Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kudasamazwa n’abavuga ayamuhe, bitabe irima ry’agatasi, barwanye ubukene

 

kiouKw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018, abavugizi b’inzego z’gihugu n’ubushikiranganji bari baramutse bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje amaterefone nk’uko vyama bigenda uko amezi 3 aheze, bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Barishuye rero ku bibazo bitandukanya bishimikiye cane cane ku migenderanire, intwaro na poritike, umutekano , ubutunzi, indero, amagara y’abantu n’ibindi. Ariko ikibazo c’icegeranyo cashikirijwe n’umurwi w’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu cambika iceyi Uburundi kikaba caragarutsweko, mu gihe Reta yaciyamirije ngo narirya kidatandukanye n’ibindi vyama biriko birakorwa ku nguvu z’ishirahamwe ry’abanyaburaya barondera guhungabanya umutekano w’Uburundi nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa n’umuvugizi wa Reta mushasha, Prosper Ntahorwamiye babivuze muri ico kiganiro. Kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018, abavugizi b’inzego z’gihugu n’ubushikiranganji bari baramutse bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje amaterefone nk’uko vyama bigenda uko amezi 3 aheze, bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Barishuye rero ku bibazo bitandukanya bishimikiye cane cane ku migenderanire, intwaro na poritike, umutekano , ubutunzi, indero, amagara y’abantu n’ibindi. Ariko ikibazo c’icegeranyo cashikirijwe n’umurwi w’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu cambika iceyi Uburundi kikaba caragarutsweko, mu gihe Reta yaciyamirije ngo narirya kidatandukanye n’ibindi vyama biriko birakorwa ku nguvu z’ishirahamwe ry’abanyaburaya barondera guhungabanya umutekano w’Uburundi nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa n’umuvugizi wa Reta mushasha, Prosper Ntahorwamiye babivuze muri ico kiganiro. Twobamenyesha ko imbere y’uko igikorwa co kwishura ibibazo gitangura, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa yarashikirije ijambo yrunginywe n’Umukuru w’igihugu aho yipfuriza abarundi amahoro, ubumwe, ubutungane n’iterambere. Umukuru w’igihugu asaba kandi abarundi kudasamazwa n’abangushi baguma bambika iceyi igihugu mu ntumbero yo guhungabanya igihugu no kugfisambura. Abarundi bahamagarirwa kandi gusohora isuka mu gihe himirije irima ry’agtasi mu ntumbero yo kurwanya inzara n’ubukene.  Abanyeshure nabo basabwa kwiga neza, kwirinda ubunebwe, gusamara, bagendere indero runtu. Batandukanye kandi icatsi n’ururo gutyo bitegurire kazoza abakiri bato. Basabwa kandi kwitabira inyigisho zo gukunda igihugu. Aabarundi basabwa kandi kubandanya batanga intererano yo gutunganya matora yo mu mwaka w’2020 ata gahato kugira azogende neza. 


Ku vyerekeye imigenderanire
Ku bijanye n’ingingo z’urutavanako kandi z’agahotoro n’agacinyizo ishirahamwe ry’abanyaburaya riguma risaba ko zifatirwa Uburundi,harimwo n’ivyo risaba,  yaba umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa canke umuvugizi wa Reta mushasha Prosper Ntahorwamiye bishuye bati :Reta irakira ivyo isabwa vyose ariko ishira mu ngiro ibishoboka. Ku basaba ko Reta yova mu mugwi w’agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk’uko ibisabwa n’abanegihugu abo bavugizi bishuye ko iyo itoba ari inyishu irama. Nayo barya bita abahinga ba ONU  Reta y’Uburundi ibita abacangero bakorera inyungu z’ibihugu bimwe bimwe kuko bamwe nk’abatera uruvyino abandi bavyina. Ibijanye no kwitwara Reta ngo yarabajije abahinga isanga bigoye kwitwarira barya bacangero, ariko basavye imbabazi Reta izozibagirira. Naho biri uko Reta yarashikirije urwandiko ishirahamwe ONU yiyamiriza kirya cegeranyo gicapfuza Uburundi kandi gisubiza inyuma ishirahamwe ONU. Ibiriko birashikira Uburundi muri kino gihe ngo vyarashikiye n’ibindi bihugu nka Libiya aho bakoresheje amayeri menshi kugira bashikire ubutunzi bw’ico gihugu. Uburundi ubu buremera abasumyi ariko ntibwemera abasuma, arico gituma abarundi baguma baharanira ubwigenge bw’igihugu cabo.Umuvugizi wa Reta Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko Reta y’Uburundi ititavye inama y’ishirahamwe COMESA iherutse kubere i Lusaka mu gihugu ca Zambiya kubera yabaye itisunze amategeko kuko vyari bitegekanijwe ko ibera mu Burundi. Kuri ivyo rero ngo Reta yarashikirije urwandiko rw’ibirego.


Ku vyerekeye intwaro y’igihugu na Poritike 
Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa amenyesha ko gutora uwuzosubirira Umukuru w’igihugu bigirwa n’umugambwe bitava ku mukuru w’igihugu ubwiwe. Mu gutegura naho Umukuru w’igihugu ategura bose haba mu mvugo, mu ngendo n’ibindi adacaguye ariko hageze gutora uwo muntu yemezwa n’abagize inzego z’umugambwe. Imana ngo niyo izomurikira abagumyabanga kugira bashire imbere uwitoza mu mabanga yo kurongora igihugu. Umukuru w’igihugu kandi ngo azobandanya ateramira ubwigenge bw’igihugu kandi azobandanya ari umuhanuzwajambo. Ivyo ashoboye gukora navyo ngo ni vyinshi nko kuba umuhuza, gufasha muvyo inkino, uburimyi n’ubworozi. Umukuru w’igihugu araha umubonano uwo wese awusavye ariko asanze ikibazo cawe cotorerwa inyishu n’abarongoye intwaro hasi araheza akagusibiza aho nyene.Umuvugizi w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, Pilippe Nzobonariba nawe arahumuriza abavuga ko batizigiye ko uwo mugwi uzoba wigenga koko baravye abawugize  bafatiye kuri we nyene na Pierre Claver Kazihise. Avuga ko abo bantu babiri Atari bo bonyene bagize uwo mugwi kuko ugizwe n’abantu ndwi bapfundikira ijambo hamwe kandi bamaze kuja muri ayo mabanga ata mugambwe, ubwoko, igitsina baba bakigendera kuko barahirira gutunganya ico gikorwa n’umutima ugororotse wo gukunda igihugu. Ngo naho yavugira Reta ngo ntiyigeze avugira umugambwe aturukamwo. Uwufise amakenga rero ngo ni ahere, abashaka kwitoza bitegure ntibibaze ngo bazobabera intambamyi. Inama nkuru y’igihugu yafashe ingingo yo kugabisha amashirahamwe amwe amwe yigenga atisunze ingingo yafashwe na Reta ngo ariyizi kandi yaragabishijwe. Ngo uwutokuvuna yokuva inyuma kuko ngo hari nk’ishirahamwe rikorera mu ntara ya Ngozi ryatanze inkoko zitatu mu kiringo c’imyaka itatu n’ayandi mashirahamwe yigisha urwaruka ngo abasangiye ibitsina barongorane canke ayadandaza ibirwanisho. Amashirahamwe akurikiza amategeko ngo ntiyerekewe n’iyo ngingo. Noneho ngo barazi ko no mu bihugu vyabo bidakorwa. 
Ku vyerekeye indero
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, Edouard Juma amenyesha ko umushikiranganji wabwo yasohoye indinganizo y’ukugene amahera y’ishure atangwa, icibonekeza akaba ari uko amashure menshi y’abigenga atarashiraho komite y’abavyeyi ariko asabwa gushira mu ngiro iryo tegeko nshikiranganji. Naho iryo tegeko ririho ntiribuza ko ishure rifadikanije na komite y’abavyeyi bashiraho imigambi yo guteza imbere ishure, ntibafate ayo amshure nk’ibutike atabo bahanuza. Izo ngingo ayo mashure yofata ni uko yoba ayateza imbere ishure biciye mu nama n’ingingo kandi ayo mahera yorihishwa rimwe gusa umwana acinjira mw’ishure kanaka. Umurengera w’abanyeshure mw’isomero ngo uzogabanywa no kwubaka ayandi mashure no kugabanya umurindi wo kurondoka. Ahandi hoho bagerageza kwakira abana bose bafise uburenganzira bwo kwiga naho bigabanya akanovera k’indero. Abayobewe ibibazo vya Reta vyiza ni uko boja mu mashure y’imyuga naho atarwiriye mu gihugu kuko nayo nyene arimwo kazoza k’igihugu arico gituma bose batoronka ibibanza vyo guhitira. Ni no muri iyo ntumbero ubushikiranganji bwafashe ingingo yo kwaka amahera ibihumbi 50 abashaka guisubira gukora ico kibazo kuko gisanzwe gitwara uburyo bwinshi arico gituma nawe asabwa guterera ; aho ngo nta akarenganyo karimwo. Abanyeshure binjira mu mashure y’akarorero hari abafise amanota make baronka amahirwe yo kuyajamwo ariko abafise menshi ntibaronke, ngo bituruka ku ntara baturukamwo ,  nk’i Bujumbura kubera batarenza abana 15 gusa ngo abaronse ayo mahirwe ari bake uravye amanota meza bari bafise. Avuga ko ata karenganyo kuko biva ku kugene bitunganijwe. 


