Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bwaratanguye gukoresha igitabu c’inzira c’umuryango wa EAC

IMG24Kw’igenekerezo rya 28 Rusama 2018, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaratanguje icese  itangwa ry’igitabu c’inzira c’umuryango w’ibihugu bihurikiye muri Afrika y’ubuseruko EAC.  Gaston Sindimwo yamenyesheje ko ishirwaho y’ico gitabu c’inzira riri mu ngingo zafunditswe mu nama igira 17 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC yabereye i Arusha kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2017. Ngo inyuma y’ibihugu vya Tanzaniya na Kenya, Uburundi bugize ubwa gatatu bushizeho ico gitabu c’inzira rusangi. Ngo ico gitabu c’inzira kizomara imyaka 10 kandi gifise impapuro 52 aho ni ku bakuze nayo ku bana kizomara imyaka 5 kikaba gifise impapuro 32. Sindimwo yamenyesheje ko ico gitabu c’inzira  kigurwa amafaranga y’amarundi angana 235000 nk’uko igitabu c’inzira cahahora cagurwa. Ngo igitabu c’inzira cahahora kizoguma gikora gushika mu mwaka w’2020. Umushikiranganji ajejwe umutekano no gutabara abashikiwe n’impanuka, Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko ibitabu vy’inzira vy’umuryango wa EAC bizoba ari bimwe ariko bitandukaniye ku gishusho karanga c’igihugu kimwe kimwe cose. Komiseri arongoye komisariya nkuru ijejwe uruja n’uruza rw’abantu, Jimmy Hatungimana yamenyesheje ko bafise ingorane yo kwisunga ikarata karangamuntu idakozwe mu buhinga bwa none mu gutanga urupapuro rw’inzira rukozwe mu buhinga bwa none.  Hatungimana yarasavye Reta ko yokwiragiza ubuhinga bwa none ku mipaka yose, ikongera igafasha kugirango amadosiye ashobore gushingurwa  mu buhinga bwa none. 

Kw’igenekerezo rya 28 Rusama 2018, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaratanguje icese  itangwa ry’igitabu c’inzira c’umuryango w’ibihugu bihurikiye muri Afrika y’ubuseruko EAC.  Gaston Sindimwo yamenyesheje ko ishirwaho y’ico gitabu c’inzira riri mu ngingo zafunditswe mu nama igira 17 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC yabereye i Arusha kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2017. Ngo inyuma y’ibihugu vya Tanzaniya na Kenya, Uburundi bugize ubwa gatatu bushizeho ico gitabu c’inzira rusangi. Ngo ico gitabu c’inzira kizomara imyaka 10 kandi gifise impapuro 52 aho ni ku bakuze nayo ku bana kizomara imyaka 5 kikaba gifise impapuro 32. Sindimwo yamenyesheje ko ico gitabu c’inzira  kigurwa amafaranga y’amarundi angana 235000 nk’uko igitabu c’inzira cahahora cagurwa. Ngo igitabu c’inzira cahahora kizoguma gikora gushika mu mwaka w’2020. Umushikiranganji ajejwe umutekano no gutabara abashikiwe n’impanuka, Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko ibitabu vy’inzira vy’umuryango wa EAC bizoba ari bimwe ariko bitandukaniye ku gishusho karanga c’igihugu kimwe kimwe cose. Komiseri arongoye komisariya nkuru ijejwe uruja n’uruza rw’abantu, Jimmy Hatungimana yamenyesheje ko bafise ingorane yo kwisunga ikarata karangamuntu idakozwe mu buhinga bwa none mu gutanga urupapuro rw’inzira rukozwe mu buhinga bwa none.  Hatungimana yarasavye Reta ko yokwiragiza ubuhinga bwa none ku mipaka yose, ikongera igafasha kugirango amadosiye ashobore gushingurwa  mu buhinga bwa none. 

Aline Kanyana

 

Ouvrir