Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yahaye amanota 96 kw’ijana abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane bitwararitse gutsimbataza umutekano

 

dfdfUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarashimiye cane abajejwe intwaro, ubutungane, umutekano mu gihugu n’abajejwe kwivuna abansi bitwararitse gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, mbere akaba yabahaye amanota 96 kw’ijana.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarashimiye cane abajejwe intwaro, ubutungane, umutekano mu gihugu n’abajejwe kwivuna abansi bitwararitse gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, mbere akaba yabahaye amanota 96 kw’ijana. Ivyo akaba yabishikirije mu nama yo kurabira hamwe ingene amahoro n’umutekano vyifashe mu gihugu, yabagirishije ku wa 31 Mukakaro 2018 i Buye, muri komine Mwumba, intara ya Ngozi, inyuma y’iyindi nama nk’iyo yabaye ku wa 30 Ndamukiza  2018, ku murwa  mukuru w’intara ya Gitega.vPrezida NKURUNZIZA akaba yaciye asaba abarongoye abandi gufata ingingo ziroranye zituma amahoro n’umutekano bitsimbatara mu gihugu. Nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean-Claude Karerwa yabimenyesheje inyuma y’iyo nama, ngo abayitavye bahawe  ijambo, bashikirije ko umutekano wifashe neza cane aho baherereye n’aho rimwe na rimwe hatabura abakora ivyaha ibi canke biriya. Ngo umukuru w’igihugu amaze gufata ijambo, ngo yarashimiye cane abajejwe izo nzego zose, ingene bashishikara gukorana neza kugira ngo amahoro n’umutekano bitsimbatare mu gihugu mbere aca anatanga amanota 96 angana n’ibice bitanu kw’ijana. Ariko akaba  yasavye izo ndongozi ko uwu mwaka w’2018 worangwa no gufata ingingo nziza kuko ngo zizana akarusho mu ntwaro y’igihugu. Umukuru w’igihugu, ngo yaragarutse ku bihuha vyama bikwiragizwa bivuga ko ku mbibe Uburundi buhana n’Urwanda hoba hari ingorane. Prezida NKURUNZIZA akaba yavuze ko ata ngorane n’imwe iri kuri izo mbibe. Eka mbere ngo Uburundi bwishakira amahoro ngo nico gituma butegerezwa kwubahiriza amahoro y’ibihugu bihana imbibe. Ngo iyo igihugu kibanyi kidafise amahoro igihugu cawe naco kiraheza kikabura amahoro. Ngo ku vyerekeye abarundi birukanywe mu Rwanda ngo abari muri iyo nama basanze abo barundi birukanywe amategeko adakurikijwe. Ngo ico kumenya co ni uko abanyarwnda babaye mu Burundi imyaka myinshi kandi babayeho mu mahoro n’umutekano mbere basubira mu gihugu cabo mu mahoro. Nk’uko Jean-Claude Karerwa yashishikaye abishikiriza, ngo Umukuru w’igihugu yasavye ashimitse ko ingendo mbi igayitse yo kugurisha abantu, gufata abantu ku nguvu yotuzwa. Ico ngo ni igitutsi ku gihugu. Iyo ngendo mbi ngo nihagarikwe mbere hafatwe n’ingingo zikomeye zo guhana abagiriwe n’ivyo vyaha. Ikindi Umukuru w’igihugu yatanzeko impanuro ngo ni uko hokorwa ibishoboka vyose bihereye mu mpanuro n’inyigisho kugira ngo igihugu ntikibandanye gitungira abana mw’ibarabara. Ngo umurundi wese atange intererano kugira ngo abo bana ntibashishikare gukurira mu mabarabara kuko ngo igihugu kitaba kiriko kirategura kazoza kaco neza.
Nathan Ntahondi

Ouvrir