Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta iragabisha abatware bo hasi badahagararira amabanga bashinzwe harimwo n’ugukebura abanyagihugu barongoye

 

DSC 0001 1Kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2018, umukuru w‘Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo ari kumwe n’umukuru  w’umurwi wamaho ujejwe ibibazo vyo mu nzego , intwaro n’ubutungane, Martin Niteretse  hamwe n’uwujejwe ubutunzi n’amafaranga Reta ikoresha hamwe n’ibidukikije, Immaculée Ndabaneze  bari baramutse bagendera  ibibanza bitandukanye biri mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba ibiri mu cegeranyo  c’imfatakibanza yari yahawe n’umurwi wize ibibazo vy’abantu bubatse mu bibanza  bitandukanye vy’igisagara badakurikije amategeko. Kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2018, umukuru w‘Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo ari kumwe n’umukuru  w’umurwi wamaho ujejwe ibibazo vyo mu nzego , intwaro n’ubutungane, Martin Niteretse  hamwe n’uwujejwe ubutunzi n’amafaranga Reta ikoresha hamwe n’ibidukikije, Immaculée Ndabaneze  bari baramutse bagendera  ibibanza bitandukanye biri mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba ibiri mu cegeranyo  c’imfatakibanza yari yahawe n’umurwi wize ibibazo vy’abantu bubatse mu bibanza  bitandukanye vy’igisagara badakurikije amategeko. Urugendo rukaba rwatanguriye muri zone Buterere aho yishikiye kuraba ingene ikibanza cagenewe kuyungurura   imicafu ivuye mu mihana. Aho basanze abanyagihugu barubatse inzu  gushika ku ruzitiro rw’ico kibanza kandi  bitarekuwe n’amategeko.  Babandanije  bagendera muri karitiye Kiyange  muri zone Buterere nyene aho hari ikibanza categekanirijwe  kuzokubakwamwo ikibuga co kwinonora  imitsi muri iyo karitiye nshasha.

Ngo ibikorwa  vy’inyubako bigiye gutangura vuba. Uyo murwi wabandanirije urugendo  muri zone Gihosha, karitiye ya Muyaga  aho uwo murwi  wagiye kwirabira  abanyagihugu  bubatse inzu zabo hejuru y’imiringoti ikura amazi kw’itangi iyaha abanyagihugu bo muri ako  karere. Muri iyo zone ya Gihosha nyene barasubiye bagendera muri karitiye Kigobe, aho basanze umunyagihugu yarenegereye akarimbi  k’ikibanza c’itongo ryiwe, aca yubaka uruzitiro gushika ku nkengera  y’uruzi Dama   yongera arihagira n’ibiti vyari vyaratewe kugira bikingire   inkombe z’urwo ruzi. Muri ako gace nyene               abandi banyagihugu nabo bararengereye kugeza aho bubaka mw’ibarabara.    kuri urwo ruzi nyene hari n’abandi bubatse  inzu zifise imishinge yazo ishinze ku nkengera y’urwo ruzi. Muri zone Rohero naho, aho basanze abanyagihugu barihagiye ikibanza  cari gitewemwo ibiti vya Reta muri karitiye  ya Sororezo.   Ibiti vyari muri ico kibanza bakaba barabiciye kugira bahubake .Urwo rugendo rwarangiriye mu kibanza kiri iruhande y’ikigo c’ubushakashatsi mu burimyi  (ISABU). Aho hari  ikibanza, abanyagihugu bagira bubakemwo bidaciye mu mategeko, Reta ikaba yarabahagaritse.Ku bw’umukuru w’umurwi wamaho ujejwe inzego n’ubutungane mu bushikiranganji bw’ ibidukikije no gutunganya ibisagara  Martin, Niteretse,   ngo urugendo rw’uwo munsi kwari ukwirabira ivyo bamuhaye mu cegeranyo c’imfatakibanza, kugira bizoje mu nama ya bose mu gihe izokorana.  Ko  ababijejwe bose  bakwiye gushira inguvu hamwe kugira batorere inyishu ico kibazo. Ngo ku Buterere inyubakwa zubatswe hafi y’ico kibanza c’imicafu bisabwa  ko zobomorwa kugira abo bantu bubatse mu micungararo y’ ico kibanza bakingirwe  indwara zitandukanye kandi n’ico kibanza cubahirizwe.  Yarongeye avuga ko bishoboka ko abajejwe inzego zo hasi bashobora kuba babifisemwo uruhara kuko bitumvikana  ukuntu umuntu  yokwiha uburengenzira  bwo kwubaka mu  bibanza bitarekuwe n’amategeko  ndetse no mu bibanza  bikingiwe  bifasha mu bijanye n’ihemero canke ku nkengera z’inzuzi. Ngo mu gihe vyogarara ko babifisemwo uruhara,  Reta izoheza ifate ingingo zibereye.    Martin Niteretse  yarasavye  ikigo c’ubushakashatsi ISABU gusaba ko hakwa impapuro ndangatongo abanyagihugu bazironse bidaciye mu mategeko, hamwe no guca bashingura uturimbi turi muri ico kibanza canke  bakaharangurira ibikorwa vy’ico kigo.


Alain Ndayisenga  Mélance Nshimirimana

 (Bimeneyereza)

Ouvrir