Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama mpuzamakungu ihariwe iterambere ry’ubutunzi kw’isi yabereye mu Burusiya ngo yabaye ngirakamaro ku Burundi

 

aaamamaNgo igihugu c’Uburundi kizobandanya gikomeza imigenderanire n’ugufashanya n’igihugu c’Uburusiya. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Gabby Bugaga igihe Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo yari aganutse avuye mu gihugu c’Uburusiya aho yari yaserukiye igihugu c’Uburundi mu nama yavugiwemwo uguteza imbere ubutunzi kwisi yose. Hari kw ‘igenekerezo rya 28 Rusama 2018.Ngo igihugu c’Uburundi kizobandanya gikomeza imigenderanire n’ugufashanya n’igihugu c’Uburusiya. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Gabby Bugaga igihe Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo yari aganutse avuye mu gihugu c’Uburusiya aho yari yaserukiye igihugu c’Uburundi mu nama yavugiwemwo uguteza imbere ubutunzi kwisi yose. Hari kw ‘igenekerezo rya 28 Rusama 2018.Nk’uko yabimenyesheje, ngo muri iyo nama, kwari ukwiga ibijanye n’ubutunzi, narirya hariho ihindagurika muri vyinshi kw’isi. Ikindi naco ngo baravuganye ivyerekeye ugukomeza imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati y’igihugu c’Uburusiya n’amakungu, bavugana n’uruhara mu vyerekeye iterambere ry’ubuhinga bwa none n’uruhara rwabwo mu gukomeza no guteza imbere ubutunzi. Muri iyo nama kandi Révérien Ndikuriyo ngo yarashoboye kuvugana n’abategetsi batari bake muri ico gihugu abashikiriza aho Uburundi bugeze, yongera aranashimira igihugu c’Uburusiya ku kuntu cama kiba hagufi igihugu c’Uburundi mu bihe vyose ngo kikakibera mu ngoro no mu makoraniro mpuzamakungu. Ngo yarongeye arabemerera ko igihugu c’Uburundi kizobandanya gikomeza imigenderanire n’ugufashanya narirya igihugu c’Uburusiya gifasha mu bitari bike haba mu vyerekeye indero, inyigisho igisirikare n’ibindi. Iruhande y’iyo nama,Umukuru w’Inama Nkenguzamateka,Révérien Ndikuriyo      yaragiriraniye imibonano n’abategetsi batandukanye  baserukiye ibihugu vyabo, Uburundi bukaba rero buzoharonkera akarusho. 

Evelyne Niyonzima na

Moise Nkurunziza (yimenyereza)

Ouvrir