Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abana b’abigeme bakwiye kwitwararikwa n’abavyeyi mu bihe vy’ubutinyanka

 

pdaKuja mu butinyanka si uguhumana ahubwo ngo ni agateka abakenyezi n’abigeme batewe,ivyo vyashikirijwe ikinyamakuru Ubumwe na Alain Joseph Hatungimana ajejwe gukurikirana ibibazo vy’urwaruka n’abakenyezi mw’ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere amagara y’imibano n’iterambere SaCoDé  risanzwe rifise icicaro mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe igihugu c’ubufaransa.Hari kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2018.Kuja mu butinyanka si uguhumana ahubwo ngo ni agateka abakenyezi n’abigeme batewe,ivyo vyashikirijwe ikinyamakuru Ubumwe na Alain Joseph Hatungimana ajejwe gukurikirana ibibazo vy’urwaruka n’abakenyezi mw’ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere amagara y’imibano n’iterambere SaCoDé  risanzwe rifise icicaro mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe igihugu c’ubufaransa.Hari kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2018.Iryo shirahamwe ngo ryatanguye mu mwaka w’2011,ritangurana n’umugambi bise isuku aho hari mu ntumbero yo kugira bashobore kwigisha abanyagihugu ingene boshobora kubungabunga amagara yabo bongere bafashe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu kwigisha ibijanye n’isuku mu gihugu cacu c’uburundi kuko ariyo ntango y’imibereho myiza.Imigambi rero yabo ngo yitaho ibibazo vy’abakenyezi n’urwaruka cane cane abana b’abigeme.Bipfuje guherekeza urwaruka cane cane bafatiye kuri kamere yabo. Aho rero  bahamagarira abavyeyi kumenya ivyo abana bakeneye n’ivyo abavyeyi bokenera ku bana.Hatungimana amenyesha ko bashobora kurinda abigeme kujuragirika cane cane bafatiye ku buzima ndoragitsina. Barabigisha rero gutunganya imigambi ibafasha kubaho neza.

Barigisha kandi urwaruka uko bokwiyungunganya mu migambi mitomito y’iterambere.Iryo shirahamwe  ryishinze guteza imbere amagara y’abantu kugira bashike kw’iterambere, ribona ko abana b’abigeme bokwama bubahirizwa kandi bagafashwa mu bihe bari mu butinyanka.Aho ngo niho iteka ry’umwana w’umwigeme rihagaze kandi niho rihera.Aho rero ngo umwana w’umwigeme yokwubahirizwa mu miryango yose.Umwe wese agaterera uko abishoboye.Muri iryo shirahamwe  baraharanira kwigisha ubuhinga bwo kugira isuku bafatiye ku buryo abarundi babayeho.Baratanga inyigisho bashimikiye kw’iteka ry’umwana w’umwigeme aho usanga urwaruka n’abakenyezi keshi bibagirwa mu bijanye n’ugufashwa. Iteka ry’umwigeme,inyifato ibereye,isuku ku mubiri,mu vyambarwa,mu bikoresho,barabaha inyigisho bagashimikira kw’irondoka rijanye n’amagara meza,ukuntu botandukanya imvyaro bakoresheje uburyo kama,aho naho ngo babicisha mu migwi yo kuziganya no kuguranana,ukuntu bakoresha iyo ngurane. Ingurane rero ngo si amahera yo kwinezereza ariko ifasha kwiteza imbere.Umugambi bise “iterambere” aho ngo bigisha urwaruka ruhejeje ama kaminuza rutagira akazi bakabigisha kugira isuku mu mahoteri,ivyo bituma bagira ico bakora. Ivyo bibafasha kuba bararonka ico bakora mu kurindira gushikira ivyo bipfuza.Hari kandi umugambi bise “hinduka uhindure abandi”,ni ivyo bise “ishure ry’inyenyeri mu karere” bise mu rurimi rw’igifaransa«ceinture chorera» mu kiyaya c’imbo.Babafasha kugira isuku ku mitumba, mu ntara za bubanza,cibitoke no mugisagara ca Bujumbura.Bashimikira kw’isuku ryo ku mashure.Hari umugambi bise kandi “agateka” ukomeye cane muri iryo shirahamwe kuko ufatiye ku butinyanka, ikintu kitavugwa kuko umenga uwagiye mu butinyanka yahumanye mu mico y’ikirundi. Kera babashira mu kanogo.Harageze igihe abigeme bakoresha ibishambara mbere rimwe na rimwe usanga bicafuye.Aho ngo ni kubera abana batinya kuyaga n’abavyeyi. Ibitenge canke ivyahi bahavuye baza barakoresha wasanga ari ibintu bigumye kandi bicafuye.Iyo micafu rero ngo ishobora kwonona agahimba kari mu gitereko aho bishobora gutuma umukenyezi yibungenze agira ingorane.Aho babereka ukugene yovyakira kandi akabandanya abibamwo,barabubahura,bakabafasha kwiyakira mu buzima bwabo. Aho rero ngo barashika na ruguru bagafasha abigeme bakabaha agatambara bise cotex. Bisunze icigwa bakoranye n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ako gatambara bise agateka kashobora kumara imyaka itanu.Ako gatambara gashobora gukoreshwa igihe kirekire.Kubera rero abigeme bamwe bamwe bakoresha ibishambara kubera ubukene ngo birashobora kubatera indwara zitari nke zivuye kw’isuku rike. Aha twovuga nkakanseri yo mu gitereko,mbere bigashika akaba n’ingumba kubera imyanda yagiye iribika. Bamenyesha ko bafasha kurera abana b’abigeme bakabigisha inyifato aho usanga abavyeyi badaha akanya abana babo ngo bayage ibijanye n’ubuzima.Kuvyara umwana rero ngo ni kimwe kumurera naho benshi usanga bibagora aho usanga umenga umwana yabaye ruhebwa.Iryo shirahamwe rero ngo rirafasha abavyeyi mu kurera urwaruka. Mukurangiza, Hatungimana aramenyeshako bagiye kubandanya bigisha urwaruka mu bihe vy’uburuhuko.Barashimira kandi abo bose bitanga kugire baharanire agateka k’umwigeme mu Burundi.           

Nzosaba Ferdinand (Uwimenyereza)

Ouvrir