Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amashirahamwe ya Reta n’ayo ifisemwo imitahe asabwa kwongereza inguvu kugira arwize umwimbu

 

ccvfAmashirahamwe ya Reta n’ayo ifisemwo imutahe asabwa kwongereza inguvu kugira arwize umwimbu. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore ku wa 31 Mukakaro 2018 mu nama yagirishije abarongoye ayo mashirahamwe mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe bagezeko mu gushira mu ngiro ivyo bari biyemeje kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2017. Amashirahamwe ya Reta n’ayo ifisemwo imutahe asabwa kwongereza inguvu kugira arwize umwimbu. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore ku wa 31 Mukakaro 2018 mu nama yagirishije abarongoye ayo mashirahamwe mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe bagezeko mu gushira mu ngiro ivyo bari biyemeje kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2017. Nk’uko Joseph Butore yabimenyesheje, ngo ibiro vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu vyari vyasavye ayo mashirahamwe mu nama yabaye ku wa 13 Kigarama  2017, kwari  ugukurikirana ibikorwa vy’amashirahamwe barongoye mu gutanga umwimbu. Niko guca amenyesha ko muri ayo mashirahamwe ayashika atanu (5) gusa harimwo ihingura ibinyobwa BRARUDI, ishirahamwe rijejwe guteza imbere uburaro mu bisagara (FPHU), ibanki BCB,  ibanki BANCOBU n’ishirahamwe  rijejwe gutunganya imirimo y’ikivuko ca Bujumbura GPSB :

Global Port Services Bujumbura) ariyo yashoboye gushikiriza inyungu. Yaciye amenyesha ko naho hariho amashirahamwe yashoboye gutera intambwe hakiriho n’ayandi atarabishikako, ivyo navyo ngo bigatuma Reta itabona inyungu mu mitahe iba yarashize muri ayo mashirahamwe. Yaranamenyesheje ko ku vyerekeye ivyiyumviro bitandukanye vyagiye birashikirizwa n’abo barongoye ayo mashirahamwe hisunzwe ivyari vyarashikirijwe mu nama yaheruka, yamenyesheje ko ibikenewe ari ukuraba ingene ayo mashirahamwe yoshira mu ngiro ivyotuma anaguka abarongozi nabo bagakurikiza amategeko, bakongera bakamenya ko abakozi bakorana bazi akazi bajejwe. Ikindi naco kijanye n’uko hari abashikirije ko amashirahamwe adatera imbere bivanye n’uko Reta ibafitiye amadeni manini ahubwo ngo bobanza bagafata ingingo zituma ababaheraniye batabandanya kubaheranira gusumba kuko kenshi usanga abayobozi b’ayo mashirahamwe bariko barinyegeza inyuma y’ivyo Reta ibafitiye kugira banyuruze amatungo ya Reta. Ikindi naco ngo boshira hamwe amadosiye yabagoye kwishuza bakayashikiriza inzego zibakurira kugira babafashe kwishuza. Yaheraheje abasaba gukora bivuye inyuma kuko inyishu nyamukuru ari ugukurikiza itegeko ry’Umukuru w’igihugu inomero 100/196 ryo mu 2016 rivuga ibijanye n’uko amashirahamwe ya Reta akora, nayo ivyerekeye ugutanga  amasoko ya Reta ngo ni ukuraba ko hatobamwo ka mwana wa mama.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir