Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bugiye gutunganya amahiganwa y’ inkino z’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko muri Myandagaro

sqasUbushikiranganji bw’imico kama akaranga n’inkino bwifadikanije  n’ubushikiranganji  bwo mu biro  vy’Umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko (EAC) hamwe n’ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afirika y’ubuseruko bwaramenyesheje icese abarundi n’amakungu ko  buriko burategura inkino za mbere zihuza ibihugu bihurikiye mu muryango w’akarere ka Afirika y’Ubuseruko zizotangura  kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya  30 Myandagaro 2018.Ivyo vyamenyeshejwe n’Umushikiranganji w’imico kama n’inkino  ,Pélate Niyonkuru  kw’igenekerezo  rya 24 Mukakaro 2018.Ubushikiranganji bw’imico kama akaranga n’inkino bwifadikanije  n’ubushikiranganji  bwo mu biro  vy’Umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko (EAC) hamwe n’ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afirika y’ubuseruko bwaramenyesheje icese abarundi n’amakungu ko  buriko burategura inkino za mbere zihuza ibihugu bihurikiye mu muryango w’akarere ka Afirika y’Ubuseruko zizotangura  kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya  30 Myandagaro 2018.Ivyo vyamenyeshejwe n’Umushikiranganji w’imico kama n’inkino  ,Pélate Niyonkuru  kw’igenekerezo  rya 24 Mukakaro 2018.Yamenyesheje ko inkino zashoboye kwemezwa mu nama ya bose y’abahinga ari 10 z’abahungu na 3 z’abigeme gusa zikazobera ku bibuga bitandukanye mu bisagara 3 arivyo Gitega, Ngozi no mu gisagara ca Bujumbura. Izo nkino ni :

Urukino rwumupira w’amaguru (Foot ball), amaboko Basket ball,Volley ball,Hand ball,Net ball, Beach Volley,Tennis de Table,Tennis de court Rugby,Karaté,Taekwondo, Judo,Boxe hamwe nukwinonora imitsi.Pelate akaba yaramenyesheje ko  muri ayo mahiganwa hitezwe ibihugu vyose bigize uwo muryango ku gitigiri kingana abantu 388 ku gihugu cose ni ukuvuga bose hamwe ari bantu 2328 bagizwe n’abakinyi, abarongoye imirwi, abasifuzi n’abandi. Vyongeye, Uburundi ngo buzoharonkera akunguko mu bijanye no kumenyekanisha no gukomeza iyinjira muri uwo muryango kuva mu mwaka w’2010 gushika ubu hamwe n’ugutera imbere kw’abikorera ivyabo na cane cane mu gisata c’ingenzi. Umushikiranganji  Pélate Niyonkuruyabandanije  amenyesha ko ari akaryo keza ku banonotsi b’abarundi ko kumenyana n’abagenzi babo bo mu bihugu bitandukanye vy’uwo muryango bakagira n’icizere  ko abakinyi b’abarundi butazoca kabiri batagiye kw’isoko mpuzamakungu ry’abanonotsi bivanye n’inyifato nziza bazoba bagize.Mu kurangiza ijambo ryiwe Pélate Niyonkuru yarateye akamo abari mu mashirahamwe y’inkino atandukanye kwitegurira neza ayo mahiganwa mu ntumbero yo kwerekana ishusho nziza y’igihugu cacu bakongera bakitanga batiziganya kugirango Uburundi buze bube aribwo butahukana intsinzi muri ayo mahiganwa yose ategekanijwe. Aca aboneraho n’akaryo ko guha ikaze ibihugu bivandimwe bizitabira ayo mahiganwa ahimiriza n’abarundi gusidukana n’iyonka mu kuza gushigikira izo nkino zizotuma ibendera ry’Uburundi rihungabana maze igihugu kigakomeza kumenyekanisha ishusho nziza mu makungu. 

Josélyne Ndayegamiye                                                                                      

 

Ouvrir