Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nkenguzamateka yiyemeje gukurikiranira hafi ikibazo c’amagara y’abantu n’ikijanye n’imiti

 

DSC 0741Kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2018,  Inama Nkenguzamateka yaruguruye ibikorwa vy’isasa risanzwe  ry’ukwezi kwa Myandagaro 2018. Ivyo bikorwa bikaba vyuguruwe  n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo  aho yamenyesheje ko mu nteguro z’amabwirizwa 13 bazokwihweza bazoshira imbere ikibazo c’amagara y’abantu n’ibijanye n’itunganywa ry’imangazini z’imiti.Kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2018,  Inama Nkenguzamateka yaruguruye ibikorwa vy’isasa risanzwe  ry’ukwezi kwa Myandagaro 2018. Ivyo bikorwa bikaba vyuguruwe  n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo  aho yamenyesheje ko mu nteguro z’amabwirizwa 13 bazokwihweza bazoshira imbere ikibazo c’amagara y’abantu n’ibijanye n’itunganywa ry’imangazini z’imiti. Mw’ijambo ry’uwo munsi, umukuru w’Inama Nkenguzamateka yabanje gushimira Imana no kumenyesha ibikorwa abakenguzamateka baranguye mu gihe c’akaruhuko. Muri ico kiringo c’isasa risanzwe naho akaba yamenyesheje ko baziga integuro z’amabwirizwa zishika kuri 13.  Muri izo nteguro hakaba harimwo  iyerekeye ibijanye no gufasha  vyihuta abarwayi hamwe  n’ibindi bijanye n’amagara y’abantu,integuro y’ibwirizwa yerekeye urudandazwa rw’ imiti, n’itunganywa ry’imangazini z’imiti  n’ibindi hamwe n’ibijanye n’abanyamitahe bakorera mu Burundi.

Ikindi yamenyesheje ni uko bisunze ingingo y’163 y’ibwirizwa Shingiro  bazokomeza inama zitandukanye batanguye mu makomine y’Uburundi ku civugo « duhinduke, dukure  amaboko mu mpuzu,twiteze imbere,duteze imbere igihugu cacu». Bakaba rero ngo bihaye ihangiro ko bazoba bagendeye amakomine yose y’Uburundi imbere y’uko umwaka w’2019 urangira. Ngo bazobandanya igikorwa batanguye co guhanura abigeme, cane cane abari mu mashure matomato n’ayisumbuye kugira ngo birinde inda z’indaro.  Ngo bagiye kandi guhimiriza abanyagihugu kugira ngo batuze imiriro ya Nyakanga mu kubandanya igikorwa co kubahimiriza ngo batere ibiti aho hose imisozi itambaye mu ntumbero yo gukingira ibidukikije.  Ikindi kandi ngo bagiye gutunganya vuba , ni ugutumako intumwa ya Reta  kugira ngo ibamenyeshe ingene ibwirizwa inomero 1/01 ryo ku wa 23 Nzero 2017 ritegekanya ingene amashirahamwe yigenga  mvamakungu  ririko rirashirwa mu ngiro, na cane cane mu ngingo yaryo ya 18 itegeka ko mu guha akazi abakozi b’abarundi , hategerezwa kwisungwa ibitigiri vy’ubwoko n’ibitsina nk’uko biri mw’Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi .Mu ntumbero yo gukomeza demokarasi no gukundisha abanyagihugu igihugu cabibarutse ngo bazobandanya kubahimiriza kugira ngo babandanye guterera ibikorwa bijanye n’amatora Uburundi bwimirije gutunganya mu mwaka w’2020. Mu bijanye n’imigenderanire   ngo bazobandanya gukomeza no kwunga ubucuti n’izindi Nama Nkenguzamateka n’ayandi mashirahamwe bahuriramwo.Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba yarangije akeza umurwi nserukira- gihugu « Intamba mu rugamba »ugizwe n’urwaruka rutarenza imyaka mirongo ibiri, kw’iteka bateye igihugu c’Uburundi mu kuronka uburenganzira bwo gukina inkino za nyuma z’igikombe ca Afrika zizobera mu gihugu ca Niger. 

Christine Manirambona

Ouvrir