Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama nkenguzamateka iranegura ingendo y’Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya yo gukandamiza Uburundi

 

1230Inyuma y’aho Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya ikoranye ku wa 5 Mukakaro 2018 kugira isohore urwandiko ruraba Uburundi, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi nayo yaciye ikorana ku wa 28 Mukakaro 2018 irongowe n’umukuru wayo Réverien Ndikuriyo kugira itange inyishu ifatiye kuri urwo rwandiko.Inyuma y’aho Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya ikoranye ku wa 5 Mukakaro 2018 kugira isohore urwandiko ruraba Uburundi, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi nayo yaciye ikorana ku wa 28 Mukakaro 2018 irongowe n’umukuru wayo Réverien Ndikuriyo kugira itange inyishu ifatiye kuri urwo rwandiko.Nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye umugwi ujejwe ibijanye n’amategeko mu Nama Nkenguzamateka Martin Niteretse, abarundi ngo baramaze gutera intambwe ariko uwo murwi ubona ko abo baserukira Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya mu gusohora urwo rwandiko ari iyindi nteguro bariko baragira kugira bagume bagirira nabi Reta y’Uburundi mu gihe ibindi bihugu biguma bikeza Reta ku ntambwe igezeko. Niteretse amenyesha ko ico cegeranyo   kivuga vyinshi ku gihugu  c’Uburundi biza vyerekana ko abaserukira Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya  bataremera ko Uburundi bwateye intambwe cane cane ko  kigaruka no kw’Ibwirizwa Shingiro rishasha abene gihugu bitoreye. Uwuserukira uwo mugwi wari uramutse ushikiriza inama y’abakenguzamateka y’uburundi  inyishu y’ivyo uwo murwi washitseko, abona ko abo banyaburaya  basa n’abashaka gutegura inama ihuza ibihugu vya Afrika na Caraïbe n’ishirahamwe ry’abanyaburaya  kugira bace bafatira hamwe ingingo zo gukandamiza Uburundi muri kazoza.

Ni muri iyo ntumbero baciye bakorana kugira bashobore guca irya n’ino ibiri muri ico cegeranyo hanyuma bashobore gutanga  inyishu ibereye.  Uwurongoye Inama Nkenguzamateka Réverien Ndikuriyo yabanje kwibutsa ko abaserukira Inama Nkenguzamateka y’ibihugu vy’i Buraya batumiwe n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka kugirango baze kwirabira uko Uburundi bwifashe ariko ntibigeze bitaba ubwo butumire. Ivyo rero ngo bisigura ko abo baserukira Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya badaheza ngo bamenye neza uko igihugu cacu cifashe mu bijanye n’umutekano, poritike, iterambere n’imibano.Ndikuriyo yamenyesheje kandi ko abo baserukira Inama Nshingamateka y’ibihugu vy’i Buraya batigeze batera intambwe mu kuvuga neza igihugu c’Uburundi babone ivyiza ariko bagumye hahandi bo baguma bavuga ibibi gusa, ibitagenda neza mu gihe Uburundi bwateye intambwe iboneka mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Aho rero Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yerekana ko igihugu gitekanye inyuma y’aho inzego z’umutekano zihagaritse ihirikwa ry’ubutegetsi n’imyiyerekano vyahagaritswe  igenekerezo rya 13 Rusama 2015, ibandanya yerekana ko utwigoro tutari duke twakozwe mbere igashimira Reta ya tanzaniya ifashwe mu mugongo n’ishirahamwe rijejwe gutahukana  impunzi (HCR), aho kuva muri Myandagaro 2017 bashoboye gutahukana impunzi z’abarundi zingana n’35.000.Ku bijanye n’ibiganiro Inama Nkenguzamateka, irashima ikongera igakenguruka ko uruganda rw’abanyeporitike baserukira imigambwe b’abarundi ryabereye mu ntara ya Kayanza kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 2018 bakaba bashoboye gushika ku rupapuro rw’inzira ruzojana n’amatora yo mu 2020. Ku bijanye n’Ibwirizwa Shingiro rishasha Inama Nkenguzamateka yerekana ko ryatowe n’abenegihugu kandi ari iryabo kuko ari bo bashobora kwitorera abarongozi kandi bakongera bakabakura. Inama Nkenguzamateka ibandanya kandi yerekana ko ingingo zose zafashwe kugira bakingire abanyagihugu bongere barwanye uwo wese yoza ahungabanya umutekano w’igihugu. Abakenguzamateka bamaze guhinyanyura inyishu itomoye kugira bishure ivyasabwe n’abo bashingamateka bo mw’ishirahamwe ry’i Buraya, bakaba baciye bemeza iyo nyishu ni ukuvuga abakenguzamateka mirongo itatu na babiri bari bitavye n’indwi bari batumye, bose hamwe bakaba bangana na mirongo itatu  n’icenda. Iyo nyishu ikaba yemejwe ku bice ijana kw’ijana.

Nzosaba Ferdinand (Uwimenyereza) 
                                                                             

Ouvrir