Ku vyerekeye ibidukikije
Ku kibazo c’amashirahamwe yahawe igikorwa co gukura imicafu mu gisagara ca Bujumbura ariko agasa n’uko atavyo ashoboye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu ghugu, Thérence Ntahiraja avugira ko ubwo bushikiraanganji avuga ko hariho amashirahamwe akora akazi yiyemeje neza cane n’ayandi agoyagoya. Naho biri uko ngo mu kuyatora ayo mashirahamwe yarahiganywe buri zone yose ironka abatsindiye ico gikorwa. Igisagara ca Bujumbura kandi ngo kiriko kiragiriranira ibiganiro n’ishirahamwe rishaka ryo guhingura iyo micafu kugira riyakuremwo umuyagankuba. Amakomine nayo asaba abanyagihugu gutunganirizwa habanje gusabwa impapuro zo gukura imicafu n’ibindi ayasaba gutunganiriza abanyagihugu ataco basabwe. 


Kuvyerekeye uburimyi n’ubworozi
Ku kibazo c’uko ubu aborozi basigaye babura aho bashorera umwimbu w’amata, Emmérance Nirera avugira ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko ahatanzwe inka za kijambere hose hubatswe ibigo vyakira amata mbere bikanayapima kugira barabe ko ameze neza ; aho akaba ata kibazo kihari. Uwo bushikiranganji  ngo burahimiriza aborozi kudashora amata yose baronka ahubwo guha igice cayo abana babo kugira bagire amagara meza.

Ku vyerekeye ubutunzi 
Ku kibazo bw’abasaba amakonteri y’umuyagankuba n’ay’amazi mw’ishirahamwe REGIDESO bakayabura, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanaganguvu,  Léonidas Sindayigaya amenyesha ko umuyagankuba wiyongereye ariko abasaba amakonteri ntibayaronke ngo vyatumwe n’ingorane zavuye mu guhiganirwa amasoko. Ishirahamwe REGIDESO ryabaye rirabangira kugira ntibakire amahera badaca batunganiriza ababituye. Ariko ngo iryo shirahamwe riherutse kuronka amakonteri 3000 rikaba ryimirije kuronka ayandi 10.000. Ikindi gishimishije ngo ni uko ishirahamwe REGIDESO ryaronse uburenganzira bwo kwishikira mu mahinguriro akora ibiokoresho rikeneye.   Abadandaza bo masoko mashasha yo mu gisagara ca Bujumbura basabwa kudandaza ikintu kimwe ku badandaza ibifungurwa, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu avuga ko agengwa n’amategeko amwe, ahoba hari ingorane naho zokosorwa.


