Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro yarashikirije icese ibiharuro ntabanduka mw’itora ry’Ibwirizwa Shingiro

 

vavavaKw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro yarashikirije icese ibiharuro ntabanduka vyavuye mw’itora  ry’Ibwirizwa Shingiro  yo ku wa 17 Rusama 2018. Kw’izina rya sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, Charlès Ndagijimana arongoye  yaremeje ko Sentare yakosoye utunenge   ku bitigiri vyatangajwe n’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya  amatora (CENI) aho yaciye  isanga ko hari hiyandikishije  abarundi bageze gutora bangana  4 768 154 haca hitaba itora abangana n’4 586730, ni ukuvuga ibice (96,19%) kw’ijana , abanyagihugu bemeje Ibwirizwa Shingiro bangana n’3 359 493 ni ukuvuga  ibice 73,24%, amajwi ya Oya akaba  angana n’888 564 ni ukuvuga ibice 19,37%, amajwi y’impfagusa angana n’188 283, ni ukuvuga ibice 4,10%, nayo abataco bayavuzeko bangana n’ 150 404 ni ukuvuga 3,27% . Ngo itora yatunganijwe mu mategeko nta tunenge twibonekeje twotuma haboneka ibitigiri bitarivyo. Ngo nayo ibirego vy’abigenga  Amizero y’abarundi ntashingiro bifise. Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro yarashikirije icese ibiharuro ntabanduka vyavuye mw’itora  ry’Ibwirizwa Shingiro  yo ku wa 17 Rusama 2018. Kw’izina rya sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro, Charlès Ndagijimana arongoye  yaremeje ko Sentare yakosoye utunenge   ku bitigiri vyatangajwe n’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya  amatora (CENI) aho yaciye  isanga ko hari hiyandikishije  abarundi bageze gutora bangana  4 768 154 haca hitaba itora abangana n’4 586730, ni ukuvuga ibice (96,19%) kw’ijana , abanyagihugu bemeje Ibwirizwa Shingiro bangana n’3 359 493 ni ukuvuga  ibice 73,24%, amajwi ya Oya akaba  angana n’888 564 ni ukuvuga ibice 19,37%, amajwi y’impfagusa angana n’188 283, ni ukuvuga ibice 4,10%, nayo abataco bayavuzeko bangana n’ 150 404 ni ukuvuga 3,27%.

Ngo itora yatunganijwe mu mategeko nta tunenge twibonekeje twotuma haboneka ibitigiri bitarivyo. Ngo nayo ibirego vy’abigenga  Amizero y’abarundi ntashingiro bifise.Uwurongoye umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yari ng’aho ico gihe yamenyesheje ko ashima ibihejeje gushikirizwa na sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro kuko abarundi  baronse akaryo ko kwishura ku kibazo babajijwe na Reta. Ngo kabaye akaryo ko gutsimbataza intwaro rusangi. Nayo ngo iryo Bwirizwa Shingiro ryishiriweho n’abanyagihugu nyene kuva hasi gushika hejuru. Ku kibazo c’uko hari abatemeye ivyavuye mu matora, Ndayishimiye yamenyesheje ko abantu batama babona ibintu kumwe, ko niyo abantu baburanye ni gake uwutsinzwe yemera ubwo nyene ivyashikirijwe  muri sentare. Ngo abantu botahura icarico intwaro ya demokarasi ko ari uguhuza ivyiyumviro hanyuma abanyagihugu bagatora iciyumviro babona kibereye kugira igihugu gitwarwe neza. Ndayishimiye yamenyesheje ko  Ibwirizwa Nshingiro rigiye kujaho ari iry’abarundi bose.

Aline Kanyana

Ouvrir