Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwuga w’abushingwamanza urahambaye mu gihugu kirangwamwo amategeko

 

DSC412Kw’igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018, i Bujumbura,  haratunganijwe inama  mpuzamakungu igira kabiri y’abashingwamanza bakiri bashasha mu mwuga ku civugo « guhiganwa, ukubahiriza amategeko y’umwuga ». Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iha agaciro urwaruka n’amategeko. Yabandanije amenyesha ko bizwi neza ko Afrika idashobora gutera imbere urwaruka rudafashe iyambere mu gukoresha inguvu n’ubushobozi rufise kugira rutorere inyishu ibibazo bitandukanye. Ngo iyo nama y’abashingwamanza bashasha mu mwuga bo mu bihugu bitandukanye izoha akaryo abayitavye ko kwiyumvira kuri kazoza k’umwuga wabo. Kw’igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018, i Bujumbura,  haratunganijwe inama  mpuzamakungu igira kabiri y’abashingwamanza bakiri bashasha mu mwuga ku civugo « guhiganwa, ukubahiriza amategeko y’umwuga ». Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iha agaciro urwaruka n’amategeko. Yabandanije amenyesha ko bizwi neza ko Afrika idashobora gutera imbere urwaruka rudafashe iyambere mu gukoresha inguvu n’ubushobozi rufise kugira rutorere inyishu ibibazo bitandukanye. Ngo iyo nama y’abashingwamanza bashasha mu mwuga bo mu bihugu bitandukanye izoha akaryo abayitavye ko kwiyumvira kuri kazoza k’umwuga wabo.   Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Aimé Laurentine Kanyana yamenyesheje ko uruhara rw’abashingwamanza ruhambaye mu gihugu kirangwamwo amategeko.

Ngo ubushikiranganji arongoye bwama burabira hamwe n’urwego rw’abashingwamanza ukungene umwuga wotera imbere mu gihugu. Uwurongoye umurwi w’abashingwamanza bashasha mu mwuga, Diane Karwiza yamenyesheje ko iyo nama yitabwe n’abashingwamanza bavuye mu bihugu birenga 16 ari akaryo keza ko guhanahana ivyiyumviro ku kungene umwuga w’ubushingwamaza ukorwa. Ngo iyo abakiri bato bashitse mu mwuga birabagora kumenya ingene bakora kuko ata bumenyi bukwiye baba bararonka kugira bakore neza.  Ngo umushingwamanza mushasha usanga atazi ingene yifata imbere y’intahe y’icese, atazi ingene bandika imburano, atazi  ingene basaba  ijambo kuko atavyo biga mu Burundi.  Ngo abashingwamanza bakiri bashasha nta buryo baba bafise kugira bashobore kugura imashine bakoresha canke barihe umukarani abafasha kwandika imburano kuko arivyo bisabwa mu Burundi kugira umuntu yinjire mu mwuga w’ubushingwamanza. Karwiza Diane yamenyesheje ko abashingwamanza bashasha bibagora gufata ikibanza abandi bafashe n’ukuvuga kumenyekana hari ababa basanzwe bazwi.   Ngo abashingwamanza bazobereye mu mwuga ni bake ugasanga birabagoye ukungene bokurikirana abashingwamanza bashasha  basanzwe ari benshi rwose. Ngo bene izo nama nizo zibafasha kuronka ubumenyi mu bijanye n’umwuga w’ubushingwamanza.

Aline Kanyana

 

Mu ntara ya Makamba Abarundi basabwa kuba maso kubera hariho inyisho ziva hanze y’igihugu zije kubahuvya

