabimenyeshaje ku wa 27 Nyakanga 2018 ,mu nama yatunganijwe n’ubwo bushikiranganji ku bayobozi bakuru bakuru babwo mu ntumbero yo kwirimbura bafatiye kwihangiro bihaye gushikako mu kiringo c’amezi atatu aheze,mbere bakaba basanze ibikorwa bari biyemeje kurangura vyagenze neza mbere bakaba bihaye amanota arenga ibice 91 kw’ijana (91%).Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo  bushikiranganji, Félix Ngendabanyikwa yamenyesheje ko ibikorwa vyaranguwe muri ubwo bushikiranganji bishimishije aho baronse amanota arenga 91 kw’ijana agatera intenge abakora muri ubwo bushikiranganji ko bokwongereza gusumba bagashikana ijana kw’ijana. Ngo ibikorwa bakoze ni vyinshi cane haba mu gushigikira bantaho nikora, mu kubavuza, gufasha abakenyezi mu buryo butandukanye, gusubiza muzabo abaziteshejwe, ivy’agateka ka zina muntu n’ibindi. Yaravuze kandi ko ikindi gikorwa baranguye gishimishije n’uko batahanye abana bahora mw’ibarabara barenga 1800 iwabo. Ngo bazobandanya bakorana n’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe n’ubw’ intwaro yo hagati mu gihugu kugira ico gikorwa kigende neza. Yaravuze kandi ko muri ubwo  bushikiranganji  hariho ubuyobozi bukuru bujejwe gushigikira abahuye n’ivyago, bagira batangure kuduga kuraba abo bana batahanye ingene babayeho bongere barabe ko bagiye mw’ishure. Yarongeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi yashizeho itegeko rishigikira umunsi wahariwe gushigikirana mu gihugu aho mu kwezi kwa Ruheshi 2018 bakoreye muri ivyo gikorwa barashwara mu mitumba itandukanye bigisha abanyangihugu gufashanya ko ari vyiza. Yaravuze ko ivyo abanyagihugu bashoboye gutanga  bidashobora kubikwa ni ukuvuga ivyononekara n’ingoga baciye babiha bantahonikora ibidapfa navyo barabibika. Félix Ngendabanyikwa yaramenyesheje kandi ko bagira batangure gusigurira neza abanyagihugu ibijanye no gufashanya kuko mu minsi iheze batari bwamenye ingene bikorwa bongere basigurirwe n’intumbero yavyo. Ngo basaba bamusitanteri bo mu makomine atandukanye  ko bamenya neza bantahonikora kugira ivyo ubwo  bushikiranganji  buba bwegeranije bihabwe ababigenewe.

Thérèse Niyonkuru                                                                                              

Ouvrir