Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyeshure batoye ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza bazoshirwa mu bisata bisabiye

 

ppppuuAbanyeshure barangije amashure yisumbuye bakaba baratoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza bazoshirwa mu bisata vya kaminuza hisunzwe ivyo bisabiye bo nyene. Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard Banyankimbona mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 5 Nyakanga 2018 i Bujumbura.Abanyeshure barangije amashure yisumbuye bakaba baratoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza bazoshirwa mu bisata vya kaminuza hisunzwe ivyo bisabiye bo nyene. Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard Banyankimbona mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 5 Nyakanga 2018 i Bujumbura.Muri ico kiganiro, umushikiranganji Gaspard Banyankimbona yamenyesheje ko ingendo yo gushiraho umurwi wo kurungika abanyeshure barangije amashure yisumbuye baba batoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza mu bisata vya kaminuza kenshi hatisunzwe ivyo baba bisabiye bo nyene yatuma haba ukunanirwa cane kw’abanyeshure bamwe bamwe. Ngo ubu rero iryo rungikwa kwiga mu bisata vya kaminuza kw’abo banyeshure rizokwama ryisunga ibisata bazoba bitoreye bonyene ubwabo.

Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko abanyeshure barangije mu mwaka w’2017 n’imbere yaho batoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza bahamagawe kwiyandikisha.Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard Banyankimbona yamenyesheje kandi ko ikibazo gitanga uburengazira bwo gukurikirana inyigisho za kaminuza mu gisata c’ubuganga categuwe kw’igenekerezo rya 6 Nyakanga 2018. Ngo abanyeshure bashika 300 ni bo baronderwa kugira ngo bazokurikirane inyigisho z’ubuganga muri kaminuza. Ngo abanyeshure 100 ba mbere bazoba batoye ico kibazo bazoca bakurikirana izo nyigisho muri kaminuza y’Uburundi. Ngo abanyeshure 200 bakurikira bazoca barungikwa gukurikirana ivyo vyigwa mu mashure kaminuza y’abikorera utwabo y’i Ngozi na « Espoir d’Afrique ».Abamenyeshamakuru bashatse kumenya nimba hari ibisata vy’ivyigwa bishasha vyoba vyaruguruwe muri kaminuza y’Uburundi. Umushikiranganji Gaspard Banyankimbona yishuye ko ivyo bisata biriho mbere aca atanga akarorero k’igisata gishasha c’ibiharuro bijanye n’iterambere « Statistique ». Ikindi abamenyeshamakuru bashatse kumenya ni ugutanguza ibisata vy’ishure kaminuza nderabigisha (ENS) mu ntara ya Rumonge ku Mugara kutazotuma abanyeshure bibagora cane gukurikira izo nyigisho mu gihugu hagati. Gaspard Banyankibona yishuye ko iyo ngendo yo gutanguza ibisata vy’inyigisho za kaminuza mu gihugu hagati ari ukwegereza abanyagihugihugu umugambi wo kwigisha urwaruka kuko rugira ibibazo vyo kubaho mu bisagara. Ku kibazo kijanye n’akanovera k’inyigisho z’ubuvuzi mu mashure y’abigenga ngo abavyeyi n’abana bazokurikirana inyigisho z’ubuganga bazokwiga mu mashure y’abigenga borema kuko ayo mashure yatowe abanje kwerekana ko ako kanovera gashirwa imbere.

Nathan Ntahondi

Ouvrir