Ku vyerekeye inkino
Ku bidoga bavuga ko Reta itoba ifasha bikwiye imigwi y’inkino mu gihe yitavye amahiganwa abera hanzi y’igihugu.Umuvugizi w’bushoikiranganji bw’inkino n’imico yishuye ko ku bijanye n’imigwi iserukira igihugu ngo hari iyifatwa mu mugongo na Reta n’iyindi ifatwa mu mugongo n’amashirahamwe aba yayitumiye.Ariko ngo  umugwi w’igihugu ufatwa mu mugongo n’igihugu. Ikibazo kihari ngo ni uburyo , umugwi w’igihugu ugasanga wagiye gukina ata buryo buriho. Inkino ngo zifise akamaro nta ngere mu kunywanisha abantu no kugarukana amahoro arico gituma abarundi bose bafise uburyo na cane cane amashirahamwe n’amabanki asabwa gufasha mu guteza imbere inkino. Ku kibazo c’uko inyubakwa y’ishirahamwe ry’urukino rwa « Judo » yotuma ikibuga c’inkino Prince Louis Rwagasore kitakira inkino mpuzamakungu ngo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ntirirashikiriza ico kibazo ubushikiranganji bujejwe inkino. 


Ku vyerekeye  umutekano
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Nkurikiye Pierre nawe  amenyesha ko ubwo bushikiranganji bufise uburyo bwo gukura imodoka zigirira ingorane mw’ibirabara zikabuza ko uruja n’uruza rubandanya rugenda neza ariko ngo ntibukwiye ngo bukore mu gihugu cose. Ahanura abatwara izo modoka gushira imbere y’iyo modoka ikimenyetso cerekana ko habaye ingorane. Uwugiriye ingorane mw’ibarabara kandi niwe ategerezwa kuyikuriraho kugira ntacibwe ihadabu.
Ku vyerekeye amagara y’abantu Ikibazo co kuronka imiti mu mangazini z’imiti y’ishirahamwe « Mutuelle » kandi abanywanyi badasiba gutanga intererano, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yamenyesheje ko ikigo CAMEBU arico kizorangura imiti hanyuma iryo shirahamwe rikagurira ico kigo. 

Ku vyerekeye ibidukikije
Ku bijanye n’ingorane z’imicafu yisuka mu kiyaga Tanganyika ahanini ivuye mu gisagara ca Bujumbura, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije amenyesha ko ico kiyaga gifitiye akamaro kanini abanyagisagara arico gituma gikwiye gukingirwa. Ngo ikigo SETEMU kirafise ingorane y’ivyuma kugira amazi aje mu kiyaga amaze kuyungururwa ariko amasoko yo kugura ivyo bikoresho yaramaze gutangwa. Haruhande ngo amategeko ategerezwa gukurikizwa n’abo bose mu gukurikiza itegeko rigenga imetero inyubakwa zijako uvuye ku kiyaga. Amahinguro nayo agasabwa kubanza guhingura neza amazi mabi ayavamwo imbere  yuko aja mu kiyaga. Abakora imitobe idakwije ibisabwa n’ikigo BBN ngo bahawe amezi atatu kugira bitunganye.


