Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambwe CNDD-FDD urashimira Imana ku bitangaza idahengeshanya kuwukorera n’Uburundi

scnMu ntumbero yo gushimira Imana ku vyiza idahengeshanya kubagirira, umugambwe CNDD-FDD waratunganije amasengesho ku wa 30 Myandagaro gushika ku wa 1 Nyakanga 2018. Abategetsi batandukanye b’aha mu gihugu  nabo nyene bakaba bari bahishikiye. Icivugo c’ayo kikaba cari : « Hahigwa ihanga rifise Uhoraho kw’Imana yaryo, ubwoko yitoranirije kuba ishamvu yiwe. » cavuye muri Zaburi 33 akarongo ka 12. Ayo masengesho akaba yabereye mu ngoro nkuru y’uwo mugambwe iri muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.Mu ntumbero yo gushimira Imana ku vyiza idahengeshanya kubagirira, umugambwe CNDD-FDD waratunganije amasengesho ku wa 30 Myandagaro gushika ku wa 1 Nyakanga 2018. Abategetsi batandukanye b’aha mu gihugu  nabo nyene bakaba bari bahishikiye. Icivugo c’ayo kikaba cari : « Hahigwa ihanga rifise Uhoraho kw’Imana yaryo, ubwoko yitoranirije kuba ishamvu yiwe. » cavuye muri Zaburi 33 akarongo ka 12. Ayo masengesho akaba yabereye mu ngoro nkuru y’uwo mugambwe iri muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.Mw’ijambo ry’ikaze, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD E variste Ndayishimiye, yatanguye guha ikaze abari bahashitse bose mu cubahiro cabo yongera ashimira abari batunganije ayo masengesho. Yifurije abari aho bose ko mu minsi ayo masengesho azomara , bazogenda baronse ivyo bifuza. Yarashimiye abateguye ico gikorwa ko batoye icivugo kijanye n’ubuhindure bw’ihanga ryemera riba uko Imana irirongoye. Ngo hahiriwe igihugu  Umukama abereye Imana, intara yitoreye ngo ibe icibare cayo. Nk’uko umuririmvyi wa Zaburi batoyemwo ico civugo abandanya abivuga, Umukama arayoberanya imigambi y’amakungu akagiriza ivyiyumviro vy’igihugu nk’uko biboneka neza muri zaburi ya 33 agace ka 10  ko ivyo Umukama akora ari ibitangaza. Umukama rero ngo yarakoreye abarundi ibitangaza bitari bike aho yaciye atanga akarorero k’igihe amakungu yari yabubarayeko bariko babaremereza urusyo gwitwa Lahe. Ngo bariko baravyiyamiriza, hariho ijambo rivuga ko aho bazoshikira i Genève Imana izobayoberanya indimi hanyuma ntihagire ico bashikako. Bukeye kabiri vyarabaye baragenda bagiye kubahigira ariko bashitseyo bavuga indimi nyinshi nka babandi bariko barubaka ikizu c’i Baberi. Abenshi barabonye ko ari igitangaza gikomeye kuko  iryo jambo ryari ryavugiwe  aha mu gihugu c’Uburundi. Yamenyesheje ko bihimbaye ko bakoraniye hamwe kuko ngo  bazanywe n’ijambo ryo gukengurukira Imana, ijambo ryo  kuronka ingaburo yo guhinduka. Yaribukije abari aho ingene Imana yabakoreye ibitangaza ikabaha kuyimenya no kuyitahura. Hari kw’igenekererzo rya 21 Nzero 2002 aho abagumwabanga bafata icemezo ko Imana bayihaye ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD. Aho hakaba hari  mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryari ryatunganijwe kuva ku wa 17 gushika ku wa 26 Nzero mu 2002 . Iryo sezerano ryarasubiriye rirashimangirwa mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryabereye i Gitega kuva kw’itariki 7 gushika ku 8 Myandagaro 2004 aho abagumyabanga bahindura umuhari CNDD-FDD ukaba umugambwe.

