Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi na HCR baratanguje umugambi wo gutsimbataza amahoro mu gufasha abahunguka

 

pnaliUmuyobozi mukuru ajejwe kwakira abahunguka mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakomine, Gloriose Berahino yaratanguje icese, ku wa 27 Mukakaro 2018, umugambi w’igihugu wo gusubiza mu zabo abaziteshejwe na cane cane abahunze igihugu mu mwaka w’2015. Yamenyesheje ko uwo mugambi uzorangurirwa mu makomine ane ariyo Busoni mu ntara ya Kirundo, Giteranyi mu ntara ya Muyinga, Gisuru mu ntara ya Ruyigi hamwe na Kayogoro mu ntara ya Makamba. Umuyobozi mukuru ajejwe kwakira abahunguka mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakomine, Gloriose Berahino yaratanguje icese, ku wa 27 Mukakaro 2018, umugambi w’igihugu wo gusubiza mu zabo abaziteshejwe na cane cane abahunze igihugu mu mwaka w’2015. Yamenyesheje ko uwo mugambi uzorangurirwa mu makomine ane ariyo Busoni mu ntara ya Kirundo, Giteranyi mu ntara ya Muyinga, Gisuru mu ntara ya Ruyigi hamwe na Kayogoro mu ntara ya Makamba. Yarashimiye ishirahamwe mpuzamkungu ryitaho impinzi HCR ku kubona ridahengeshanya gufata mu mugongo Reta y’Uburundi no kubona riguma ryitwararika gukingira impunzi n’abahunguka muri rusangi. Yamenyesheje kandi ko uwo mugambi uzorangurwa n’amashirahamwe mpuzamakungu atatu ariyo HCR, FAO, PNUD na UNFPA afadikanije n’ubushikiranganji bujejwe intwaro hagati mu gihugu, abarongoye ayo makomine ane hamwe n’abarongoye izo ntara zine.   Yarongeye amenyesha ko umugambi wo gusubiza mu zabo abahunguka n’abari mu makambi y’abateshejwe izabo biza gufasha Reta y’Uburundi gutsimbataza amahoro.

Uwo mugambi kandi ngo uzoshirwa mu ngiro ku neza y’abahunguka, abateshejwe izabo, bantahonikora hamwe n’abanyagihugu babana. Uwuserukira ishirahamwe HCR mu Burundi nawe Gogo Hukportie yameneyesheje ko uwo mugambi uzomara amezi cumi n’umunani uje gufasha gutsimbataza amahoro no kunywanisha abanyagihugu bari mu ntara no mu makomine ane uzorangurirwamwo. Ayo makomine nayo ngo yatowe kubera ariyo amaze kwakira abahunguka benshi. Niko kumenyesha ko abarundi bahunguka bakeneye gufashwa kugira bashobore gusubira mu zabo no kwibeshaho bitagoranye, bashobore no kubana neza n’abanyagihugu bagumye mu ngo zabo. Uwo mugambi kandi uje gukinga amatati yose ashobora kwaduka, kuremesha abahungabanye mu kubaho kwabo, kubafasha kwivuza no gufasha urwaruka gutsimbataza amahoro no kubana neza n’abo basanze mu mihana iwabo. Yamenyesheje ko uwo mugambi uzofatwa mu mugongo n’ikigega c’ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe gutsimbataza amahoro mu gukingira abantu bose ari bantahonikora mu gushikira ibintu vya nkenerwa gutyo bashobore kwibeshaho. Ngo uwo mugambi uzofasha no gushiraho inyubakwa rusangi za nkenerwa ata kuvangura. Abantu bazofashwa nabo ngo ni abo bazoba bahungutse, abo babana babakiriye, abahurikiye mu mashirahamwe yo kwiteza imbere n’abikorera utwabo. Amenyesha ko ata nkeka yuko abo bantu bose bafatwa mu mugongo n’uwo mugambi bazofasha guteza imbere ubutunzi bw’igihugu biciye mu kurwiza umwimbu waba uw’imfungurwa n’ubworozi mbere bagashobora no kubana neza. Ayo mashirahamwe mpuzamkungu nayo ahayo ngo azofadikanye na Reta y’Uburundi mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi narirya uzoba uje gufasha gutsimbataza amahoro, ugafasha n’abanyagihugu kubana neza. Abamaze guhunguka begwa n’uwo mugambi nabo mu gihugu cose gushika ubu bashika 37.989 benshi muribo bakaba baturka muri izo ntara zine arizo Kirundo, Muyinga, Ruyigi na Makamba.

Epitace Nduwayo   

Ouvrir