 

vvvcvccKw’igenekerezo ry’9 Myandagaro 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA   yari  mu ntara ya Makamba mu ntumbero yo gutanga za nyigisho zo kuzirikana igihugu ico arico, inyuma y’aho agendeye intara za Cankuzo, Riyigi na Rutana ku magenekerezo ya 6, 7, na 8 Myandagaro 2018. Uwo munsi rero akaba yasavye imvukira z’intara ya Makamba kumenya ko hariho inyigisho zitandukanye ziza zivuye hanze y’igihugu zifise intumbero  yo guhuvya abarundi, ugasanga baca bava ku migenzo yabo kama bakinjira mu bintazi no mu mwijima nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa inyuma y’izo nyigisho.Kw’igenekerezo ry’9 Myandagaro 2018, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA   yari  mu ntara ya Makamba mu ntumbero yo gutanga za nyigisho zo kuzirikana igihugu ico arico, inyuma y’aho agendeye intara za Cankuzo, Riyigi na Rutana ku magenekerezo ya 6, 7, na 8 Myandagaro 2018. Uwo munsi rero akaba yasavye imvukira z’intara ya Makamba kumenya ko hariho inyigisho zitandukanye ziza zivuye hanze y’igihugu zifise intumbero  yo guhuvya abarundi, ugasanga baca bava ku migenzo yabo kama bakinjira mu bintazi no mu mwijima nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa inyuma y’izo nyigisho.N’kuko yabandanije abivuga ngo Prezida NKURUNZIZA yarashikirije icipfuzo c’uko igihugu c’Uburundi coba igihugu c’abantu baciye ubwenge kuko basanzwe bafise ubwitonzi, biyumvira kandi bagerageza kubona kure Jean Claude Karerwa akaba yamenyesheje ko aho i Makamba Umukuru w’igihugu yabanje guha ijambo abahinga babiri, bavuze ibijanye n’ivyinyegeje mu nyigisho, mu mategeko nkandamizabihugu no mu nyigisho nsinzirizabihugu zatunganijwe n’abakoroni bongera batanga n’ikiyago c’intangamarara cari gishingiye ku mico n’imigenzo y’abarundi. Ngo Prezida NKURUNZIZA yaciye ashikiriza icipfuzo c’uko Uburundi bwoba igihugu c’abantu baciye ubwenge kuko bafise ubwitonzi, biyumira kandi bagerageza kubona kure, bakagira ukwerekwa kwaranze basokuru na basokuruza, ku karanga Mwezi Gisabo yanse guhemuka no gutanga igihugu igihe Uburundi bwaterwa n’abadagi.

Yaribukije ko mu kiyago nk’ico, Prezida NKURUNZIZA yama agerageza gufasha abarundi kuzirikana no gutegera yuko iyo umuntu yinjiye ikibira atazi aca inkoni atazi. Ico kibira avuga akaba ari inyigisho zitandukanye ziza zivuye hanze y’igihugu zije guhuvya abarundi aho usanga baca bava no ku migenzo yabo bakinjira mu bintazi no mu mwijima. Ngo Umukuru w’igihugu yarasavye kandi abarundi muri rusangi kuba maso kuko n’aho umukoroni idarapo ryiwe ridahungabana mu Burundi hari uburyo bwinshi bukorwa biciye mu mfashanyo no mu nyigisho ivyo navyo bigashobora kuyovya abarundi.Twobamenyesha yuko uwo munsi nyene, imbere yo gutanga izo nyigisho, Prezida NKURUNZIZA yabanje kwugurura ikigega c’amazi meza cubatswe na Reta y’Uburundi ibicishije mw’ishirahamwe REGIDESO kikaba kiri ku murwa mukuru w’intara ya Makamba. Ngo ico kigega kizotanga amazi mu makaritiye 7 agize igisagara co ku murwa mukuru w’iyo ntara. Yarongeye agendera n’inyubakwa y’ibiro vy’intara igerekeranye gatandatu, iriko irubakwa, agiye kuraba aho ibikorwa bigeze aca aranemerera abanyamakamba amabati bazosakaza iyo nyubakwa yose.  Inyuma yaho kandi yaragendeye ikibuga c’inkino « Peace Park complex stadium » kiri ku mutuma Gisenyi muri komine Makamba agiye kuraba aho ibikorwa vyo kwubaka bigeze, arugurura icese n’isoko ya kijambere iri muri komine Mabanda, zone Gitara yubatswe na Reta y’Uburundi ku mfashanyo y’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD). Avuye ngaho, Prezida NKURUNZIZA yarabandanije kwugurura inyubakwa zitandukanye nk’ivuriro riri muri komine Mabanda, zone Gitara, yongera yugurura inzu y’igorofa y’ibiro vya komine Nyanza Lac yubatswe n’imfashanyo na Reta biciye mu kigega FONIC na komine. Twobamenyesha kandi ko abanyamakamba  bahaye Umukuru w’igihugu akaganuke kagizwe n’inka zitandatu, inkoko zitanu biherekejwe n’ibiseke vy’imfungurwa.

Evelyne Niyonzima

 

Imigambi ifashwe mu mugongo n’ishirahamwe FIDA izofasha mu kurwiza umwimbu, abanyagihugu nabo bafungure neza

 

DSC00465Reta y’Uburundi irajwe ishinga no kwitaho iterambere ry’abanyagihugu mu kubaronsa uburyo bigatuma umwimbu wiyongera mbere hakaba n’umusesekara gutyo abanyagihugu  bakisununura mu bijanye n’ukurwiza umutungo mu ngo zabo, eka mbere no mu gufungura neza.Reta y’Uburundi irajwe ishinga no kwitaho iterambere ry’abanyagihugu mu kubaronsa uburyo bigatuma umwimbu wiyongera mbere hakaba n’umusesekara gutyo abanyagihugu  bakisununura mu bijanye n’ukurwiza umutungo mu ngo zabo, eka mbere no mu gufungura neza. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji  ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema ku wa 6 Myandagaro 2018 igihe ubushikiranganji arongoye bwari buhejeje kugiriranira amasezerano yo gufashanya n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gusahiriza mw’iterambere ry’uburimyi n’ubworozi FIDA ribicishije mu migambi ibiri PAIVA –B  na PRODEFI hamwe n’ishirahamwe « Caritas-Burundi ». Nk’uko uwo mushikiranganji yabandanije abimenyesha, ngo amasezerano ya mbere afise ihangiro ryo  kurwiza inyanja z’ifi mu gihugu cose.Ivyo navyo ngo bikerekana ko bashaka kunywanisha koko uburimyi n’ubworozi kandi ko bashaka guha agaciro imyonga n’amazi Imana yaduhaye. Ikindi naco kijanye n’ugukomeza ivyo bama bahimirije abanyagihugu bijanye n’ugukorera mu makoperative kugira haboneke ibikorwa, gutyo bakaba bariko baratanga akazi ku benegihugu bigaca bijana n’intumbero nyamukuru bashaka ko uburyo bubagenewe bubashikira hagati mu gihugu ayo babaye bitagoranye. 

