Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amafaranga y’ishure ategekanijwe mu mashure yigenga azotangishwa hisunzwe itegeko rishasha

10Mu gihe Reta iherutse gushiraho indinganizo nshasha mu gutunganya bushasha amashure y’abikorera ivyabo, umugenduzi mukuru w’inyigisho mu mashure shingiro n’ay’inyuma yaryo ,Helménégilde Harimenshi amenyesha ko hazobamwo akarusho kanini kuko abarongoye amashure n’abayaserukira imbere y’amategeko bazohora bashinga amafaranga y’ishure bisunze itegeko rihari muri kino gihe. Ivyo yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE inyuma y’inama yari yatunganirijwe abayobozi b’amashure n’abayaserukira imbere y’amategeko kugira bamenyeshwe amafaranga y’ishure bazotangisha abavyeyi muri uno mwaka w’ishure w’2018 ushira uw’2019.Mu gihe Reta iherutse gushiraho indinganizo nshasha mu gutunganya bushasha amashure y’abikorera ivyabo, umugenduzi mukuru w’inyigisho mu mashure shingiro n’ay’inyuma yaryo ,Helménégilde Harimenshi amenyesha ko hazobamwo akarusho kanini kuko abarongoye amashure n’abayaserukira imbere y’amategeko bazohora bashinga amafaranga y’ishure bisunze itegeko rihari muri kino gihe. Ivyo yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE inyuma y’inama yari yatunganirijwe abayobozi b’amashure n’abayaserukira imbere y’amategeko kugira bamenyeshwe amafaranga y’ishure bazotangisha abavyeyi muri uno mwaka w’ishure w’2018 ushira uw’2019.

Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo iyo ndinganizo nshasha y’abikorera ivyabo bakorera mu gisata c’indero izotuma haba akunguko bivanye n’uko abasanzwe batunganya amashure y’abikorera ivyabo , umwe wese yahora ashinga amahera uko ashaka kumbure ugasanga n’ayo mahera bariko baraka abavyeyi ntagaragara mu nyigisho batanga n’ukuntu abanyeshure bamenya. Ngo iruhande y’ivyo amahera yahora yakwa abavyeyi, bamwe bamwe babigira nk’ihiganwa ugaca usanga kumbure baba bariko bakabura abandi ndetse umwe wese akarota aduza amafaranga,kandi ngo vyaheza bikaruhisha abavyeyi kuko baca bayatanga uko nyene. Niko guca amenyesha ko mu gutoza ayo mahera bazohora bisunga itegeko ririho ubu bakazoyaka bivanye n’ingene basanzwe batunganije ishure mu nyigisho zabo,mu gutanga inyigisho z’akanovera,ko riba ryarakoresheje uburyo buhanitse kugira rishobore gushiraho inyubako zaryo canke ko yoba ari ibikorwa bibayabaye, n’uko riba rifise ibikoresho bituma biga neza kandi bamenya, n’ibindi. Ivyiza rero ngo ni uko abavyeyi bazokwakwa  amahera asanzwe atunganijwe n’amategeko bigatuma kandi n’abarongoye amashure y’abigenga canke abayaserukira imbere y’amategeko badasubira kuduza amafaranga uko bashaka, bikazotuma kandi abavyeyi badasubira kugira umutima uhagaze ngo amafaranga y’ishure ashobora kuduga umwanya uwo ariwo wose. Ku bijanye n’abayobozi b’amashure batoba barashimye imirwi bisanzemwo, yamenyesheje ko boca nabo nyene bitunganya gushasha mu gukurikiza ibisabwa kuko ngo iyo itegeko risohotse riba rizwi kandi baba bariko barikorerako. Ikindi yamenyesheje ni uko abobona ko ayo mahera yagiye munsi y’ayari asanzwe atangishwa bobikora uko amategeko abisaba,  kuko ngo guca baheba ata nyungu babikuramwo.  Yaheraheje asaba abarezi kuguma ku kivi no gukora bashira imbere ineza y’igihugu n’abana.Hagati aho ikinyamakuru UBUMWE cagendeye ibibanza bimwe bimwe vyo hagati mu gisagara ca Bujumbura bidandarizwamwo ibikoresho vy’ishure. Abavyeyi bamwe cahasanze bariko barabigura bakaba bavuze ko bagereranije n’imyaka yahera ubu bitaborohera bivanye n’uko hari ubukene, ibiciro vy’ibikoresho navyo bikaba vyaraduze cane. Ahenshi ikinyamakuru cagendeye casanze ikaye y’impapuro 100 igurwa amahera 950, iy’impapuro 60 igurwa amafaranga 650, iy’impapuro 48 igurwa amafaranga 550, iyifise impapuro 36 igurwa amafaranga 500, nayo iy’ifise impapuro 24 igurwa amafaranga 400. Ikindi cahindutse ni uko imyambaro   y’ishure amafaranga yahora igurwa yaduze bagereranije no mu yindi myaka. Nk’umuvyeyi yitwa Joselyne Kamariza yaganiriye n’ikinyamakuru UBUMWE yamenyesheje ko bibagora kugura ivyo bikoresho kuko basanze vyaraduze ugereranije no ku mwaka uheze. Niko guca amenyesha ko ubu usanga bariko baragura ikaye imwe imwe kugira umwana atume aba araja kw’ishure kandi rero ivyo ngo bigira ingaruka mbi umwana mu kwiga kuko atabikoresho bikwiye aba afise. Ikindi yamenyesheje ni uko wewe yiyumviriye kuja kubigurira muri Kongo kuko ngo ariho bizimbutse. Yaciye asaba Reta ko yogerageza ibikoresho vy’ishure bakabikurako amatagisi kuko ariyo atuma biduga kandi hari hasanzwe hibonekeza ubukene mu banyagihugu. Abasanzwe badandariza muri ivyo bibanza nabo nyene bamenyesheje ko uko vyahora kera atariko biri muri uno mwaka kuko abavyeyi batariko baragura ibikoresho kubwinshi kandi amashure asigaje igihe gito ngo atangure, baca basaba Reta ko yogabanya amatagisi kuko babironka bizimvye abavyeyi nabo bakaza bavuga ko bizimvye.  Ikindi naco kibabuza kugura ibikoresho ngo ni uko gushika ubu abanyeshure batarakwiragizwa mu mashure(orientation), bituma batinya kubigura batazi iyo abana bazokwiga, bagasaba ko bobinyarutsa. Ikindi naco nuko n’abavyeyi ikinyamakuru UBUMWE casanze bariko baragura imyambaro y’ishure bamwe bamenyesheje ko bibagora kugura umwambaro urenga umwe canke mbere bakabiheba bivanye n’uko hari ubukene bw’amafaranga, nayo umudandaza yitwa Olivier Ndikumana wewe yamenyesheje ko igituma batagura ku bwinshi yibaza ko ari uko bataramenya igihe amashure azotangurira.

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir