Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe « Air Tanzanie » rigiye gusubira gukorera mu Burundi

DSC 0ggg244Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, Jean Bosco Ntunzwenimana amenyesha ko ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu mu ndege « Air Tanzanie » » ryo mu gihugu ca Tanzaniya, rigiye gusubira gukorera i Bujumbura mu Burundi, indege y’iryo shirahamwe igakorera mu Burundi  gatatu mu ndwi, rero ngo hazoba akarusho kanini ku gihugu c’Uburundi n’abarundi. Ivyo  akaba yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2018 mw’ijambo yashikirije mu birori vyo kwugurura ingendo z’indege z’iryo shirahamwe « Air Tanzanie ».Nk’uko Jean Bosco Ntunzwenimana yabandanije abivuga, ngo kubona iryo shirahamwe ryarasubiriye gutunganya ingendo i Bujumbura ni ikimenyetso c’uko Reta y’Uburundi n’igihugu ca Tanzanya bifitaniye imigenderanire myiza kandi ko mu Burundi harangwa amahoro n’umutekano. Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, Jean Bosco Ntunzwenimana amenyesha ko ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu mu ndege « Air Tanzanie » » ryo mu gihugu ca Tanzaniya, rigiye gusubira gukorera i Bujumbura mu Burundi, indege y’iryo shirahamwe igakorera mu Burundi  gatatu mu ndwi, rero ngo hazoba akarusho kanini ku gihugu c’Uburundi n’abarundi. Ivyo  akaba yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2018 mw’ijambo yashikirije mu birori vyo kwugurura ingendo z’indege z’iryo shirahamwe « Air Tanzanie ».Nk’uko Jean Bosco Ntunzwenimana yabandanije abivuga, ngo kubona iryo shirahamwe ryarasubiriye gutunganya ingendo i Bujumbura ni ikimenyetso c’uko Reta y’Uburundi n’igihugu ca Tanzanya bifitaniye imigenderanire myiza kandi ko mu Burundi harangwa amahoro n’umutekano. 

Yaciye amenyesha ko na Reta y’Uburundi irongowe na Prezida NKURUNZIZA yama irondera kugiriranira imigenderanire myiza n’ibihugu bibanyi. Ngo indege y’ishirahamwe « Air Tanzanie » zotwara ingenzi ziva i Bujumbura zigenda i Kigoma canke izibandanya zigenda i Dar Es Salaam. Ivyo rero ngo bizotanga akunguko kanini ku gihugu kuko kugira umuntu ashike i Dar Es Salaam yarinda guca kure, kandi ngo iyo ndege izogenda gatatu mu ndwi ku munsi wa kabiri, ku wa kane no ku munsi w’Imana. Yaciye amenyesha ko akunguko kazobaho ari uko itike rizogabanuka kuko amahera y’itike yahora akoreshwa umuntu aciye i Kigali canke i Nairobi kugira ashike i Dar Es Salaam azogabanuka cane, abadandaza benshi ngo bazoba bafise umwanya wo kuja kuraba ibintu vyabo, hanyuma kandi ngo n’imigenderanire y’abatanzaniya n’abarundi izokwiyongera. Ikindi yamenyesheje ni uko ikiguzi c’itike ku wuzoba avuye i Bujumbura agiye i Dar Es Salaam atagaruka azoba ari amadorari 252, nayo uwuzoba avuye i Bujumbura agiye agaruka nawe akaba amadorari 459. Icegera c’umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu mu gihugu ca Tanzaniya, Justus Nditije nawe mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko igihugu ca Tanzaniya kizokwama hafi igihugu c’Uburundi mu kugishigikira mu migambi y’iterambere. Ngo umuhora wa Kigoma-Dar Es Salaam uzofasha ivyo bihugu bibiri mu bijanye n’ubudandaji arico gituma uko gusubira gukora kw’iyo ndege kuje hageze na cane cane mu bijanye no guhanahana ibidandazwa no gufashanya.Ikindi yamenyesheje ni uko ari uburyo bwo guhuza Uburundi n’ibindi bihugu vyo kw’isi kandi ko iryo shirahamwe rizofasha ivyo bihugu bibiri guhiganwa n’ayandi mashirahamwe yo kwunguruza abantu n’ibintu mu ndege.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir