Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikiruhuko gikuru mu bushikiranganji bw’indero catanguye ku wa 14 Mukakaro 2018

 

educaIkiruhuko gikuru ku banyeshure bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye ngo catanguye ku wa 14 Mukakaro 2018, aho ni mu gihe ufatiye ku ndinganizo ya kera, bakuyeko indwi zibiri, ico kiruhuko cari kimaze imyaka gitangura ku wa 2 Mukakaro. Ico kirangaminsi c’ivyigwa catanguranye n’umwaka w’ishure w’2017 ushira 2018, ngo catunganijwe bafatiye kw’itunganywa rishasha ry’inyigisho mu Burundi. Iyo ndinganizo nshasha y’ivyigwa mu Burundi ngo ifatiye ku kuntu ubushikiranganji bw’indero bugereranije umwanya abana b’abarundi bariko bariga ari muto ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri Afrika. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, Juma Edouard, ku wa 15 Ruheshi 2018, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Ikiruhuko gikuru ku banyeshure bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye ngo catanguye ku wa 14 Mukakaro 2018, aho ni mu gihe ufatiye ku ndinganizo ya kera, bakuyeko indwi zibiri, ico kiruhuko cari kimaze imyaka gitangura ku wa 2 Mukakaro. Ico kirangaminsi c’ivyigwa catanguranye n’umwaka w’ishure w’2017 ushira 2018, ngo catunganijwe bafatiye kw’itunganywa rishasha ry’inyigisho mu Burundi. Iyo ndinganizo nshasha y’ivyigwa mu Burundi ngo ifatiye ku kuntu ubushikiranganji bw’indero bugereranije umwanya abana b’abarundi bariko bariga ari muto ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri Afrika.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, Juma Edouard, ku wa 15 Ruheshi 2018, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Juma Edouard yabandanije abishikiriza, ngo indinganizo nshasha y’ikirangamisi c’ivyigwa mu mashure yisumbuye ngo gifatiye ku biriko birahinduka mw’itunganywa ry’inyigisho mu Burundi. Ngo Uburundi ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri Afrika, basanze abana b’abarundi biga umwanya muto cane. Ivyo ngo vyari bimaze igihe kirekire cane bivugwa, aho vyavuye mu mwaka w’1984, ico gihe niho hatangura kwigisha imirwi ibiri y’abanyeshure babisikanya mw’ishure rimwe. Inkurikizi z’iyo ngingo, ngo ni uko umwanya abana biga imbere n’inyuma y’umutaga, uwo mwanya waragiye. Vyongeye, ngo mu mwaka w’1993, mu Burundi umunsi wa gatandatu wabaye umunsi w’akaruhuko, imbere y’uwo mwaka, abanyeshure bariga n’abakozi ba Reta barakora. Uwo mwanya wose, uwushize ku kiringo c’umwaka, ngo usanga bataye amasaha menshi kandi ngo nta ngingo zirashe zigeze zifatwa kugira barondere aho bokura uwo mwanya watakaye. Kubw’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, ngo ubwo bushikiranganji bufadikanije n’amashirahamwe y’abarimu hamwe n’abavyeyi, ngo baratahuye akamaro k’iyo ndinganizo nshasha  n’akamaro kayo. Ahanini rero ngo kubona hari abavyeyi basaba wa mwanya w’agasunuzo « renforcement », ni uko babona abana biga umwanya muto, ngo bikabatera amakenga ku bumenyi  bw’abana babo.

Bisubiye, ngo kuva batanguye gukora  iminsi 5 mu ndwi, ngo na ya saha y’ivyigwa yaragabanutse, aho yavuye ku minota 50, ija ku minota 45, mu mashure yisumbuye.Eka ngo vyari ngombwa y’uko bokwungura umwanya wo kwiga. Inzira rero ngo vyari gucamwo ni zibiri. Muri zo ngo bari gushobora kuduza umwanya w’ivyigwa, aho naho ngo bari gukorera ku masaha y’ivyigwa. Muri ico gihe, ngo abana bari gutaha isaha icenda canke isaha icumi z’umuhingamo, ariko ngo basanze mu gihugu hagati hariho abanyeshure bakigira ingendo ndende bagiye ku mashure canke batashe. Ikindi ngo ni uko iyo nzira itari gushoboka kubera ko hakiriho imirwi ibiri ikuranwa mw’isomero rimwe mu mashure y’intango. Umwitwarariko w’ubushikiranganji ngo ni uko abana boronka umwanya ukwiye wo kwiga. Ivyo ngo bamaze kuvyihweza, basanze  ahashobora kuva uwo mwanya ari kuri birya biringo vy’ikiruhuko, aho ibiruhuko bito bito vyavuye ku ndwi zibiri bija ku ndwi imwe, ikiruhuko gikuru naco cagabanutseko indwi zibiri. Iyo ndinganizo nshasha y’ikirangamisi c’ivyigwa ngo yatanguranye n’umwaka wshure w’2017 ushira uw’2018, mu kwezi kwa Nyakanga. Iyo ndinganizo nshasha y’ivyigwa, ngo ni uko abavyeyi boyitegera, umwitwarariko w’ubushikiranganji nawo ni uko abana b’abarundi boronka umwanya ukwiye w’ivyigwa, bige ivyategekanijwe vyose.Mu gihe Uburundi bwisunze  Ibwirizwa  Shingiro rishasha, bugiye gutunganya ibisata bitandukanye bakurikije akarere ka Afrika y’ubuseruko (EAC), aho ubu hariko hihwezwa amafaranga azokoreshwa mu mwaka w’2018 ushira uw’2019, umuvugizi w’ubushikiranganji akizera ko n’ibindi bisata bizokurikira. Ariko ngo mu gisata c’indero si ibintu vyoroshe, mu Burundi ikiruhuko gikuru gitangura muri Mukakaro, aho ni mu gihe mu bihugu bigize uwo muryango bobo umwaka w’ishure uba ugeze hagati. Ku bwiwe rero, ugutunganya indero hakurikijwe ico kirangamisi co muri EAC, ngo ni ibintu bisaba ubwitonzi, bikabanza kwigwa neza kugira abana b’abarundi ntihagire ico batakaza. Ku kibazo c’indero mu ntara ya Bubanza, aho havugwa ubusuma bw’ikibazo giha uburenganzira abanyeshure bahejeje ishure shingiro gutangura igice ca kabiri, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero yamenyesheje ko amategeko atomoye kubera ivyo bibazo bitegurwa ku buryo bwinshi bw’igihugu. Uwagiriye mwene ayo makosa, ngo amategeko arafise ico avuga, n’ibihano bijanye. Mu bushikiranganji bw’indero ngo buriko buravyiga neza, aho buzogira ico bushikirije kuri abo bose bazokwagirwa n’amakosa.                                                                                             

  Déo Misigaro

Ouvrir