Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburundi vyiyemeje gukomeza imigenderanire myiza iri hagati yavyo

 

hhhhhyyytttUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarakiriye ku wa 31 Mukakaro 2018, ku kirimba c’i Ngozi, umuhuzabikorwa mu migenderanire hagati y’Ubushinwa n’ibihugu vya Afrika, Ambasaderi Zhou YUXIAO. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarakiriye ku wa 31 Mukakaro 2018, ku kirimba c’i Ngozi, umuhuzabikorwa mu migenderanire hagati y’Ubushinwa n’ibihugu vya Afrika, Ambasaderi Zhou YUXIAO. Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean-Claude Karerwa inyuma y’uwo mubonano, ngo iyo ntumwa ya Reta y’Ubushinwa yari izaniye Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ubutumire bw’ico gihugu aho cipfuza ko Uburundi bwokwitaba inama izohuza ibihugu vya Afrika n’Ubushinwa i Beijing muri Nyakanga 2018. Ngo Umukuru w’igihugu akaba yishuye ko yakiranye umunezero ubwo butumire kandi ko inyishu kuri ubwo butumire izoshikirizwa Ubushinwa bidatevye. Ikindi ngo cari kizanye iyo ntumwa y’igihugu c’Ubushinwa ngo kwari ugushimira cane Reta y’Uburundi ku migenderanire myiza yamye iranga Uburundi n’Ubushinwa. Ngo imigenderanire myiza iri hagati y’ivyo bihugu izotuma ico gihugu cama gishigikira Uburundi mu migambi yaco y’iterambere. Eka mbere ngo na Prezida NKURUNZIZA yarashimiye cane igihugu c’Ubushinwa cama kiriko giteza imbere imigenderanire hagati yabwo n’Uburundi eka mbere n’ibindi bihugu vya Afrika.
Nathan Ntahondi

Ouvrir