Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka Integuro y’ibwirizwa rigenga umugambi wo kugarukira ibidukikije n’ugusubiza akanovera isi ndimwa yaremejwe

 

ruremaKu wa 6 Nyakanga 2018, niho umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yaja gusigura integuro y’ibwirizwa rigenga umugambi wo kugarukira ibidukikije n’ugusubiza akanovera isi mu Nama Nshingamateka no mu  Nama Nkenguzamateka kugira izo nzego ziyihweze zongere ziyemeze.Ku wa 6 Nyakanga 2018, niho umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yaja gusigura integuro y’ibwirizwa rigenga umugambi wo kugarukira ibidukikije n’ugusubiza akanovera isi mu Nama Nshingamateka no mu  Nama Nkenguzamateka kugira izo nzego ziyihweze zongere ziyemeze.


Abashingamateka 103 kuri 103 baremeje iyo nteguro y’ibwirizwa
Umushikiranganji Déo Guide Rurema yabanje gushikiriza iyo nteguro y’ibwirizwa Inama Nshingamateka ,akaba mu mvo n’imvano yatumye Reta y’Uburundi  iyitunganya yamenyesheje ko uwo ari umugambi mwiza uri mu rukurikirane rw’imigambi yashikirije Ibanki y’isi yose igatako ikayemera. Ngo mu migambi Reta yari yarashikirije harimwo uwo kurwiza umwimbu n’akanovera k’ikawa, mu bushikiranganji aramutswa bakaba bari ku kivi kandi babona ko hariho akarusho kuko ngo bavuye  ku matoni ibihumbi 15 vy’ikawa ishorwa hanze  baduga ku matoni ibihumbi 20.Hariho kandi  ngo n’uwundi mugambi uriko uratunganywa mu kiyaya c’Imbo wo kurwiza umwimbu n’ukuwuhingura na cane cane mu bijanye n’umuceri, ibigori hamwe n’ubworozi , uwo nawo nyene ukaba uriko uratunganywa.  Uwo nawo nyene ngo bari bawushikirije kugirango  bashobore gutunganya isi ndimwa neza ariko badasize inyuma ugukingira amashamba . Uwo mugambi rero ngo ukaba uzosahiriza mu kurwiza umwimbu mu banyagihugu.  Uwo mugambi wategekanirijwe amadorari y’abanyamerika ibihumbi 30  amaserezerano akaba yashizweko umukono  hagati ya Reta n’ibanki y’isi yose iku wa  24 Ruheshi 2018.  Ubushikiranganji  bukaba ngo bwaciye bwihutira kuyishikiriza Reta y’Uburundi mu nama y’abashikiranganji yabaye ku wa 29 Mukakaro 2018.Uwo mugambi kandi ngo uzorangurirwa  mu ntara zibiri :Muyinga muri komine Buhinyuza  no mu ntara ya Bujumbura muri komine Isare  ariko  ngo hazoba n’ibindi bikorwa bizoherekeza uyo mugambi ku nkengera y’amashamba ya  Ruvubu , Kibira hamwe n’ishamba cimeza rya Bururi.  Imiryango yegwa n’uwo mugambi ikaba ngo ishika ku  8820  ukazotangura muri uwu mwaka w’2018 uze urangire mu mwaka w’2023. Ikindi yamenyesheje  ngo ni uko uzoba ugizwe n’ibice bitatu, igice ca mbere kukaba  ari ugushigikira inzego zizokorana n’uwo mugambi cane cane amakomine, intara hamwe n’ibiro vy’uwuserukira uburimyi n’ubworozi n’ibidukikije mu ntara.  Igice ca kabiri ngo ni ibikorwa nyezina bijanye n’ugukingira isi ndimwa  hamwe n’ugutera ibiti bibana n’indimo canke bikingira ibidukikije. Igice gikurikira kukaba ari ugutunganya ibikorwa vy’umugambi,  bikaba bizotwara imiriyoni zitatu z’amadorari. Abashingamateka barabajije icatumye iyo migambi biyumvira gushiramwo abajejwe intwaro  ku nzego zo hasi umushikiranganji akaba yamenyesheje ko basanze bikenewe ko bajamwo kuko iyo umugambi uheze ngo basanze haba igihengeri kinini hagati y’abakozi bari ku rubuga mu ntara  hakaba kandi n’igihengeri kinini hagati y’abajejwe mu ngiro  umugambi n’abajejwe intwaro.  Abashingamateka 90bari bashashe hongeweko 13 batumye akaba ari bo baciye baryemeza . Bose uko ari 103 bakaba bararyemeje ijana kw’ijana.


Abakenguzamateka nabo nyene baremeje Ijana kw’ijana iyo nteguro y’ibwirizwa
Uwo munsi nyene,umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Deo Guide Rurema,avuye mu Nama Nshingamateka yaragiye gushikiriza Inama Nkenguazamateka iyo nteguro y’ibwirizwa rigenga umugambi wa Reta ujejwe kugarukira ubidukikije n’ugusubiza akanovera isi ndimwa arongera arishura n’ibibazo vy’abakenguzamateka. Nk’uko yabigenjeje  mu Nama Nshingamateka umushikiranganji Déo Guide Rurema yabanje kumenyesha abakenguzamateka imvo n’imvano yatumye Reta itegura uwo mugambi .  Abakenguzamateka nabo nyene barabajije umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi ibijanye n’ugukingira amashamba cimeza yo mu bumanuko bw’igihugu aho hibonekeza abaguma bahubaka . Umushikiranganji Déo Guide Rurema akaba yishuye abakenguzamateka ko biri muvyo Reta yahagurukiye, ubu bashizeho abakozi bo muri ubwo bushikiranganji bakabahamagarira kugira imigambi yo gukingira ayo mashamba umwe umwe wese mu karere asanzwe akoreramwo. Abakenguzazamateka bongeye barabaza umushikiranganji ivyereke abantu bashobora kugira imisozi yabo amashamba akingiwe ko bobatera intege. Umushikiranganji yabishuye ko aboba bavyifuza Reta yobafasha cane kugera no kuvyigwa, ikabaronsa n’abahinga ataco ibasavye. Abakenguzamateka bahejeje guca hirya no hino iyo nteguro y’ibwirizwa baciye bayemeza ijana kw’ijana.

Anitha Bizimana

Christine Manirambona 

Ouvrir