Amasezerano agira kabiri ngo bayagiraniye n’ishirahamwe « Caritas Burundi », aho bashaka guhera uwo mugambi muri « Caritas-Gitega »  mu ntumbero yo kwerekana ibimaze kurangurwa bari kumwe n’abo basangiye guteza imbere igihugu.  Yarongeye amenyesha ko kenshi bazana imigambi igakora neza ariko ikaba itamaho kuko igira igihe igahera. Iyo iheze rero akaba atawuheza ngo yakire ivyo vyiza vyose. Abantu baca babashira mu makoperative kugira babungabunge iyo migambi baba baragabanye ari naco gituma bagiraniye amasezerano na « Caritas-Gitega ». Ni naco gituma yashimiye  ikigega FIDA kuko gishika mu banyagihugu aho abantu benshi badashika. Intumbero akaba ari uko uburyo buba bwategekanijwe bushikira abanyagihugu bato bato. Izo nyanja ngo zizokwubakwa mu ntara za Bujumbura, Karusi na Ngozi. Naho biri uko ngo izo nyanja ntizimeze co kimwe n’izo abantu bamenyereye kuko ikibanza kizoba gitegekanijwe gukorerwamwo uwo mugambi kizoba kirimwo nk’inyanja zishika 10 hejuru yazo hakaba hororerwa inkoko ku buryo bariko bagaburira izo nkoko baba bariko bagaburira n’ifi. Ivyokwiswe umwanda  bica biba imfungurwa z’ifi. Amazi nayo aba ari mu nyanja akaba ifumbire mu kurwiza umwimbu w’imboga n’ibindi biterwa biba biri ngaho. Mu mwaka uza w’2019 naho bakazoca batangura kurangurira uwo mugambi mu zindi ntara ku buryo igice ca mbere kitazotwara amahera ari munsi y’umuriyaridi. Ngo ivyo bizotuma batangura igice ca kabiri bamaze kubona intambamyi n’amahirwe naho intambamyi zizoba ari nke.  Uwo mugambi ngo uzotuma umwimbu w’amagi wiyongera kandi abantu bafungura neza ku buryo amagi asagutseko bayashora kw’isoko gutyo imiryango igashobora kwisununura. Abanyagihugu nabo ngo bazoheza baronke akazi bareke kwirirwa bicaye.Mu mugambi wa kabiri naho ngo harimwo  amahera yababa imiriyoni amajana 5 aho bazokwumvisha abanyagihugu ko imigambi ikorwa ku bwabo arico gituma bategerezwa kuyikurikirana ku neza yabo. Intumbero nshasha ngo n’uko abanyagihugu bakorerwa imigambi ariko nabo bagafata iya mbere mu gutsimbataza ico iyo migambi yashitseko. Umugambi wa FIDA ukaba uzorangurirwa mu ntara iryo shirahamwe rikoreramwo arizo Ngozi, Kayanza, Muyinga, Cibitoke, Bubanza, Muramvya, Gitega, Karusi, Ruyigi, Rutana, Makamaba, Rumonge na Bujumbura. Muri uwo mugambi kandi harategekanijwe ibizokorwa n’umwimbu w’ifi n’amagi witezwe. Caritas-Gitega ikaba izokorera ku misozi 33 yo muri komine Giheta, Bugendana na Mutaho yo mu ntara ya Gitega. Muri komine Giheta bakazokorera ku misozi 4, muri komine Bugendana ku misozi 13 muri Mutaho naho ku misozi 16. Ivyo bikorwa bikazorangurwa mu kiringo c’amezi 15 uhereye muri Mukakaro 2018. 

Gloriose Nshimirimana     

 

Mu ntara ya Cankuzo Prezida NKURUNZIZA asaba abarundi kwitangira igihugu cabo kugira baze basige izina ryiza

 

