Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Cibitoke: Abarongoye intara ya Cibitoke barashima umugambi « Duhinduke duterimbere » wa ADRA Burundi

 

DSC07328Abarongozi b’intara ya Cibitoke ku rwego rw’intara n’amakomine barashima umugambi « duhinduke duterimbere » uriko urarangurwa n’ishirahamwe ADRA Burundi mu makomine 6 agizwe n’imitumba 132 yo mu ntara ya Cibitoke. Umugambi « duhinduke duterimbere » ugizwe n’imigambi mito mito yo kurwiza umwimbu mu ntumbero yo kurwanya inzara, gutsimbataza isuku rijanye n’amagara meza, kwigisha abakuze gusoma, kwandika no guharura hamwe no kuziganya no kuguranana biciye mu makoperative y’abanyagihugu bato bato, n’ibindi. Aho mu ntara ya Cibitoke, ishirahamwe ADRA Burundi ryaratunganije urugendo n’abamenyeshamakuru, kuva kw’igenekerezo rya 28 Rusama gushika ku wa mbere Ruheshi 2018, rwo kuraba akunguko uwo mugambi uriko uragirira abanyagihugu bato bato bo mu makomine atandukanye y’iyo ntara iryo shirahamwe risanzwe rikoreramwo.Abarongozi b’intara ya Cibitoke ku rwego rw’intara n’amakomine barashima umugambi « duhinduke duterimbere » uriko urarangurwa n’ishirahamwe ADRA Burundi mu makomine 6 agizwe n’imitumba 132 yo mu ntara ya Cibitoke. Umugambi « duhinduke duterimbere » ugizwe n’imigambi mito mito yo kurwiza umwimbu mu ntumbero yo kurwanya inzara, gutsimbataza isuku rijanye n’amagara meza, kwigisha abakuze gusoma, kwandika no guharura hamwe no kuziganya no kuguranana biciye mu makoperative y’abanyagihugu bato bato, n’ibindi. Aho mu ntara ya Cibitoke, ishirahamwe ADRA Burundi ryaratunganije urugendo n’abamenyeshamakuru, kuva kw’igenekerezo rya 28 Rusama gushika ku wa mbere Ruheshi 2018, rwo kuraba akunguko uwo mugambi uriko uragirira abanyagihugu bato bato bo mu makomine atandukanye y’iyo ntara iryo shirahamwe risanzwe rikoreramwo.Nk’uko umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Cibitoke ajejwe imibano n’ubutunzi , Rubin Tubirabe yabishikirije ku mutumba Gabiro- Ruvyagira, muri komine ya Rugombo, mu ntara ya Cibitoke, ahari umurima wa kijambere w’itomati w’umwirimizi, Augustin Nyandwi yakurikiranye inyigisho za ADRA Burundi zo kurwiza umwimbu, ngo nta nkeka ko iryo shirahamwe rishigikiye utwigoro twa Reta two kurwiza umwimbu, guhimiriza abarundi kwijukira isuku rijanye n’amagara meza hamwe no gukorera mu mashirahamwe. Uwo murima ufise uburinganire bw’imetero kwadarato 1200, ategekanya kuronka umwimbu ufise agaciro karenga imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi.Umuhanuzi wa buramatari, Rubin Tubirabe arashima inyigisho zitangwa n’ishirahamwe ADRA Burundi, aho zifasha kurwiza umwimbu kubera ko bahinduye ukuntu barima, bivuye kuri izo nyigisho. Eka ngo bizotuma umwimbu wiyongera ndetse n’abandi birimizi bashobore kuharahurira ubumenyi mu bijanye no kugima kijambere. Mu gihe intara ya Cibitoke isanzwe yimbuka cane, ngo abanyagihugu bahitamwo kurima ibiterwa bibazanira amafaranga   mu gihe gitoya. Mu ntumbero yo guhimiriza abanyagihugu kurima ibiterwa bitandukanye, ngo barategekanya guhimiriza abarimyi kugira ikomine yose igire igiterwa yihariza kurima gutyo baze barahanahana ivyimburwa. Ku bijanye no guhingura umwimbu nko ku giterwa c’itomati aho urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi CAPAD rwari rwaratanguje  ishirahamwe ryo guhingura amatomati muri komine ya Rugombo, Rubin Tubirabe yamenyesheje ko mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bashizeho umurwi wo kunagura uwo mugambi wo guhingura amatomati. Ivyo ngo bizotuma abo barimyi bariko bararonswa ubumenyi, bashobore kwiteza imbere ndetse n’uwo mwimbu w’itomati ushobore kubikika igihe kinini.