Ibibazo vy’abanyagihugu
Ibibazo bijanye n’indero ku bataronse amahirwe yo kumenya ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza bazoba bataronse amahirwe yo gutora ico kibazo ngo barafise uburenganzira bwo gusubira kwipima. Igisigaye ngo ni ikibazo c’ubuhinga ngo ntibazobazwa kumwe kandi indinganizo z’ivyigwa atari zimwe. Abazoja mu buraro nabo ngo ni abaronse amanota arenga ijana na cumi mu kibazo co mu mwaka w’icenda, ahabonetse ibibanza ubushikiranganji bwaragabanije gato bumanuka gushika ku manota ijana. Amashirahamwe yaguze ikawa y’abanyagihugu atarahemba abo barimyi ngo yahawe ikiringo c’indwi zibiri kugira abe yarishe. Aho ngo ni mu ntumbero yo kworohereza abarimyi b’ikawa narirya ari ikiringo co kurungika abana ku mashure. Abavuga nabo ko amata “France Lait” yoba arimwo ibinini ngo ubushikiranganji bwaciye bwihutira kugenzura ivyo bintu haraseswa ibikopo birenga 60 basanga ata binini birimwo rero ngo abavyeyi bobandanya abayaha abana babo. Ubushikranagnji rero bwasanze hari icoba cinyegeje inyuma y’iyo nkuru akaba ari no muri iyo ntumbero hatanguye gukwiragizwa ibihuha ngo ahari amateremusi atera kanseri. Abatanguye kumena ayo materemusi bobireka kuko iyo biba vyari uko ubushikranganji bw’amagara y’abantu buba bwarabagabishije. Ivyo kandi ni ugusamaza inzego z’umutekano mu kuvuga ko ahanaka hatangwa uburozi mu nzoga canke mu bifungurwa ; inkuru zitangwa ku buhinga ngurakanabumenyi nazo ngo zitangwa n’abashaka gucafuza igihugu no kujuragiza abanyagihugu.   Abadandaza ibikoresho vyo gukwega umuyagankuba n’amazi mw’ishirahamwe REGIDESO babizimbako mu ntara z’uburaruko ngo ico kibazo bagiye kucicarira kuko ari intambamyi ku gukwega amazi mu bisagara vyo mu buraruko bw’igihugu arivyo Ngozi, Muyinga na Kirundo. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye amenyesha ko mu kwakira abashaka kwinjira mu ntwazangabo mu giporisi ngo nta n’umwe akumiriwe kuko basaba uwufise hagati y’imyaka 18 na 25 kandi yatoye ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza n’abari muri kaminuza canke bayihejeje barimwo.Abashikirizamanza batatu bagenywe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika kugira bakore amatohoza ku bwicanyi bwabaye mu Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke barashikirije icegeranyo inyuma y’ukwezi n’indwi zibiri. Abafashwe rero ngo bazoburanishirizwa hamwe kuko dosiye ari imwe. Ibitero navyo vyabaye mu Ruhagarika no mu Gatumba ngo vyaribonekeje ko igihugu c’Urwanda kibifisemwo uruhara. Reta y’Urwanda ngo ibandanya ibaniye nabi Uburundi kandi Uburundi bukaba busaba ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika gutunganiriza Uburundi kandi ngo n’amakungu ariko arabikurikirana. Igitabu c’inzira c’Uburundi ngo kiremewe mu karere ka Afrika y’ubuseruko, uwoba yarahagaritswe n’igiporisi nawe yoshika mu bushikiranganji bw’umutekano kugira asigure ukugene vyagenze gutyo bitorerwe inyishu. Ku bijanye no kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara y’abakozi ba Reta aho vyoba bigeze, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’akazi amenyesha ko ibikorwa  bikibanadanya kandi n’abo vyatanguiye bitevye uburyo bubonetse bazoca batunganirizwa. Ku rubanza rw’umunyagihugu wo mu Cibitoke rwaciwe mu mwaka w’1972, umuvugizi w’ubutungane amenyesha ko ivyatumye rutaja mu ngiro bariko barabitohoza kandi muri iyo ntara bari mw’isekeza ryo gushira mu ngiro imanza zacitse. Bisubiye ngo igihe yitura ubushikiranganji bw’ubutungane baramwakiriye kandi ngo yoza mu bushikiranganji akaza kuraba inyishu y’ivyo yasavye. Iyo imanza z’amatongo zimaze umwanya munini zitarashirwa mu ngiro ngo birashobora kuba intandaro y’umutekano muke arico gituma bariko baragira amasekeza yo gushira mu ngiro imanza zaciwe mu ntara bitari vyabaye. Ku vyerekeye ubwato bukorera mu kiyaga Tanganyika butagira imparati ngo uwufise umwuga akorera mu kiyaga hari ivyo asabwa kugira atangure gukora ariko ubwato butobuto buroba ngo ntazo bufise ariko sivyo bitera umutekano muke. Umutekano muke uterwa n’abasuma biba bagatera baja mu gihugu ca Kongo (RDC), ariko ntibiva ku bwato butagira imparati. Amahera atangwa mu ntumbero yo gutegura amatora ngo amaze gushika ku miriyaridi zababa 15 atangwa n’abakozi ba Reta ; Reta nayo ngo imaze gutanga imiriyaridi zishika 13. Mu minsi iza umushikiranganji w’ikigega ca Reta azotanga ikiganiro mu ntumbero yo gushikiriza amahera amaze gutangwa. Gusubiramwo ivyo gutanga ayo mahera navyo bisigaye ku mugwi uhuza Reta n’amasendika (CNDS). 

Epitace Nduwayo 

Ouvrir