DSC 0182Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaratanze inyigisho zo kuzirikana igihugu ico arico ku mvukira z’intara ya Cankuzo n’abasanzwe barangurira imirimo yabo muri iyo ntara bahuriye ku murwa mukuru w’iyo ntara ku wa 6 Myandagaro 2018, aho yasavye abanyacankuzo n’abarundi bose muri rusangi gutegera ko igihugu c’Uburundi gifise aho cavuye n’aho kigeze maze umunyagihugu uwariwe wese akore ibishoboka vyose kugira aze asige izina ryiza gutyo ngo Uburundi buze busubire kugira iteka n’itekane bwaramutswa imbere y’umuzo w’abakoroni.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaratanze inyigisho zo kuzirikana igihugu ico arico ku mvukira z’intara ya Cankuzo n’abasanzwe barangurira imirimo yabo muri iyo ntara bahuriye ku murwa mukuru w’iyo ntara ku wa 6 Myandagaro 2018, aho yasavye abanyacankuzo n’abarundi bose muri rusangi gutegera ko igihugu c’Uburundi gifise aho cavuye n’aho kigeze maze umunyagihugu uwariwe wese akore ibishoboka vyose kugira aze asige izina ryiza gutyo ngo Uburundi buze busubire kugira iteka n’itekane bwaramutswa imbere y’umuzo w’abakoroni.Nk’uko vyashikirijwe n’ umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa inyuma y’izo nyigisho, ngo Prezida NKURUNZIZA yaratanze impanuro ku bazitavye, aho yabasavye abanyacankuzo n’abarundi bose kwikubita agashi bategere ko kahise kadahinduka bakakemera kakababera n’akaryo ko gutegura kazoza keza kandi ngo iherezo ryiza ku runganwe no ku muntu ni intango nziza k’uwumukurikira canke k’urunganwe rukurikira.Jean Claude Karerwa akaba yabandanije amenyesha ko inyigisho Prezida NKURUNZIZA yatanze ku banyacankuzo zari zerekeye  ingendo yo kuzirikana igihugu cabo kugira ngo bamenye iyo bava n’iyo baja. Ngo izo nyigisho kandi zirafitaniye isano n’ikiyago abavyeyi bagiriranira n’abana ku ziko canke ku gicaniro. Prezida NKURUNZIZA ngo yarabaganiriye imvo n’imvano y’Uburundi kuva mu mamo kugeza mu mamuko, aranababwira uko Uburundi bwabayeho, aho bwaciye, aho bugeze naho yipfuza ko bwogenda bugana. Ngo nk’uko izo nyigisho ziza zuhirira iz’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, izo gukunda igihugu n’iterambere ry’umwenegihugu, nazo ngo ziza zifasha abarundi gukunda igihugu cabo hamwe n’umugambi ujejwe umutekano. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ngo yaciye asaba abarundi ko inyigisho ziwe zidasanzwe bozifata nkama bagategera ko igihugu gifise aho cavuye n’aho kigeze maze uwariwe wese agakora ibishoboka vyose kugira asige izina ryiza gutyo ngo Uburundi buze busubire kuramutswa iteka n’itekane bwaramukijwe imbere y’umuzo w’abakoroni.Twobamenyesha kandi ko inyuma y’izo nyigisho Prezida NKURUNZIZA yaciye yugurura icese ibiro vy’umuyobozi w’indero muri komine Cankuzo biri ku murwa mukuru w’intara ya Cankuzo, yongera aranatemberera inyubako z’ishure ya kaminuza y’Uburundi i Buhumuza hamwe n’ahariko hubakwa ikibuga c’inkino c’intara ya Cankuzo. Ikindi twobamenyesha ni uko abanyacankuzo baciye bashikiriza Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ingabire zitandukanye zigizwe n’inka, impene, intama hamwe n’ibiseke birimwo imfungurwa zitandukanye. 

 Evelyne Niyonzima                                       

 

Ibihugu vy’Uburundi na Misiri vyiyemeje gukomeza imigenderanire mu bisata bitandukanye

