Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Ibikorwa vyaranguwe mu gice ca mbere c’umwaka w’2018 birashimishije birashimishije

 

DSC00383Umushikiranganji  w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema amenyesha ko ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu gice ca mbere c’umwaka w’2018 bishimishije.Umushikiranganji  w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema amenyesha ko ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu gice ca mbere c’umwaka w’2018 bishimishije.Ivyo yabivuze mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018. Nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema yabimenyesheje muri ico kiganiro, ngo mu bijanye no gutwara neza baratanze ivyegeranyo 6 vy’ivyaranguwe mu kwezi kwa Mukakaro 2018, bijanye no gushira mu ngiro imigambi ya Reta mu bushikiranganji harimwo n’ibindi vyegeranyo vyagiye biratangwa. Ngo harakozwe ibikorwa bishika 8 mu bisata vyose vy’ubushikiranganji mu ntumbero yo guhimiriza abakozi kurwanya igiturire, gukorana neza no gutonda ku masaha ku kazi, ivyo ngo bikaba vyaranguwe ku bice 66 kw’ijana, hongera kandi hatunganywa ibikorwa bijanye n’uburimyi hamwe n’ubworozi. Ku bijanye no kwongereza umwimbu, mu gutunganya imyonga n’ibibanza bishashe, ngo amahegitari 1206 y’imyonga niyo yatunganijwe hamwe n’amahegitari 2308 yanywesheje amazi mu ntara ya Cibitoke. Muvyo gushira ahabona ivyankenerwa mu burimyi, idosiye  idondora ivyerekeye isoko ritangwa rijanye no kugura amatoni 250 y’ibigori vya kijambere hamwe n’amatoni 250 y’ibigori bisanzwe ngo niyo yakozwe, ivyo bikaba vyaranguwe ku bice 40 kw’ijana.

Ikindi cakozwe ni uko habonetse amatoni 30.000 y’ifumbire y’ikizungu hamwe na 7.800 y’ishwagara, bikaba vyaranguwe ku bice 64 kw’ijana, hongera haronderwa imiti yo kurwanya udukoko n’indwara zibangamira imirima navyo nyene bikaba vyaranguwe ku bice 85 kw’ijana. Ikindi naco cakozwe mu bijanye no kwongereza umwimbu, ngo haratewe imivyaro 100.000 y’amabungo  hamwe n’imivyaro y’ibiti vy’ivyamwa vyo mu bwoko bw’imicungwe bingana n’30.000. Yarongeye amenyesha ko ku bijanye no kwongereza ubworozi bw’ibitungwa hamwe n’ubw’ifi, habaye ivyo guhindura amaraso aho inka 8626 zimishijwe ku rushinge ku nka 10.000 zari zategekanijwe, bikorwa ku bice 86,26 kw’ijana. Ngo harongeye kandi himburwa utwana tw’ifi 70.000 kuri 150.000 twari twategekanijwe, hakaba hariko hubakwa inyanja 4 mu ntara ya Ngozi, muri Bujumbura na Karusi naho bikaba vyaranguwe ku bice 60 kw’ijana. Ku bijanye no kwongereza umwimbu w’ibiterwa bihingurwa biciye mu mahinguriro, amahegitari agera kuri 3.199 y’igiterwa c’ipampa yararimwe mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, na Rutana ku 3.342 yari yarategekanijwe. Ngo harongeye himburwa amatoni y’icayi kibisi 32.393 ku 52.945 yari yarategekanijwe hongera harimwa hegitari 450 y’amatuta y’icayi, bongera baronka amatoni agera kuri 126.171,6 y’ikawa hari hategekanijwe umwimbu ugera ku matoni 100.000. Mu bindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji ngo harabaye guhesha agaciro umwimbu wo mu burimyi n’ubworozi, bimwe mu vyakozwe ngo hakaba harubatswe inzu yo guhingura iforomaji mu ntara ya Karusi hamwe no guheraheza kwubakwa ibibanza bito bito 6 vyo kwegeranirizamwo umwimbu muri iyo ntara nyene. Ikindi yamenyesheje kijanye no guhesha agaciro umwimbu nuko amasoko 4 y’ibitungwa n’ibibanza 9 vyo kubagiramwo biriko birubakwa, ibibanza 2 bisanzwe vyo kubagiramwo navyo vyakomejwe, hakongera hakaba hariko haherahezwa ibigo 4 vy’isuzumiro ry’indwara z’ibitungwa kuri 5 vyategekanijwe mu ntara za Kirundo, Makamba, Cankuzo na Rutana. Yarongeye amenyesha kandi ko haranguwe ibijanye no guteza imbere ubushakashatsi bufatiye ku biterwa, ku bitungwa hamwe n’ubushakashatsi bufatiye ku buhinga mu bijanye n’imfungurwa. Mu bijanye n’ivyaranguwe mu gisata co kubungabunga ibidukikije, ngo harabaye ugutunganya amasoko y’amazi, kurwanya itosekara no gukuraho ivyonona ibidukikije, guteza imbere no gutunganya neza ibijanye n’amashamba, hamwe no gupima no gusubiza ku gihe ibipimo vy’umubumbe w’isi, gutunganya amakarata n’uburinganire bw’isi no gukurikirana abatanga amakuru ajanye n’ikirere. Yaheraheje amenyesha ko habaye uguhimiriza abakozi gukorera hamwe no kwishikira ku kivi, kurondera uburyo bujanye no kurwanya akaranda k’impene n’intama hamwe no gutunganya gushasha ubushikiranganji kugira ibikorwa biranguke neza.
Evelyne Niyonzima

Ouvrir