Abarimyi baronkejwe inyigisho zo kurwiza umwimbu barikenura mu vyo bakeneye
Ku bwiwe, Augustin Nyandwi umwirimizi yakurikiranye inyigisho za ADRA Burundi muri Ruhuhuma 2017, afise umurima w’itomati w’uburinganire bw’imetero kwadarato 1200, yamenyesheje ko mu gihe zisigaje igihe kiri musi y’ukwezi ngo atangure kwimbura, yari amaze gukoresha amafaranga yababa ibihumbi 700, nawe agategekanya kuronka umwimbu ufise agaciro karenga imiriyoni 2 z ‘amafaranga y’amarundi. Ubuhinga yarahuriye mu nyigisho za ADRA Burundi, ngo ni ugutera itomati ku mirongo, aho hagati y’urugemwe n’urundi haba hari 1,20m hamwe no kurembera izo tomati kugira zigire amashurwe menshi. Ukwo kuzitandukanya, ngo birafasha igihe ziriko zirama ntiziheza ngo zibore. Atera akamo abandi barimyi kwijukira imigambi nk’iyo barahure ubumenyi ku bakurikiranye izo nyigisho bongere bakorere mu mashirahamwe. Mu migambi yiwe, ahajeje kwimbura, Augustin Nyandwi ategekanya kwigurira itongo, kugira ukwo kurima kijambere abikorere mw’itongo ryiwe, kubera ko aho arangurira uwo mugambi w’uburimyi ari aho yakotesheje.


Gutandukanya ibiterwa, bituma umwimbu wiyongera
Ku wa 29 Rusama 2018, ku mutumba Rushiha, zone Mabayi muri komine ya Mabayi, intara ya Cibitoke, ishirahamwe ADRA Burundi ryaragendeye umupfasoni Patricie Niyimbona asanzwe nawe nyene yarakurikiranye inyigisho zo kurwiza umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo. Umurima wiwe urimwo igiterwa c’amashu, ibiraya, amateke, ibijumbu n’ibiharage. Ivyo biterwa, kimwe cose gifise igice giteragiwemwo. Ubwo buhinga bwo kugabura itongo, aho igiterwa ciharira uburinganire bw’imetero kwadarato 100,  ngo burafasha kugira umwimbu wiyongere kubera igiterwa kimwe cose kiba giteragiye ukwaco, ntigiheza ngo gisangire ivyunyunyu n’ikindi giterwa. Haruhande y’ubwo buhinga bwo kubagura itongo bivanye n’ibiterwa ushaka kurima, ngo barigishijwe kandi guca imikobeko mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa hamwe no gukoresha ifumbire y’ikizungu uteranije n’umwavu w’ikirundi hamwe no gupompa imiti ibiterwa kugira ntibiterwe n’udukoko. Iyo fumbire y’ikirundi ku badatunze ibitungwa, ngo barigishijwe kwimba za nyabarega zibafasha kurondera uwo mwavu w’ikirundi. Kubw’umworosha, Mathieu Kayenzi asanzwe akurikirana amashirahamwe y’abarimyi bakurikiranye inyigisho z’ishirahamwe ADRA Burundi  bo mu makomine ya Mabayi na Bukinanyana, ngo ubwo bumenyi baronswa ni ngirakamaro kubera ko abandi bo mu micungararo yaho baheza bakaza kubarahurako ubumenyi. Ubwo buryo bwa kera bwo gutera ibiterwa vyinshi mu murima umwe, ngo biraheza bikamariranira ivyunyunyu, gutyo bigatuma umwimbu utaba mwiza. Ku kibazo c’ifumbire cagumye kigaruka, Mathieu Kayenzi yamenyesheje ko babigisha ubuhinga bwo gutegura nyabarega kugira bahingure umwavu w’ikirundi bateranya n’umwavu w’ikizungu.  Mu zindi nyigisho baronsa abarimyi, ngo barabigisha guca imikobeko bagaheza bagateragirako ibiti canke ivyatsi bibana n’indimo, gutera ibiterwa ku mirongo, kwirinda guturira ivyatsi kubera ko hari udukoko duheza tugapfa, isi ndimwa isanzwe ikeneye. Ku kibazo co kumenya ico bafatirako mu gutora abakurikirana izo nyigisho, Mathieu Kayenzi yamenyesheje ko batora abantu bazi gusoma no kwandika bobo bashobora kwigisha bagenzi babo bataba bakurikiranye mwene izo nyigisho.
Inyigisho z’isuku rijanye n’amagara meza, zatumye harwanywa indwara zo gucibwamwo ku bana
Mu mugambi muto w’isuku rijanye n’amagara meza, umupfasoni Béatrice Mpawenimana ahurikiye mw’ishirahamwe « amagara meza iwacu » yamenyesheje ko imbere y’inyigisho za ADRA Burundi zo kwijukira isuku rijanye n’amagara meza, aho muri komine Mabayi isuku ryari rike. Mu nyigisho baronse, ngo barahimirijwe kurwanya indwara zo gucibwamwo ku bana, kurwanya indwara ya marariya hamwe no kwijukira gukoresha neza utuzu twa surwumwe n’akamaro kako, gukaraba neza n’isabuni uvuye mu kazu ka surwumwe, vyatumye indwara zo gucibwamwo ku bana bari musi y’imyaka 5 zigabanuka cane. Izindi nyigisho baronkejwe na ADRA Burundi, ngo ni ugucandagisha abana kurya incanco zikurikirana n’abavyeyi bibungenze, gupimisha imbanyi hamwe no gutandukanya imvyaro mu ntumbero yo kwibaruka abo bashoboye kurera.Ku mutumba Mageyo, zone Butahana, muri komine Mabayi, ishirahamwe ADRA Burundi ryaragendeye koperative « tugwize umwimbu », iyo koperative yihaye intumbero yo kurwiza umwimbu w’imbuto irobanuye y’ibiharage nabo nyene baronkejwe inyigisho mu mugambi « duhinduke duterimbere », mu mugambi muto wo kurwiza umwimbu mu gisata c’uburimyi. Muri urwo rugendo, basavye iryo shirahamwe kubashikira imbere na cane cane mu buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Cibitoke kugira baronswe imbuto zirobanuye bashobora kurwiza.