gggggKu wa 8 Myandagaro 2018, Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, yarakiriye mu biro iwe uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi, umupfasoni  Abeer Bassiouny Radwan .Uwo nawe akaba yari yaje  kuganira n’uwo mutegetsi ku bijanye n’imigenderanire ivyo bihugu bisanzwe bifitaniye. Ku wa 8 Myandagaro 2018, Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda, yarakiriye mu biro iwe uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi, umupfasoni  Abeer Bassiouny Radwan .Uwo nawe akaba yari yaje  kuganira n’uwo mutegetsi ku bijanye n’imigenderanire ivyo bihugu bisanzwe bifitaniye. Inyuma y’uwo mubonano, umuvugizi w’umukuru w’Inama Nshingamateka Alexis Badian Ndayihimbaze yamenyesheje ko ubwa mbere uwo mushitsi yamubajije uko urugendo yahoramwo mu gihugu ca Misiri rwagenze. Umukuru w’Inama Nshingamateka nawe akaba yamumenyesheje ko urugendo rwagenze neza, n’ikimenyamenya ni uko yashoboye kubonana  n’abategetsi batandukanye mbere baranashika ku bitari bike harimwo ugufashanya cane cane mu bijanye no guhanahana ubumenyi na cane cane ko Inama Nshingamateka y’igihugu ca Misiri iteye intambwe ihambaye mu bijanye n’ibikorwa vyo guserukira abanyagihugu. Muri uko gufashanya, Inama Nshingamateka y’igihugu ca Misiri yaremeye ko izoshigikira Inama Nshingamateka y’Uburundi nko mu bijanye no gutanga inyigisho ku bashingamateka no ku bakozi bo muri urwo rwego. Hazoba kandi no gufasha Inama Nshingamateka y’Uburundi mu kuyironsa bimwe bimwe mu bikoresho nk’ imiduga yunguruza abashingamateka n’abakozi bo muri urwo rwego. Ikindi cari kizanye uwo mutegetsi ngo n’ukumumenyesha  ko umukuru w’Inama Nshingamateka y’igihugu ca Misiri  yanezerejwe cane n’urugendo mugenzi wo mu Burundi, Pascal Nyabanda yaheruka kugira muri ico gihugu mbere nawe ngo akaba yifuza cane kugendera Uburundi. Uwuserukira igihugu ca Misiri yaciye asaba isango yozirako bakaba bumvikanye ko bazovugana mu kwezi kwa Munyonyo kugira nawe ashobore kuronka ako karyo. Muri uwo mu bonano, uwuserukira igihugu ca Misiri yarasavye umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabanda  ko Uburundi bwoshigikira igihugu ca Misiri na cane cane mu bijanye n’ikoreshwa ry’amazi y’uruzi Nil nk’uko isoko ry’ayo mazi rikomoka mu Burundi, ariko kandi akaba ari amazi afitiye akamaro kanini abanyagihugu ba Misiri. Ngo ni nkenerwa ko Uburundi bwofasha Misiri  mu bijanye n’ayo mazi na cane cane ko muri kino gihe Uburundi bugiye kurongora ishirahamwe rihuza ibihugu bisangiye uruzi Nil. Umukuru w’Inama Nshingamateka yamumenyesheje ko kubera hari vyinshi bikenewe gukorwa, ngo hobaho umurwi uhuza abashingamateka b’Uburundi n’ab’igihugu ca Misiri kugira bakorere hamwe, barabe ibikenewe kugira ngo bakingire ayo mazi na cane cane ibibazo vyose vyoba bigerekeranye n’ayo mazi bitorerwe inyishu bitabanje kuja mu ngimba.                                                                                                 

Gloriose Nshimirimana                                                  

 

 

Amahegitari 250 y’ishamba cimeza rya Ruvubu yarahiye muri Mukakaro 2018

 

DSC 0085Mu kwezi kwa Mukakaro 2018, mu ruhongore kama rwa Ruvubu amahegitari 250 yarahiye biturutse ku miriro ya Nyakanga. Iyo miriro ngo yibonekeje cane cane mu ntara ya Muyinga hamwe no mu gice c’ubumanuko muri komine Vyanda, intara ya Bururi. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse, ku wa 2 Myandagaro 2018 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mu kwezi kwa Mukakaro 2018, mu ruhongore kama rwa Ruvubu amahegitari 250 yarahiye biturutse ku miriro ya Nyakanga. Iyo miriro ngo yibonekeje cane cane mu ntara ya Muyinga hamwe no mu gice c’ubumanuko muri komine Vyanda, intara ya Bururi. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse, ku wa 2 Myandagaro 2018 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Polisi Alphonse yabandanije abivuga, ngo mu gihe c’ukwezi kwa Mukakaro, imiriro ya Nyakanga yaribonekeje na cane cane mu ntara ya Muyinga mu gice c’ishamba cimeza rya Ruvubu hamwe n’iyindi miriro mu gice c’ubumanuko, muri komine ya Vyanda. Ku bw’umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, ngo yisunze ibiharuro bitangwa n’abakozi bo mu kigo kijejwe gukingira ibidukikije OBPE, ivyo biharuro bigatangwa n’abakozi bari ku rubuga, birerekana uko ibintu vyifashe mu bice bitandukanye vy’igihugu. Uko ivyo biharuro vy’amashamba yahiye bingana, vyerekana ko uruhongore kama rwa Ruvubu ruza kw’isonga aho amahegitari 250 yahiye, mu ntara ya Bururi, ngo hahiye amahegitari 10. Vyongeye, ngo mu ntara ya Cankuzo naho nyene iyo miriro ya Nyakanga yaribonekeje aho hahiye amahegitari 45 hamwe n’intara ya Rutana hahiye amahegitari 53, ubwo buringanire bw’ayo mashamba bukaba bwahiye kugeza mu kwezi kwa Mukakaro.

