Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka Amazina 7 y’abagiye kwinjira mu murwi w’igihugu mushasha ujejwe gutunganya amatora CENI yaremejwe

4445Kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro 2018, mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka haratunganijwe igikorwa co kwemeza amazina 7 y’abagiye kwinjira mu murwi mushasha w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI.Kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro 2018, mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka haratunganijwe igikorwa co kwemeza amazina 7 y’abagiye kwinjira mu murwi mushasha w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI.Abashingamateka bemeje abagiye kwinjira mu murwi CENI bagenzi babo bo mu runani “Amizero y’abarundi” basohotseKu wa 29 Myandagaro 2018, rero Inama Nshingamateka yaremeje rero urutonde rw’amazina 7 y’abagiye kwinjira mu murwi mushasha w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) yarungitswe n’Umukuru w’igihugu. Ayo mazina akaba yemejwe ku majwi 91 kuri 92. Kuri ayo majwi, 87 bari bahari hamwe na 5 bari batumye, ni ukuvuga ibice 98,9%. Ivyo bikorwa vyo kwemeza ayo mazina, vyari birongowe n’Umukuru w’urwo rwego, Pascal Nyabenda, ariko abashingamateka bo mu runani Amizero y’abarundi bakaba bemeje ayo mazina basohotse. Nk’uko Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda yatanguye abishikiriza, ngo yisunze ingingo ya 90 na 91 y’ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi, izo ngingo ziravuga amabanga y’uwo murwi hamwe n’uko igitigiri c’abo bagize uwo murwi cavuye kuri 5 uja kuri 7. Abo bagize uwo murwi, bagatorwa ku majwi 50% guteranya ijwi rimwe, ni ukuvuga ku bice 51%. Inyuma y’igikorwa co kuraba umwidondoro w’abo bagiye kugira umurwi CENI, Umukuru w’Inama Nshingamateka yisunze itegeko ngenderwako rigenga Inama Nshingamateka y’Uburundi mu ngingo yaryo ya 70, agace karyo ka mbere, yamenyesheje ko ayo matora ashobora kuba ku mugaragaro canke mw’ibanga. Abo bagiye kugira umurwi CENI bakaba batowe mw’ibanga, aho bandika ku rupapuro Ego canke Oya.Ayo mazina y’abagiye kwinjira umurwi CENI nayo akaba ari: Philippe Nzobonariba, Jean Anastase Hicuburundi, Pierre Claver Kazihise, Hyacinthe Niyonzima, Annonciate Niyonkuru, Serges Ndayiragije na Margueritte Kamana. Annonciate Niyonkuru akaba yahora ari icegera c’uwahora arongoye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora, ugiye gusubirirwa n’uwo waraye utowe. Jean Anastase Hicuburundi nawe nyene akaba yahora muri uwo murwi nyene. Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda yarashimiye abashingamateka bitavye ico gikorwa, kubera igikorwa baranguye mu gitondo co ku wa 29 Myandagaro 2018 ngo ni igikorwa c’iteka kubera ko uwo murwi uhambaye mu buzima bw’igihugu. Uwo murwi ujejwe guhagararira amatora , gutyo hakaba kubisikanya kw’inzego. Inyuma y’ico gikorwa co kwemeza urwo rotonde, Pierre Célestin Ndikumana wo mu runani Amizero y’Abarundi yamenyesheje ko kubona batitavye ico gikorwa ngo vyatumwe n’uko batabajijwe kugira batange abantu bipfuza ko bobaserukira muri uwo murwi.  Urwo runani rero ngo ntibigeze babazwa kugira batange abantu bipfuza ko babaserukira. Vyongeye, ngo bihweje amazina yabagiye kugira uwo murwi CENI, ngo basanga harimwo umugambwe ufise abashingamateka 2 ariko muri uwo murwi ufisemwo abawuserukira 2, aho ni mu gihe urunani Amizero y’Abarundi rufise abashingamateka 25 ruserukiwe muri uwo murwi n’umuntu umwe gusa, nawe ni Serges Ndayiragije asanzwe ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri kino gihe.
Abakenguzamateka nabo nyene baremeje ayo  mazina 7 y’abagiye kwinjira mu  murwi  CENI.
Amazina y’abagiye kwinjira mu murwi CENI ahejeje kwemezwa n’Inama Nshingamateka, uwo munsi nyene yarongeye ashikirizwa Inama Nkenguzamateka ; nayo nyene ikaba yarayemeje.Yemejwe n’abakenguzamateka 39 harimwo 5 batumye.

Déo Misigaro

                                                   

                                          

 

Ouvrir