Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uruhara rw’ibimenyeshamakuru ni ntangere mu gutsimbataza demokarasi

 

77788Kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018, ishirahamwe rihurikiyemwo abagira ubushakashatsi,  kumenyesha amakuru, abaserukira ama Reta mu gutanga umurongo mu bimenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru (East African Communication Association) rifadikanije n’ubuyobozi bwa Kaminuza yitiriwe Umuco y’i Bujumbura baratunganije inama y’iminsi 3 igira umunani y’iryo shirahamwe  mu ntumbero yo kurabira hamwe uruhara rw’abamenyeshamakuru mu gutsimbataza demokarasi mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko(EAC).Iyo nama ikaba  yuguruwe   n’Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018, ishirahamwe rihurikiyemwo abagira ubushakashatsi,  kumenyesha amakuru, abaserukira ama Reta mu gutanga umurongo mu bimenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru (East African Communication Association) rifadikanije n’ubuyobozi bwa Kaminuza yitiriwe Umuco y’i Bujumbura baratunganije inama y’iminsi 3 igira umunani y’iryo shirahamwe  mu ntumbero yo kurabira hamwe uruhara rw’abamenyeshamakuru mu gutsimbataza demokarasi mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko(EAC).Iyo nama ikaba  yuguruwe   n’Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama yarashimiye kaminuza  y’umuco y’iBujumbura yiyumviriye gutegura ico gikorwa aca asaba n’ayandi mashure na  kaminuza ko yoyifatirako  akarorero ariko bakabikora babirabisha ku rwaruka rwo Burundi bw’ejo.

Yamenyesheje  ko Reta y’Uburundi ishigikiye mwene  ivyo bikorwa kandi ataco itazokora ngo ifate mu mugongo abazobitunganya .Icegera c’uwurongoye kaminuza yitiriwe Umuco , Yves Ndayikunda yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’iyo nama yerekeye Demokarasi kuko ibimenyeshamakuru ari ishiga ryayo kikaba arico gituma muri iyo namamu bindi bisata vyo  hatumiwemwo abahinga bo mu bimenyeshamakuru no guhanahana  , abaserukira intwaro mu bihugu vy’akarere ka Afirika mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa kugira  demokarasi  ikomere mu karere, amahoro asasagare hibagirwe  guterana imirarwe canke kurabana ribi.Yabandanije amenyesha ko ari intambwe ku Burundi  kandi bishimiye kubona iyo nama yabereye hano mu gihugu c’Uburundi,  agashima ubwitange bwa  kaminuza yitiriwe Umuco  yayitunganije. Iyo nama izogira ikimazi rero kubayitavye kuko hari igihe hahora haduka ukutumvikana muri kano karere ariko bafise icizere ko bitazosubira kuko mu vyigwa bazokwiga muri iyo minsi 3 harimwo ukuntu umuntu ashobora gutanga canke kwakira inkuru adatirimukije mugenziwe kuko hariho abitiranya kumenyesha amakuru no gutanga inkuru kandi   bitandukanye ariko bikorera hamwe.Kukaba nkako rero ngo abantu mu gutanga inkuru canke amakuru bobanza kuraba ibihe n’ivyo barimwo bagatanga inkuru batongeyeko canke ngo bakureko, bamenye  uko demokarasi ikora, umwe wese amenye ikibanza ciwe.

Josélyne Ndayegamiye                                                                             

Ouvrir