Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igisagara ca Bujumbura ngo gikwiye guhindura ishusho kikaba igisagara giteye igomwe

DSC 0ccc075Imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura zaratunganije umunsi w’umwiherero ku civugo kivuga ngo « Mvukira , twiyumvire kazoza kacu, twiyumvire kazoza k’igisagara cacu ». Intumbero y’uwo mwiherero ngo kwari ukugirango abavuka mu gisagara ca Bujumbura bamenyenane, bamenye ico umwe umwe wese akora hamwe no kwiyumvira uruhara bogira mw’iterambere ry’igisagara bavukiyemwo. Ico gikorwa c’umwiherero kikaba cuguruwe n’Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston Sindimwo, ku wa 13 Ndamukiza 2018.Imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura zaratunganije umunsi w’umwiherero ku civugo kivuga ngo « Mvukira , twiyumvire kazoza kacu, twiyumvire kazoza k’igisagara cacu ». Intumbero y’uwo mwiherero ngo kwari ukugirango abavuka mu gisagara ca Bujumbura bamenyenane, bamenye ico umwe umwe wese akora hamwe no kwiyumvira uruhara bogira mw’iterambere ry’igisagara bavukiyemwo.

Ico gikorwa c’umwiherero kikaba cuguruwe n’Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston Sindimwo, ku wa 13 Ndamukiza 2018.Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura uwo mwiherero, Gaston Sindimwo yabanje gushimira abantu bose bagize ico baterera kugirango ico gikorwa c’uwo munsi kigende neza.  Yahamagariye abanyagisagara kuja hamwe kugirango bubake igisagara bavukamwo, bagire imigambi myiza y’iterambere bagiteze imbere. Ngo mu gisagara havuka incabwenge nyinshi kandi ngo bafise ubuhinga butandukanye, ku bw’ivyo rero ngo nibarabire hamwe ico bokora kugirango igisagara cabo gitere imbere. Ari ibibazo bijanye n’ubushomeri ngo barabe ingene vyotorerwa umuti babicishije mu gushinga ibanki,  ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana (microfinance) canke ibindi gutyo abanyagisagara bakaronka akazi, canke bakagira iyindi migambi itandukanye y’iterambere. Ariko kandi ngo iyo migambi yose ishoboka mu gihe abanyagihugu bagumye babumbatiye amahoro n’umutekano, agasaba abanyagisagara kwama barikanuye kugirango igiti cabakoze mu maso mu mwaka w’2015 ngo ntigisubire. Ikindi naco yabasavye kuvavanura n’inzigo kuko ngo inzigo ntiba umutahe uretse urukundo gusa. Uwubonye mugenzi we ateye imbere ngo ntace avyura inzigo ahubwo ngo nawe n’akore ngo nta nkeka ko azoheza agashikirwa ikindi gihe. Gaston Sindimwo yamenyesheje ko ico gikorwa ngo ari ic’imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura zose ata n’umwe avuyemwo, aca abasaba kutakivanga n’imigambwe kuko ngo n’uwutagira umugambwe ari umunyagisagara ahamagariwe kwifadikanya n’abandi mu nzira nziza y’iterambere ry’aho bavuka.  Mw’ijambo ry’ikaze, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko kuva igisagara ca Bujumbura kibaho ngo camye cakira abantu bavuye mu mihingo yose y’igihugu c’Uburundi baje kurondera ubuzi canke ico cose cotuma bamererwa neza mbere harimwo n’abanyamahanga baje nk’ingenzi canke baje nk’abarwizatunga. Abo rero ngo nibo baheza bakavyarira mu gisagara.Ngo abo bibarutse rero ngo nibo bariko barabakorera mu ngata mu gutunganya umwiherero wo kurabira hamwe ingene boshira hamwe ivyiyumviro bishobora guteza imbere igisagara ca Bujumbura. Ico ciyumviro ngo kikaba cavuye mu kamo Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yama atera abanyagihugu, abahimiriza ngo bakunde intara canke ibisagara bavukamwo gutyo ngo baheze bahateze imbere. Freddy Mbonimpa akaba yamenyesheje ko ubugirigiri bugira babiri. Arico gituma ngo havutse amashirahamwe mu ma zone yose agize igisagara ca Bujumbura aja hamwe bagira urunani arirwo bise « CANBM ». Igisagara ca Bujumbura rero ngo ntaco kitazokora kugira gishigikire imigambi myiza ry’iterambere y’abakivukamwo. 

Estella Niyongere               

 

Ouvrir