Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Reta Ibikorwa vyo kwubaka amabarabara mashasha no gusanura ayashaje vyaratunganijwe ku rugero rushimishije

 

wwwqUbushikiranganji bwo  gutwara abantu n’ibintu ,ibikorwa vya Reta, inyubako no gutunganya amatongo barashimishwa n’ivyo baranguye muri kino gice ca mbere c’umwaka w’2018 nk’uko vyamenyeshejwe  n’uwutwara ubwo bushikiranganji  Jean Bosco Ntunzwenimana mu cegeranyo yashikirije abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2018.Ubushikiranganji bwo  gutwara abantu n’ibintu ,ibikorwa vya Reta, inyubako no gutunganya amatongo barashimishwa n’ivyo baranguye muri kino gice ca mbere c’umwaka w’2018 nk’uko vyamenyeshejwe  n’uwutwara ubwo bushikiranganji  Jean Bosco Ntunzwenimana mu cegeranyo yashikirije abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2018.Yamenyesheje ko mu bisata vyose bikukira ubwo bushikiranganji ibikorwa vyagenze neza kandi bishimishije .Muri bimwe bimwe muvyaranguwe yamenyesheje ko,  nko mu gisata c’amabarabara ivyigwa vyarakozwe bimwe bimwe biraja mu ngiro ibindi bikiri mu nteguro. Ibarabara Bujumbura –Rumonge ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD yaramaze kwemera ko izotanga imfashanyo yo kuzoryubaka ingana n’imiriyoni 60 mu mahera  y’abanyamerika,ibanki y’isi yose nayo ikemera kuzotanga imiriyoni 30 z’amadorari.Yabandanije amenyesha ko mu vyaranguwe babifashijwemwo n’imfashanyo Uburundi bwahawe n’ibanki y’ibihugu vy’abarabu yitaho iterambere ry’Ubutunzi bwa Afrika  BADEA  iy’ikigega c’igihugu ca Arabiya Sawudite kijejwe iterambere n’ikigega c’Ibihugu vyimbura ibitoro citaho iterambere kw’isi  OFID .Muri kino gihe bakaba bariko barasanura  mu gushiga no kwagura ibarabara rikuru inomero 5 rya  Bujumbura Nyamitanga rifise uburebure bw’ibirometero 30 ,bakaba bageze ku bice 60 kw’ijana ry’ibitegekanijwe kurangurwa .Mu gisata co gutwara abantu n’ibintu naho ishirahamwe OTRACO ryaratunganije neza ibituro vy’imiduga mu Kamenge . Ikindi yamenyesheje ni uko ibijanye no kwubaka ikibuga c’indege c’i Kabamba i Ngozi umurwi ujejwe gushinga igitigiri c’imizibukiro izotangwa watanze icegeranyo, ubu bakaba bimirije gutunganya ivyigwa vy’ingene ico kibuga kizokubakwa. Jean Marie Ntunzwenimana yarangije amenyesha ko ubwo ubushikiranganji bwaronse amanota 88,02 kw’ijana mw’irangurwa ry’ibikorwa vyari vyategekanijwe na Reta mu mwaka w’2017.

Josélyne Ndayegamiye   

Ouvrir