Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nshikiranganji yaremeje integuro y’ibwirizwa rishinga komine Buhayira

 

momomInteguro y’ibwirizwa rishinga komine Buhayira n’imbibe zayo rikongera rikerekana imbibe za komine Murwi ikukira  intara ya  Cibitoke, yaremejwe n’inama y’abashikiranganji yakoranye kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018, irongowe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA.Iyo nteguro yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakomine.Integuro y’ibwirizwa rishinga komine Buhayira n’imbibe zayo rikongera rikerekana imbibe za komine Murwi ikukira  intara ya  Cibitoke, yaremejwe n’inama y’abashikiranganji yakoranye kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018, irongowe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA.Iyo nteguro yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakomine.Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryashikirijwe ku wa 30 Rusama 2018, n’umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvigizi wayo, Firipo NzobonaribaNk’uko iryo tangazo ribivuga, ngo intara ya Cibitoke igizwe n’amakomine 6 harimwo komine Murwi isanzwe igizwe n’amazone 6 harimwo zone Buhayira nayo ikaba iri ku birometero 70 kugenda n’ukugaruka uvuye ku murwa mukuru wa komine Murwi. Ivyo bituma abenegihugu bo muri zone Buhayira bitaborohera gushika kurondera ivyo bakenera mu ntwaro ku rwego rwa komine.  Muri Ruhuhuma umwaka w’2015, igihe Umukuru w’Igihugu  yari yagendeye komine Murwi, abanyabuhayira ngo baramutuye ico kibazo, bamushikiriza icipfuzo c’uko boronswa ikomine ya Buhayira aho yasize abibemereye. Eka n’inama mpanuzwajambo ya komine Murwi yarihweje ico cipfuzo isanga kirafise ishingiro ndetse n’umurwi w’abahinga washizweho n’ubushikiranganji ngo wihweze ico kibazo nawo nyene wabonye ko ivyo abanyabuhayira basaba batarira busema.Iyi nteguro rero ngo ije gushinga iyo komine nshasha ya Buhayira kugirango abenegihugu begerezwe ubutegetsi, n’iterambere ryiyongere narirya iyo komine nshasha isanganywe ubutunzi buhagije buzoshobora kuyibeshaho, na cane cane ko komine ariyo soko ry’iterambere ry’ubutunzi n’imibano ku basanzwe bayibamwo.Iyo ntegururo yaremejwe ibanje gutosorwa mu duce tumwe tumwe.
Inama Nshikiranganji yarihweje izindi nteguro zibiri zikurikira :Integuro y’itegeko rishinga rikongera rigatunganya urwego rujewe gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa ry’Umugambi wo gutera ibiti mu Burundi wiswe « Ewe Burundi urambaye », washikirijwe n’umwe mu bahanuzi bakuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu.Kera amashamba cimeza yari hagati y’ibice 30 na 50% vy’uburinganire bw’igihugu, akaba yagiye aragabanuka kugeza aho ubu hasigaye hafi ibice bidashika 7% kw’ijana vy’Uburundi bwose. Ibibituma  bikuru bikuru ngo ni irwirirana ry’abantu ku murindi munini cane, ugutema amashamba vy’umurengera, be rero n’ugutunganya nabi amatongo.Ariko ngo akamaro k’ibiti n’amashamba ni ntangere kuko mu ngo zo mu Burundi ibice 95%  z’ibikoreshwa mu gucana biva mu biti. Amashamba afasha muri vyinshi nko mu kugirango amazi aboneke, ibirere vyiza bikenewe mu burimyi, gukingira imisozi ihanamye na cane cane kurwanya inkukura.Ingaruka rero ry’uko guhonya amashamba ni uko ibinyabuzima bihatikirira, inkukura igatwara isi ndimwa, tutibagiye imisozi isenyagurika ikonona amabarabara, be rero n’ibindi vyaduka kama biza birigaragaza.Kubera yuko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru babonye izo ngaruka mbi zo guhonya amashamba, baciye batanguza umugambi w’igihugu wo gutera ibiti mu gihugu cose wiswe « Ewe Burundi urambaye » mu ntumbero yo kugarukira amashamba. Uwo mugambi uzomara imyaka indwi, uzorangurwa hambavu y’iyindi yari ihasanzwe yo gutera ibiti , ukaba utaje kuyisubirira kandi ahanini ukazorangurwa n’inzego zijejwe umutekano w’igihugu.Iyi nteguro itegekanya amategeko azoba agenga urwego ruzoba rujejwe gukurikiranira hafi uwo mugambi, gutanga intumbero nyamukuru izisungwa.Iyo nteguro ikaba yaremejwe ibanje kwunganirwa.-Integuro y’Ibwirizwa ryemeza amasezerano y’ingabire y’amafaranga n°D276-BI hagati ya Reta y’Uburundi n’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe iterambere (IDA) izofasha mu gutunganya neza no gukingira  ibidukikije, yashikirijwe n’Umushikiraganji ajejwe Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi.Iyo mfashanyo ingana n’imiliyoni 30 z’amadolari y’abanyamerika yatanzwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe iterambere (IDA) ngo izofasha mu kugarukana akanovera k’isi kugirango isubire kwimbuka aho yamaze gutituka, uwo mugambi wabaye uratora,  ukongera ukazotora inyishu iyo ikibazo cihuta cigaragaje aho uwo mugambi ushobora gufasha. Uwo mugambi ngo uzorangurira ibikorwa mu makomine abiri y’igeragerezo ryawo ariyo Isare mu ntara ya Bujumbura na Buhinyuza mu ntara ya Muyinga. Ngo uzofasha kandi mu bikorwa vy’ukwiteza imbere ku baba ku nkengera z’amashamba ya  Ruvubu, Kibira na Bururi. Uwo mugambi ngo uzomara imyaka itanu.Iyo nteguro nayo nyene yaremejwe.
Mu tuntu n’utundi, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’makomine yaragarutse ku kugene itora ry’Ibwirizwa Nshingiro ryagenze kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, aho yashimiye abajejwe intwaro ku ruhara bagize kugirango rigende neza.Umushikiranganji ajejwe Indero n’amashure y’Imyuga yaramenyesheje Inama y’Abashikiranganji ibijanye n’abanyeshure baheba amashure, aca aboneraho no kumenyesha ko hari abayobozi bamwe bamwe batanga ibitigiri vy’abanyeshure birengeye ivyo bafise mu ntumbero yo kugirango baronke ka gafashanyo karonswa amashure kisununuye, ingingo zikenewe zikaba ziriko zirafatwa ngo ivyo  bintu ntibibandanye.Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA yarabeshuje ibihuha bivuga ko ikiza Ebola cashitse mu Burundi, aramenyesha ko amatohoza yakozwe mu bitaro n’amavuriro vyose mu Burundi ata na hamwe haribonekeza ico kiza. 
Vyatororokanijwe  na Jean Robert Nshorirambo

Ouvrir