Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Impene n’intama zirenga imiriyoni 3 zararonkejwe urucanco rukinga akaranda

bbbhKuva kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza gushika ku wa 29 Rusama 2018, impene n’intama 3058 150 nizo zaronkejwe urucanco rukinga akaranda kari kateye ivyo bitungwa ku rwego rw’igihugu. Muri ico gikorwa, hakoreshejwe  amadorari y’abanyamerika angana 3387616. Kuva kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza gushika ku wa 29 Rusama 2018, impene n’intama 3058 150 nizo zaronkejwe urucanco rukinga akaranda kari kateye ivyo bitungwa ku rwego rw’igihugu. Muri ico gikorwa, hakoreshejwe  amadorari y’abanyamerika angana 3387616. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema, ku wa 5 Ruheshi 2018, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, aho yari aramutse amenyesha uko igikorwa co gucandaga akaranda k’impene n’intama ku rwego rw’igihugu cagenze.Nk’uko umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yabandanije abishikiriza, ngo hari hategekanijwe incanco zishika imiriyoni 4 hamwe n’ibikoresho bitari bike bifasha kubika no gukanyisha imiti y’incanco. Mu ntumbero yo kurandurana n’imizi ako karanda k’impene n’intama, ngo incanco zishika ibihumbi 700 z’intega bizoza nizo zasigaye. Ico gikorwa catwaye uburyo burenga imiriyoni 3 z’amadorari y’abanyamerika, ubwo nabwo bwatororokanijwe bakoranye n’abasanzwe badushigikira mu migambi y’iterambere.Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije n’ubuzima bw’abanyagihugu, ngo ibikoresho vyose vyakoreshejwe hamwe n’iyindi micafu yavuye muri ico gikorwa co gucandaga ibitungwa, vyaregeranijwe bijanwa mu kigo c’igihugu kijejwe gupima indwara z’ibitungwa kugira biturirwe.Mu kiringo c’imisi 21 yategekanijwe kugira igitungwa caronse urwo rucanco cerekane ko rwabaye ngirakamaro canke hakenewe urundi kubera rushobora kuba rutafashe, ngo bagiye gukurikirana neza no kugenzura ko urwo rucanco rwashitse kw’ihangiro ryo kurandurana n’imizi ako karanda k’impene n’intama. Iyo misi 21 iharurwa uhereye k’umusi wa nyuma wo kuronkerako urucanco.Ku bijanye n’iryo sekeza, ngo bafatiye kw’igenekerezo rya 23 Rusama 2018, kuko iryo genekerezo ari umunsi wa nyuma w’urucanco mu ntara indwara yari imaze kwibonekeza nka Bubanza. Ingingo yo kubuza uruja n’uruza rw’impene n’intama ikazorangira kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018. Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yasavye aborozi bose hamwe n’abajejwe intwaro kuguma barikanuye no kumenyesha abaganga b’ibitungwa babegereye ikimenyetso cose biketse ko ari akaranda k’impene n’intama.Ingingo zafashwe zo kubuza abarundi kwihereza inyama z’ivyo bitungwa ngo zigumaho muri ico kiringo c’imisi 21.Izo ngingo ngo zaragize akamaro mu bijanye no kurwanya ako karanda.

Ku kibazo co kumenya aho ako karanda kazananye, umushikiranganji Déo Guide Rurema yamenyesheje ko ako karanda katari kamenyerewe mu Burundi, kazananye mu bitungwa vyavuye mu Buganda.  Mu ngingo zafashwe mu ntumbero yo kuzitira, ngo hagiye gukomezwa amategeko agenga ingene ibitungwa vyinjira mu gihugu, ariko ngo abajejwe kuyashira mu ngiro nibo bahengama, aho usanga ayo mategeko atariko arakurikizwa.Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema aragabisha abakozi bo mu bushikiranganji ko agiye kwicarira ico kibazo na cane cane abategura izo mpapuro zitunganya uko ibitungwa vyinjira mu gihugu bakaziha abaziterako umukono. Ku bwiwe rero, ngo umukozi azosubira kuzitanga bidakurikije amategeko canke agata umukoresha wiwe mu rudubi, ngo niwe azobanza kubibazwa, gutyo habe kuzitira imbere yo kwinjiza ibitungwa bivuye hanze.Vyongeye, ngo hagiye gufatwa ingingo zo gutunganya neza abo bose bakorera muri ico gisata c’ubworozi hamwe n’igisata kijejwe ibiterwa, kubera hari imbuto ziva hanze zishobora kwinjiza indwara. Izo ngingo ngo zizoba ziraba amashirahamwe n’imigambi irangurira imigambi itandukanye mu gihugu, aho bazogendura neza ibitungwa n’ibindi barangurira mu gihugu.

 Déo Misigaro                                                                                               

 

Ouvrir