Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi Abarundi batewe akamo ko gufashanya n’umutima mwiza

 

DSC 0075Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2018, niho hahimbazwa ubwa mbere mu mihingo yose y’igihugu munsi wahariwe ugushigikirana mu Burundi.Uwo umunsi mukuru uzokwama uhimbazwa uko umwaka utashe ukaba watangujwe icese  n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA  ku mutumba Vyerwa vy’Imana  muri komine Mwumba, intara ya Ngozi, aho yahamagariye abarundi bose kwama bafashanya n’umutima mwiza.Ico gihe  Prezida NKURUNZIZA akaba rero yarateye akamo abarundi bose ko gukora igikorwa co gutanga ibifungurwa, ivyambarwa n’ibindi bishobora gufasha abantu bafise amikoro make kandi bakabirangurana umutima mwiza.Uwuronse ico atanga, ngo ni imigisha kuri uwo wese abikoze. N’ijambo ry’Imana ngo riduhamagarira kuza turafashanya mu kugaragaza urukundo kuri bene wacu, na kare ngo ivyo dufise ntavyo  twazanye ndetse n’igihe tuzova kuri iyi si ntaco tuzotwara.  Nk’uko Umukuru w’igihugu yabandanije abishikiriza, ngo abarundi kuva kera na rindi bamye bashigikirana. Kubona rero uwo munsi waratangujwe mu gihugu cose, vyerekana ko basubiye ku karanga ka basokuru, aho bama bafashanya biciye mu miryango canke mu kibano. Uwo munsi wo gushigikirana, ngo ubonetse hari haciye igihe kinini udakorwa mu Burundi. Igenekerezo rya 28 Mukakaro uko umwaka utashe ukaba uzoba uhariwe gutororokanya imfashanyo yo gushigikira abantu bafise amikoro make. Eka ngo gufashanya no gufatana  mu nda ni igikorwa kidasanzwe abarundi bakwiye gukorana umutima mwiza. Twobamenyesha ko umuryango w’Umukuru w’igihugu, washoboye gutororokanya itoni 2 z’ibiharage, itoni 2 z’ibigori mu vyimburwa bimbuye hamwe n’imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi, ivyo vyose bikaba bigenewe gushigikira abatishoboye bo muri komine ya Mwumba, mu ntara ya Ngozi. Kabaye n’akaryo ko gutera akamo abarundi bose babishoboye, kugira ico bakoze kuko ngo batanze baba bariko baraziganya, aha kw’isi turi ku rugendo kandi dufise n’iyo dutera tuja. Nk’akarorero ngo uno munsi umuntu arashobora kuba yishoboye, yibeshaho, ariko ngo uko imyaka igenda irahera canke bivanye n’ingorane umwe wese ashobora guhura nazo, agashobora gufashwa n’abandi.Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2018, niho hahimbazwa ubwa mbere mu mihingo yose y’igihugu munsi wahariwe ugushigikirana mu Burundi.

Uwo umunsi mukuru uzokwama uhimbazwa uko umwaka utashe ukaba watangujwe icese  n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA  ku mutumba Vyerwa vy’Imana  muri komine Mwumba, intara ya Ngozi, aho yahamagariye abarundi bose kwama bafashanya n’umutima mwiza.Ico gihe  Prezida NKURUNZIZA akaba rero yarateye akamo abarundi bose ko gukora igikorwa co gutanga ibifungurwa, ivyambarwa n’ibindi bishobora gufasha abantu bafise amikoro make kandi bakabirangurana umutima mwiza.Uwuronse ico atanga, ngo ni imigisha kuri uwo wese abikoze. N’ijambo ry’Imana ngo riduhamagarira kuza turafashanya mu kugaragaza urukundo kuri bene wacu, na kare ngo ivyo dufise ntavyo  twazanye ndetse n’igihe tuzova kuri iyi si ntaco tuzotwara.  Nk’uko Umukuru w’igihugu yabandanije abishikiriza, ngo abarundi kuva kera na rindi bamye bashigikirana. Kubona rero uwo munsi waratangujwe mu gihugu cose, vyerekana ko basubiye ku karanga ka basokuru, aho bama bafashanya biciye mu miryango canke mu kibano. Uwo munsi wo gushigikirana, ngo ubonetse hari haciye igihe kinini udakorwa mu Burundi. Igenekerezo rya 28 Mukakaro uko umwaka utashe ukaba uzoba uhariwe gutororokanya imfashanyo yo gushigikira abantu bafise amikoro make. Eka ngo gufashanya no gufatana  mu nda ni igikorwa kidasanzwe abarundi bakwiye gukorana umutima mwiza. Twobamenyesha ko umuryango w’Umukuru w’igihugu, washoboye gutororokanya itoni 2 z’ibiharage, itoni 2 z’ibigori mu vyimburwa bimbuye hamwe n’imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi, ivyo vyose bikaba bigenewe gushigikira abatishoboye bo muri komine ya Mwumba, mu ntara ya Ngozi. Kabaye n’akaryo ko gutera akamo abarundi bose babishoboye, kugira ico bakoze kuko ngo batanze baba bariko baraziganya, aha kw’isi turi ku rugendo kandi dufise n’iyo dutera tuja. Nk’akarorero ngo uno munsi umuntu arashobora kuba yishoboye, yibeshaho, ariko ngo uko imyaka igenda irahera canke bivanye n’ingorane umwe wese ashobora guhura nazo, agashobora gufashwa n’abandi.Abarundi bose bakaba baratewe akamo ko gukora ico gikorwa n’umutima mwiza, uwuronse ico atanga ngo ni umugisha kuri uwo wese abikoze. Abarundi bamye  bashira imbere Imana, umwami n’Uburundi. Bisubiye, ngo ugufashanya ni akaranga keza ku bantu bazi Imana kandi bayikunda.  Aho mu Vyegwa, hari hegeranijwe ibifungurwa bigizwe n’ibiharage, ibigori, ibitoki, impuzu, ibirato, amavuta, n’ibindi. Tubamenyeshe ko imbere yo gutanguza uwo munsi wahariwe gushigikira abatishoboye mu Burundi, Umukuru w’igihugu yabanje gukurikira  urukino rw’umupira w’amaboko « voley ball »rwo guhiganirwa    igikombe citiriwe «Umukuru w’igihugu, aho imirwi ya Rukinzo na Amical  yatanye mu mitwe ku ruhande rw’abagabo hamwe na Muzinga na « Gender light club » ku ruhande rw’abagore. Ico gikombe kikaba catahukanywe n’umurwi wa Muzinga ku ruhande rw’abigeme be na Rukinzo ku ruhande rw’abagabo. 

 Déo Misigaro                                                                                                      

Ouvrir