Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Itegeko nshikiranganji ritegekanya ingene amafaranga y’ishure azotangishwa ryarashizwe ahabona

 

Amanota angana na 35 kw’ijana ni yo yafatiweko kugira ngo abanyeshure bo mu gice ca mbere c’ishure shingiro bakoze ikibazo ca Reta co mu mwaka w’2018 kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’iryo shure. Ayo manota yashikirijwe n’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha ku wa 28 Myandagaro 2018 i Bujumbura. Ico gihe kandi Janvière Ndirahisha yamenyesheje ko amashure atunganya ivy’ubuhinga n’ayaramura abazoja kwigisha abandi n’amashure afise uburaro azokwakira abanyeshure baronse n’imiburiburi  amanota 55 kw’ijana. Ngo abaja mu mashure y’akarorero bazofatira ku manota azotangwa n’uko igikorwa co kuraba ingene abanyeshure barushanije intara ku ntara kirangiye. Ariko ngo ayo manota ntazoja munsi ya 55 kw’ijana. Yaciye aboneraho kandi akaryo ko gukeza amashure yabaye imbere y’abandi n’abanyeshure cumi baronse amanota arenga 90 kw’ijana.Amanota angana na 35 kw’ijana ni yo yafatiweko kugira ngo abanyeshure bo mu gice ca mbere c’ishure shingiro bakoze ikibazo ca Reta co mu mwaka w’2018 kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’iryo shure. Ayo manota yashikirijwe n’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha ku wa 28 Myandagaro 2018 i Bujumbura. Ico gihe kandi Janvière Ndirahisha yamenyesheje ko amashure atunganya ivy’ubuhinga n’ayaramura abazoja kwigisha abandi n’amashure afise uburaro azokwakira abanyeshure baronse n’imiburiburi  amanota 55 kw’ijana. Ngo abaja mu mashure y’akarorero bazofatira ku manota azotangwa n’uko igikorwa co kuraba ingene abanyeshure barushanije intara ku ntara kirangiye. Ariko ngo ayo manota ntazoja munsi ya 55 kw’ijana. Yaciye aboneraho kandi akaryo ko gukeza amashure yabaye imbere y’abandi n’abanyeshure cumi baronse amanota arenga 90 kw’ijana.Ico gihe kandi umushikiranganji Janvière Ndirahisha yaciye asohora itegeko nshikiranganji rigenga irihishwa ry’amafaranga y’ishure ryisunga uko amashure asumbasumbana gutanga ubumenyi. Muri iryo tegeko ryo ku wa 17 Myandagaro 2018 amashure aragabuye mu mirwi hisunzwe ibikenewe kugira ngo itangwa ry’ubumenyi ribe rishemeye.  Amashure ari mu murwi A azorihisha amahera y’ishure angana n’150.000 FBu, ayari mu murwi B azorihisha 90.000 FBu, ayari mu murwi C azorihisha 45.000 FBu, ayari mu murwi D azorihisha 30.000 FBu.Ku mashure shingiro ya Reta afise uburaro, abari mu gice ca kabiri c’ayo mashure bazorihishwa amafaranga y’ishure 7000 ku munyeshure n’36.000 FBu y’indaro ku munyeshure, ku gice c’ishure. Iyo ngingo kandi yerekeye amashure y’ubuvuzi ya Reta afise uburaro. Amashure shingiro ya Reta atagira uburaro, abari mu gice ca kabiri cayo basabwa amafaranga y’ishure angana n’7.000 FBu ku gice. Ngo amashure y’abigenga afise uburaro, amafaranga y’ishure n’ubwo buraro ntashobora kurenza 300.000 FBu ku gice mu gihe uburaro ari ubusanzwe n’1.000.000 FBu mu gihe uburaro ari ubuteye imbere. Ibigo vyongereza ubumenyi  vya Reta bizorihisha 10.000 FBu ku munyeshure, ku gice. Ibigo vya Reta bitanga inyigisho z’imyuga birihisha 5.000 FBu ku munyeshure, ku gice.Kuva mu mwaka wa mbere gushika mu wa gatandatu w’ishure shingiro, amashure ari mu murwi A azorihisha  150.000 FBu, ayari mu murwi B azorihisha 90.000 FBu, umurwi C uzorihisha 45.000 FBu mu gihe umurwi D azorihisha 30.000 FBu ku gice. Kuva mu mwaka w’indwi gushika mu mwaka w’icenda amashure ari mu murwi A azorihisha 180.000 FBu, umurwi B uzorihisha 125.000 FBu, umurwi C uzomarihisha 60.000 FBu, umurwi D uzorihisha 45.000 FBu. Nk’uko biri muri iryo tegeko amashure y’abigenga  atanga inyigisho z’ubuhinga asaba ibikoresho bizimvye cane, amashure ari mu murwi A azorihisha 200.000 FBu, ayari mu murwi B azorihisha 145.000 FBu, umurwi C uzorihisha 80.000 FBu, umurwi D uzobarihisha 60.000 FBu.

Amashure y’abigenga atanga inyigisho z’ubuhinga  asaba ibikoresho bizimvye, ayari mu murwi A azorihisha 185.000 FBu, umurwi B uzorihisha 130, umurwi C uzorihisha 65.000 FBu, umurwi D uzorihisha 50.000 FBu. Amashure y’abigenga atanga inyigisho z’ubuhinga asaba ibikoresho bitazimvye, ayari mu murwi A azorihisha amafaranga y’ishure ku gice angana 183.000 FBu, umurwi B uzorihisha 128.000 FBu, umurwi C uzorihisha   63.000 FBu, umurwi D uzorihisha 48.000 FBu. Amashure y’abigenga atanga inyigisho z’imyuga, ayari mu murwi A azorihisha 105.000 FBu, umurwi B uzorihisha 85.000 FBu, umurwi C uzorihisha 55.000 FBu, umurwi D uzorihisha 35.000 FBu.Ikindi co kumenya ni uko amashure n’ibigo vy’abigenga bitanga inyigisho zongereza ubumenyi azokwaka 20.000 FBu mu mwaka wanyuma. Nk’uko twabikuye mw’itegeko ry’umushikiranganji w’indero n°620/630 ryo ku wa 17 Mukakaro 2018, ibisata vyose vy’amashure y’abigenga atanga inyigisho z’ubuganga, amafaranga y’ishure harimwo minerivare ntashobora kurenga 160.000 FBu ku munyeshure, ku gice. Ibisata vyo kurondera mu buhinga bwa none ibijanye n’indwara bikarihirizwamwo ubwenge abakurikirana ivyo ubuvuzi ntivyaka minerivare. Birihisha amafaranga afasha kuba hafi abo banyeshure angana 90.000 FBu ku munyeshure, ku gice c’ishure.

Nathan Ntahondi

Ouvrir