Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Hari icizere c’uko ibibazo vyugarije abunguruza abantu ku mapikipiki bigiye gutorerwa inyishu

 

DSC hh0042Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji  bwo gutwara  abantu n’ibintu Consolateur Nitunga arahumuriza abatunzwe n’umwuga  wo kwunguruza ku mapikipiki ko ibibazo bari batuye ubushikiranganji arongoye bijanye no kugabanirizwa amande y’ibirarane bafise ku mpapuro ndangapikipiki vyo kuva mu mwaka w’2015 bigiye gutorerwa inyishu vuba.Hari mu kiganiro yahaye  ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya  29 Myandagaro 2018. Consolateur  Nitunga yavuze rero bivanye n’ibihe igihugu caciyemwo mu mwaka w’2015, abunguruza abantu ku mapikipiki batigeze bakora bafise impapurondanga pikipiki . Amategeko nayo ngo aratomora ko iyo umuntu ariko arakora atayisunze hariho amande ategerezwa gutanga.Iryo tegeko ngo rivuga ko umuntu ariha amande y’amafaranga 200 y’impapuro ndangapikipiki na 200 yo gusuzuma uko ipikipiki ikanitse  ku munsi ku munsi.Ngo basanze amande yokwinjira mu kigega ca Reta ku mwaka angana n’amafaranga 14.4000 kw’ipikipiki imwe. Consolateur Nitunga yabandanije avuga ko baravye ibitigiri vy’amapikipiki bafise bingana n’15000, amande yokwinjira mu kigega ca Reta akaba ari menshi.

Ariko ngo nk’uko abunguruza bantu ku amapikipiki  babisavye mu nama babagirishije ngo bobacira inkoni ngufi,mu kubagabaniriza ayo mande.Rero ngo ibintu biriko biraca mu nzira bitegerezwa gucamwo.Ngo bikaba biri mu cegeranyo barungikiye umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu, nawe akaba yabihaye umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta,ubu bikaba biri mu kigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi (OBR).Nitunga akamenyesha ko barindiriye inyishu yabo muri OBR, kugira bazoce bayimenyesha abunguruza abantu ku mapikipiki , ngo bazobaha indwi 2 kugira babe bahejeje kuyariha ace yinjira mu kigega ca Reta.Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji  bwo gutwara  abantu n’ibintu Consolateur Nitunga arahumuriza abatunzwe n’umwuga  wo kwunguruza ku mapikipiki ko ibibazo bari batuye ubushikiranganji arongoye bijanye no kugabanirizwa amande y’ibirarane bafise ku mpapuro ndangapikipiki vyo kuva mu mwaka w’2015 bigiye gutorerwa inyishu vuba.Hari mu kiganiro yahaye  ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya  29 Myandagaro 2018. Consolateur  Nitunga yavuze rero bivanye n’ibihe igihugu caciyemwo mu mwaka w’2015, abunguruza abantu ku mapikipiki batigeze bakora bafise impapurondanga pikipiki . Amategeko nayo ngo aratomora ko iyo umuntu ariko arakora atayisunze hariho amande ategerezwa gutanga.Iryo tegeko ngo rivuga ko umuntu ariha amande y’amafaranga 200 y’impapuro ndangapikipiki na 200 yo gusuzuma uko ipikipiki ikanitse  ku munsi ku munsi.Ngo basanze amande yokwinjira mu kigega ca Reta ku mwaka angana n’amafaranga 14.4000 kw’ipikipiki imwe. Consolateur Nitunga yabandanije avuga ko baravye ibitigiri vy’amapikipiki bafise bingana n’15000, amande yokwinjira mu kigega ca Reta akaba ari menshi. Ariko ngo nk’uko abunguruza bantu ku amapikipiki  babisavye mu nama babagirishije ngo bobacira inkoni ngufi,mu kubagabaniriza ayo mande.Rero ngo ibintu biriko biraca mu nzira bitegerezwa gucamwo. Ngo bikaba biri mu cegeranyo barungikiye umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu, nawe akaba yabihaye umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta,ubu bikaba biri mu kigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi (OBR). Nitunga akamenyesha ko barindiriye inyishu yabo muri OBR, kugira bazoce bayimenyesha abunguruza abantu ku mapikipiki , ngo bazobaha indwi 2 kugira babe bahejeje kuyariha ace yinjira mu kigega ca Reta. Ku kibazo c’uko Ugusuzumisha amapikipiki uko akanitse mu gisagara ca Bujumbura bibera muri komine ya Ntahangwa gusa kandi ipikipiki zo muri komine Muha na Mukaza zitarekuriwe kujabuka ibiraro, Consolateur Nitunga yishuye ko iyo ngingo yari yafashwe ku mvo z’umutekano bazobandanya bayivugana n’ubuyobozi bukuru bwa OTRACO kugira barabe ico bokora kugira izo ngorane zihere.Ku bijanye n’ibibanza vyo hagati mu gihugu bikorerwamwo isuzumwa ry’amapikipiki biri mu ntara za  Gitega, Ngozi na Bururi gusa, yamenyesheje ko hari umugambi wo gutegura ikibanza kimwe (guichet unique) kizotunganirizwamwo ibikorwa vyaba ivyo gusuzuma impapuro ndangapikipiki,  ivyo kuronswa uruhusha rwo kugendesha imodoka n’ipikipiki, ngo baraciga ingene vyogenda kugira bashobore gufasha abanyagihugu batarinze kuja mu gisagara ca Bujumbura.

Alice Niyoyigirira(uwimenyereza)

Ouvrir