Iryo sezerano ryaciye riba akaramata ku bagumyabanga bose. Mugabo naho ryari isezerano ntabanduka ritazokwigera rizimangana, abagumyabanga bamwe bamwe baguma barifata nk’irisanzwe. Mu ntumbero rero yo gutsimbataza mu mitima yabo no kurigendera, ikoraniro kaminuza ryabereye i Gitega ku wa 20 Myandagaro 2016, abagumyabanga bashinze ingingo yuko umugambwe CNDD-FDD uzokwama ku mwaka ku mwaka utunganya amasengesho mpuzamadini  azomara iminsi itatu. Mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo yari ihambaye cane haratunganijwe amasengesho ku wa  16 gushika ku wa 18 Myandagaro 2017  mu ntara ya Gitega. Muri ayo masengesho niho abagumyabanga bemera icese ko bagiye gukorera Imana yo nsa. Baca bafata ingingo yo gushinga ibuye ry’icagirizi rizobagiriza mu gihe bahemukiye ayo masezerano. Kukaba nkako, ngo Imana niyo yabakuye mu magume bari bashizwemwo n’akarwi kari kaboheye amaboko i mugongo abarundi bafatanije n’abakoroni . Iryo sezerano rero ryarashimangiwe kandi n’inama ya komite nkuru  y’umugambwe yabereye i Ngozi ku ma genekerezo ya 9 na 10 Ntwarante 2018 hashirwako ko i Gitega ariho hashinzwe igicaniro c’isezerano kandi ko bazokwama bahahurira ku mwaka ku mwaka bisunze igenekerezo rya 21 Nzero rimwe nyene abagumyabanga bashinga icemezo ca mbere co gusezerana n’Imana. Yamenyesheje ko kuri uwo munsi bakoraniye hamwe mu ntumbero yo kubandanya bagendera mw’isezerano biyemeje baravye ivyiza Imana yabakoreye. Ngo bahuriye hamwe rero bariko bategura amasengesho adasanzwe azoba mu kwezi kwa Nzero umwaka wa 2019 bakurikije ingingo ya komite nkuru y’umugambwe. Baravye muri Yosuwa ikigabane ca 24 umurongo wa 24, ngo nibarenga kuri iryo sezerano rirya buye rizobagiriza kuko ryumvise amajambo yose bayaze n’Umukama Imana yabo muri ico kibanza ririmwo. Imana  yarafashije abarundi iciye ku butegetsi bwa CNDD-FDD mu guhagarika burundu intambara yari igisibije mu Burundi na cane cane ko abanyaporitike bari basinye amasezerano y’i Arusha bavuga ko ari ayo kugarukana amahoro ariko ayo mahoro ntaboneke. Imana rero ngo yarahejeje ica mu mugambwe CNDD- FDD haza amasezerano yo guhagarika intambara ica irahagarara burundu. Imana kandi yarasubiriye irarungikira Mutima Mweranda abarundi barasubiza hamwe ku buryo batakirabana akazuru mu nzira yo gukumirana no gutotezanya. Mu 2015 Imana yarongeye irakora ibitanganza mu kuburagiza abansi bangomba gutembagaza inzego ngo basubize iguhugu mw’ihumbi. Yasavye abari aho ko bokworohereza Imana kurangura umugambi ifise ku Burundi. Ngo nibamenye ko bafise umuhamagaro wo kwikorera nk’uko abatari bake mu bari bahari ari indongozi. Yashikirije ko indongozi zihamagariwe rero gutunganya neza umurima Imana yaziragije nk’uko ahari akanyamuneza ariho hari Imana. Ntakanyamuneza rero koba kahari mu gihe abarundi barenganywa bakanyagwa ivyabo babona canke mu Burundi harangwa ubukene ata terambere rihabazwa. Yabasavye ko kw’izina ry’Imana bohinduka bagahindura ingendo mu guhindura igihugu. Indongozi nizimenye ko ata kindi zijejwe atari gufasha Reta gutunganiriza abanyagihugu ngo bagume mu kanyamuneza. Yarangije amenyesha ko iyo minsi itatu y’amasengesho, yobabera iminsi yo kwisuzuma baheze bigaye bigire Inama yo guhinduka babe bashasha kandi bimwe biboneka. Abanyagihugu bose nabo iyo minsi, ngo nibabere iminsi yo kuba abahizi bagamburukire ababarongora mu nzira y’iterambere bame  bafise kumuzirikanyi ko Imana ikorana n’abahizi. Yarakengurukiye abari aho kubona bitavye ubutumire, amenyesha ko ari akanyamuneza ntangere mu mugambwe CNDD-FDD  kanatsinda ngo aho babiri canke batatu bakoraniye kubw’Imana nayo iba iri hagati yabo.    

  Gloriose Nshimirimana

 

Ouvrir