Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe CECAD ryaratanze intererano y’amatora yo mu 2020 ingana n’amahera 210.086.756

 

ghftAbagize urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ryo kuziganya no kugurunana ry’abasirikare (CECAD) barishikiye  mw’Ibanki nkuru y’igihugu (BRB) mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyavuye mu nama ya bose yabaye ku wa 22 Ruheshi 2018 aho yafashe ingingo yo kwitaba akamo Reta yateye abarundi ngo baterere amatora yo mu mwaka w’2020. Iyo nama ikaba yafashe ingingo yo gutanga intererano y’amatora yo mu 2020 ingana n’210.086.756.Abagize urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ryo kuziganya no kugurunana ry’abasirikare (CECAD) barishikiye  mw’Ibanki nkuru y’igihugu (BRB) mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyavuye mu nama ya bose yabaye ku wa 22 Ruheshi 2018 aho yafashe ingingo yo kwitaba akamo Reta yateye abarundi ngo baterere amatora yo mu mwaka w’2020. Iyo nama ikaba yafashe ingingo yo gutanga intererano y’amatora yo mu 2020 ingana n’210.086.756.Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’urwego nshingwantwaro rwa CECAD , Jenerali Audace Nduwimana igihe yariko arashikiriza icese ayo mahera ku wa 31 Myandagaro 2018, mw’Ibanki nkuru y’igihugu (BRB) ari kumwe n’umuyobozi mukuru wa CECAD Viator Munyankindi hamwe n’abandi abagize urwego nshingwantwaro. Ayo mahera yatanzwe rero n’ishirahamwe CECAD yashikirijwe hakurikijwe ingingo ya Reta yo ku wa 11 Kigarama 2017 yerekana ukugene abanyagihugu boterera mu gutunganya amatora yo mu mwaka w’2020 mu ngingo yayo igira 3 ivuga ko amashirahamwe abwirizwa guterera. Ingingo y’urwego nshingwantwaro yo ku wa 22 Ruheshi 2018 yashinze yuko ishirahamwe CECAD  ryoterera igice c’inyungu yaryo yo mu mwaka w’2017. Bakurikije ingingo y’icenda y’itegeko ryo guterera amatora yo mu 2020, bategerezwa gushira ayo mahera kuri konte n°1110/267 yuguruwe mw’Ibanki nkuru y’igihugu BRB yitwa «Intererano y’amatora yo mu 2020». Yamenyesheje kandi ko iyo ntererano ifise insiguro zitatu: ubwa mbere abasirikare n’imiryango yabo bashaka kwifatanya n’abandi barundi mu guterera kugira amatora yo mu 2020 azogende neza. Ubwa kabiri, ishirahamwe CECAD riboneyeho akaryo ko gushimira Reta y’Uburundi ku kugene idahengeshanya gufata mu mugongo iryo shirahamwe, ari naco catumye ritera imbere.Ubwa gatatu, abanywanyi b’ishirahamwe CECAD bariyemeje kwama no kuguma bafata iya mbere mu kwubahiriza ubwigenge bw’igihugu kandi bipfuza ko amatora yo mu 2020 yoba ku mugaragaro kandi akazoba atekanye.

Epitace Nduwayo 

Ouvrir