Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Intara ya Kayanza niyo yabaye iya mbere mw’ihiganwa ry’ikawa z’akanovera

 

DSC02597Kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2018 niho hatunganywa ibirori vyo gusozera ihiganwa ryo gutora ikawa z’akanovera kadasanzwe mu mwaka w’2018.Ivyo birori bikaba vyabereye mu gisagara ca Bujumbura birongowe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema, bikaba vyari vyitabwe n’abashitsi bakorera mu gisata c’ikawa barimwo n’abaguzi baje bava mu bihugu 14  arivyo : Ubushinwa, Uburusiya, Maleziya, Koreya y’Epfo, Ubuswise, Norvege,Ubuganda, Kenya,Ubuyapani,Tayiwane, Reta zunze ubumwe za Amerika,Hong Kong, Australie n’Ubwongereza.Kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2018 niho hatunganywa ibirori vyo gusozera ihiganwa ryo gutora ikawa z’akanovera kadasanzwe mu mwaka w’2018.Ivyo birori bikaba vyabereye mu gisagara ca Bujumbura birongowe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema, bikaba vyari vyitabwe n’abashitsi bakorera mu gisata c’ikawa barimwo n’abaguzi baje bava mu bihugu 14  arivyo : Ubushinwa, Uburusiya, Maleziya, Koreya y’Epfo, Ubuswise, Norvege,Ubuganda, Kenya,Ubuyapani,Tayiwane, Reta zunze ubumwe za Amerika,Hong Kong, Australie n’Ubwongereza.Twobamenyesha ko amakoperative yagiye mw’ihiganwa yari 41 ariko 29 akaba ariyo yaronse udushimwe. Muri ayo makoperative 29 nyene, indwi niyo yaronse udushimwe tudasanzwe bita mu mvugo  y’iryo higanwa « lot présidentiel ».Mw’ijambo ryashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema  ico gihe yaramenyesheje ko ikawa ari igiterwa ngirakamaro mu gihugu c’Uburundi haba ku barimyi b’ikawa kuko gifasha mw’itunga ry’imiryango n’iry’igihugu. Ngo ikawa riri mu biterwa bituma igihugu cinjiza amahera menshi y’agaciro, akaba arico gituma Reta y’Uburundi iriko ishiramwo inguvu zidasanzwe mu gukurikirana, mu kunagura no guteza imbere ico giterwa kugira haboneke umwimbu mwinshi w’akanovera. Reta y’Uburundi irashima kandi irashigikiye umugambi « CUP OF EXCELLENCE » kuko ufise intumbero nziza yo kumenyekanisha akanovera k’ikawa y’Uburundi mu makungu, biciye ku baguzi mvamakungu bitaba ihiganwa. Ngo uwo mugambi uraterera kandi mu bijanye no kuduza igiciro ku kiro c’ikawa yo mu Burundi, bigatuma haba akarusho ku murimyi yitanze atiziganya mu gukorera ico giterwa co kimwe n’abandi bose bitanze mu kubungabunga amatonorero n’amakoborero y’ikawa. Reta y’Uburundi ngo irashimira abakorera mu gisata c’ikawa bama bitanga batiziganya mu gutunganya iryo higanwa. Ngo kugira umwimbu n’akanovera vyiyongere gusumba , Reta isaba gukurikirana ikawa y’Uburundi narirya  yisangije akanovera kadasanzwe, kurondera amasoko menshi kandi meza bishobotse adafatiye kuri ca giciro mpuzamakungu c’ikawa, kurwiza imibonano n’abaguzi basanzwe bagura ikawa y’Uburundi canke n’abipfuza kuyigura kugira  bamenyekanishe akanovera kadasanzwe kayo ari nako kaduza igiciro cayo, kwemera  ko umurimyi w’ikawa ariwe shingiro ry’umwimbu, mu kumwama hafi mu bikorwa vyose bijanye no gukorera ico giterwa hamwe no kumuha igiciro gikwiye mw’igurishwa ry’ikawa ihishiye. Ngo abakorera mu gisata c’ikawa nabo basabwa gukorana n’abajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara hamwe n’abajejwe intwaro gushika ku rwego rwo ku mitumba kuko aribo bamana n’abarimyi. Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yarashimiye abo bashitsi baje  bava muri ivyo  bihugu twavuze arivyo:

Ubushinwa, Uburusiya, Maleziya, Koreya y’Epfo, Ubuswise, Norvege,Ubuganda, Kenya,Ubuyapani,Tayiwane, Reta zunze ubumwe za Amerika, Hong Kong, Australie n’Ubwongereza, bazanywe no gukurikirana akanovera k’ikawa y’i Burundi. Yarakeje abari bahejeje kuronswa impapuro zemeza ko muri abo bahinga  mu guhonja ikawa baranguye umurimo wabo neza haba ku rwego rw’igihugu canke mpuzamakungu. Yarakeje abarimyi b’ikawa  babaye aba mbere mu kanovera gasumba izindi.Aca aramenyesha  icese ko intara ya Kayanza ariyo yabaye iya mbere kubera berekanye ubuhinga budasanzwe mu gutegura no mu guhingura ikawa bakaba baronse amanota arenga 91 kw’ijana (91,43%). Ngo mu mwaka w’2018 akanovera kariyongereye cane ku buryo hatsinze ikawa zingana na 29 kuri 41 zari zahawe abahonji b’ikawa bo ku rwego mpuzamakungu. Ngo vyongeye ni ubwa mbere mu gihugu c’Uburundi baronka ikawa 7 (7 lots) aronka amanota arenga 90 kw’ijana (90%) arizo bita ikawa zidasanzwe « lots présidentielle ». Izo kawa zose zikaba zizogurishwa ku buryo budasanzwe mu kwezi kwa Nyakanga 2018 kuri bwa buhinga ngurukanabumenyi babifashijwemwo n’ishirahamwe risanzwe rikorana n’abakorera mu gisata c’ikawa mu Burundi, riri muri Amerika bita ACE « Alliance for Coffee Excellence ». Yarakeje abarimyi yongera arabatera intege ko bobandanya bakora neza kuko ari iteka ku gihugu. Yaboneyeho akaryo ko gutumira abarimyi b’ikawa bose  kubafatirako akarorero kugira umwimbu w’ikawa y’akanovera ubandanye wiyongera hanyuma barwize ikawa z’akanovera muri izo ntara zibonekejemwo batandukire n’izindi. Yarongeye arashimira ibanki y’isi yose yabafashe mu mugongo mu migambi itandukanye hamwe n’abadi bose. Ngo Reta izobaronsa imivyaro mishasha kuko ahenshi iboneka ko ishaje kandi itacimbuka. Yaravuze kandi ko Reta y’Uburundi izobaronsa ifumbire, imiti harimwo n’ibikoresho bitandukanye ibicishije mu mugambi wayo ujejwe guteza imbere ico gikorwa c’ikawa « PACSC »ufashwe mu mugngo n’Ibanki y’isi yose.                                                                 Thérèse Niyonkuru

Ouvrir