Amashirahamwe yo kuguranana arafasha abayahurikiyemwo mu migambi y’iterambere
Aho nyene ku mutumba Mageyo,  Floribert Ndayishimiye arongoye ishirahamwe “ dukorere hamwe” ryo kuziganya no kuguranana yaramenyesheje akamaro ribafitiye, ishirahamwe ryashinzwe inyuma y’inyigisho baronkejwe mu mugambi «  duhinduke duterimbere ». Iryo shirahamwe rigizwe n’abanywanyi 40, aho umwe wese atanga intererano iri hagati y’amafaranga 1000 n’5000, umunywanyi agashobora kuronswa ingurane ishika ku bihumbi 50, ariha mu kiringo c’amezi 4, ku nyungu ya 5%. Iyo umwaka uheze, ngo baraheza bakagabura inyungu baravye umutahe umwe wese afise. Akarusho, ngo mu mpera z’umwaka w’2017, Floribert Ndayishimiye yarashoboye kuronka ibihumbi 400, ivyo navyo ngo vyamutumye ashobora kwigurira itongo. Abandi ngo barashoboye kugura ibibanza vyo kwubakamwo, kurungika abana kw’ishure bitabavunye hamwe no kwikenura mu bintu vya nkenerwa.

          

Ku wa 30 Rusama 2018,  ku mutumba Rubirizi, zone Rugajo, komine Mugina intara ya Cibitoke, abakurikiranye inyigisho zo gutegura imfunguro ibereye barerekanye ubumenyi baronkejwe n’ishirahamwe ADRA Burundi. Muganga Didier Niyonzima asanzwe akurikirana ishirahamwe « amagara meza kuri bose », yamenyesheje ko muri iyo zone Rugajo, abana bari musi y’imyaka 5 bari mu babangamiwe n’indwara zo gufungura nabi hamwe n’abakenyezi bibungenze. Mu nyigisho baronswa, ngo ahanini zishingiye ku  kubereka ingene bashobora gutegura neza ibifungurwa basanzwe birimira. Imfunguro ibereye ngo iba irimwo ya mirwi itatu ariyo  ntanganguvu, ndemamubiri na nsanganyangaburo hamwe n’amazi meza. Iyo mirwi itatu y’ibifungurwa ngo igenda yuzuzanya.


Aborosha 55 barakurikiranye inyigisho zo kwigisha abandi gusoma no kwandika
Ku bijanye no kwigisha abakuze gusoma, kwandika no guharura, ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke, aborosha 55 bagiye kwigisha abandi gusoma, kwandika no guharura barakurikiranye ivyigwa, kuva kw’igenekerezo rya 28 gushika ku wa 30 Rusama 2018,  nabo bakaba bagiye kubisangira n’abandi mu makomine 6 agize intara ya Cibitoke, mu kiringo c’amezi 6. Uwujejwe ivy’ubuhinga mu gisata kijejwe kwigisha abakuze gusoma no kwandika mu buyozi bw’indero mu ntara ya Cibitoke, Marc Nirema yamenyesheje ko inyuma y’ico kiringo bazotunganya akabazo ko gusuzuma ko ubumenyi bazoba baronkeje abandi bagenzi babo bo ku mitumba itandukanye babushize ku muzirikanyi. Ku bigo vyigisha abakuze gusoma no kwandika 12 vyo mu ntara ya Cibitoke, ngo hagiye kwiyongerako ibigo 55. Mu nyigisho baronsa abo bajejwe kwigisha abandi, ngo bakoresha ubuhinga bwuzuzanya, aho bahera ku mwuga basanzwe bakora kugira ushobore kubateza imbere. Ku bwiwe, Marc Nirema yamenyesheje ko ico gisata cugarijwe n’ingorane nyishi, aho akavuga ubukene bw’abakozi, uburyo, n’ibindi. Intererano y’ishirahamwe ADRA Burundi arayishima, aho  uwu mwaka ugeze bariko barakorana kugira bigishe abakuze gusoma no kwandika.  Mu mwaka w’2017, ngo barigishije abakuze gusoma no kwandika bashika 1110. Muri kazoza ngo bagiye kubandanya bakorana mu kiringo kiri hagati y’imyaka 3 n’4.Tubamenyeshe ko umugambi « duhinduke duterimbere » watanguye muri Mukakaro 2013, ubu ukaba uri mu gice cawo ca kabiri. 

Déo Misigaro                                                                                                                       

Ouvrir