Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu ca Misiri ciyemeje guha Uburundi imfashanyo zitandukanye harimwo n’amabati 500 000

 

bbghjKw’igenekerezo rya 30 Mukakaro 2018, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yaraganutse avuye mu gihugu ca Misiri aho yari yitavye ubutumire bwa mugenziwe arongoye Inama NshinAgamateka y’ico gihugu. Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Pascal Nyabenda yamenyesheje ko muri urwo rugendo barashoboye kubonana n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’igihugu ca Misiri hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’ico gihugu. Abo bategetsi bakaba baraganiriye ibijanye  n’amazi y’uruzi Nil no gushigikirana hagati y’ibihugu vy’Uburundi na Misiri.  Ngo igihugu ca Misiri caremeye guha igihugu c’Uburundi imfashanyo y’amabati angana n’500 000, mbere kikaba kimaze gutanga  amabati 182. 000. Umukuru w’Inama Nshingamateka yaramenyesheje ko abategetsi b’igihugu ca Misiri  bagiye kubadanya barungika mu Burundi amabati asigaye.

Yabandanije amenyesha  ko ico gihugu ca Misiri ciyemeje kwubakira Uburundi  urugomero rw’umuyagankuba  i Kirasa n’ibitaro mu ntara ya  Gitega.Abategetsi b’igihugu ca Misiri ngo baremeye ko bagiye gushira mu ngiro ivyo bemeye.Kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro 2018, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yaraganutse avuye mu gihugu ca Misiri aho yari yitavye ubutumire bwa mugenziwe arongoye Inama NshinAgamateka y’ico gihugu. Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru ku kibuga c’indege ca Bujumbura, Pascal Nyabenda yamenyesheje ko muri urwo rugendo barashoboye kubonana n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’igihugu ca Misiri hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’ico gihugu. Abo bategetsi bakaba baraganiriye ibijanye  n’amazi y’uruzi Nil no gushigikirana hagati y’ibihugu vy’Uburundi na Misiri.  Ngo igihugu ca Misiri caremeye guha igihugu c’Uburundi imfashanyo y’amabati angana n’500 000, mbere kikaba kimaze gutanga  amabati 182. 000. Umukuru w’Inama Nshingamateka yaramenyesheje ko abategetsi b’igihugu ca Misiri  bagiye kubadanya barungika mu Burundi amabati asigaye. Yabandanije amenyesha  ko ico gihugu ca Misiri ciyemeje kwubakira Uburundi  urugomero rw’umuyagankuba  i Kirasa n’ibitaro mu ntara ya  Gitega.Abategetsi b’igihugu ca Misiri ngo baremeye ko bagiye gushira mu ngiro ivyo bemeye.Ku ruhande rw’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka,  kugira amasezerano yamaze guterwako umukono aje mu ngiro ngo hagiye kujaho umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka b’impande zose. Uwo murwi ngo niwo uzofasha kurungika abakenguzamateka, abashingamateka hamwe n’abakozi bo muri izo nzego  kuja gukarisha ubwenge mu gihugu ca Misiri. Umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Misiri nawe ngo yaremeye ko igihugu ciwe kigiye kuronsa ingabire y’imiduga yo kwiyunguruza abakozi bo mu rwego rw’Inama Nshingamateka.
Aline Kanyana

Ouvrir