Ku bajejwe gukingira ibidukikije mu mirimo yabo ya minsi yose, iyo miriro rero ngo irababaje kuko iyo yadutse, ituma haba agahombo ku nzego zitandukanye. Aho rero akavuga ko iyo miriro ya Nyakanga ituma ibidukikije bihahonera na cane cane ko ibikoko binini binini biheza bigahunga, ivyatsi n’utundi tunyabuzima tukazimangana. Ku vyerekeye inkurikizi,  nko mu ruhongore kama rwa Ruvubu, iryo shamba ngo risanzwe rifise kamere karyo, aho urisangamwo ibikoko bigizwe n’imbogo, ingeregere hamwe n’impongo. Iyo rero muri iryo shamba hadutse imiriro ya Nyakanga, ivyo bikoko biraheza bigahunga, iyo biriko birashwiragira, bihuye n’abansi baraheza bakavyica. Ako rero ngo ni agahombo ku gihugu kuko iyo bamukerarugendo baje mu gihugu, baba baje kuraba izo mpongo n’izo mbogo kubera ko zibireye ijisho. Bisubiye, imiriro ya Nyakanga ngo iyo iciye ahari inzuki zirasha kandi zifise uruhara ntangere mw’irwirirana ry’umwimbu kuko nizo zifasha kugira amashurwe y’ibiterwa aronke imbuto z’ingabo zigashira mu mbuto rugore, ico yise « pollinisation ». Iyo miriro ya Nyakanga yadutse, ngo abantu batari bake ntibabona ko ari ubuhombe ku gihugu, iyo utwo dukoko duhiye, biragira ingaruka ku mwimbu w’ibiterwa n’ibidukikije. Ako gahombo ntikagarukira aho gusa, iyo imvura igeze gutasura, aho hantu haciye iyo miriro ya Nyakanga haraheza hakibonekeza inkukura, isi iryoshe igaherera mu nzuzi hamwe n’ibitabizo. Ku kibazo co kumenya icokorwa kugira iyo miriro ya Nyakanga iranduranwe n’imizi, umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe yamenyesheje ko mu ntara zimwe zimwe kera iyo miriro yari akaranga. Iyo miriro ngo bayiturira kugira barondere uburagiro bw’ibitungwa kubera ko ici ririko rirahera wasanga uburagiro buriko burahera. Iyo imvura iguye, ngo haca haboneka ubwatsi bukiri butoto kugira ibitungwa biheze bironke aho birisha. Ako karanga ko guturira mu ntara zimwe zimwe ngo kugira abantu bagahindure bifata umwanya. Mu mirimo ya minsi yose, ngo baravugana n’abo vyega bose kugira bashobore gusigurirwa ko iyo miriro ya Nyakanga ifise ingaruka mbi. Vyongeye, ngo Reta igenda irashiraho amategeko abereye kugira bakingire ibidukikije, muri ayo mategeko, ubu ngo birabujijwe kuragira mu bibanza vyadutsemwo imiriro ya Nyakanga. Uwufashwe nawe, ngo n’ivyo bitungwa vyiwe yohava abigurisha kugira arihe amahadabu yategekanijwe na Reta. Ubu rero ngo igikenewe, ni uko bobandanya bahimiriza abarundi ku nzego zitandukanye kugira berekane ko iyo miriro ya Nyakanga ari ubwononyi mu bundi. Tubamenyeshe ko umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe atera akamo abarundi kugaruka ku mico ya kera, aho kera iyo umuriro wandutse batabaza bakanihutira gufasha kuzimya. 

Déo Misigaro                                                                                                     

 

Page 1 sur 128

Ouvrir