Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abigisha babiri basambanije abana bigisha bari mu minwe y’inyamiramabi

sodaaIgiporisi kijejwe gukingira urwaruka n’imico carafashe abagisha babiri bagirizwa gufata ku nguvu abana bigisha ku wa 28 Rusama 2020. Umwe akaba ari umwigisha wo kuri Lycée du Lac Tanganyika yitwa Jean Claude Ndabarushimana w’imyaka 32 yafashe ku nguvu umwana yigisha mu mwaka wa nyuma w’amashure y’inyuma y’ishure nshingiro. Uwundi yitwa Eric Barutwanayo afise imyaka 22 yafashe ku nguvu umwana yigisha w’imyaka 8 yiga mu mwaka wa kabiri kw’ishure nshingiro rya gatorika ryo mu Ngagara ya kabiri. Ivyo vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’igiporisi Moïse Nkurunziza ku wa 29 Rusama 2020. Mw’idosiye ya mbere umuyobozi mukuru mu buyobozi bw’indero n’inyigisho z’ubuhinga n’imyuga n’ubuyobozi bwa Lycée du Lac Tanganyika bitura igiporisi kijejwe gukingira abana, imiyabaga n’imico ku wa 27 Rusama 2020.

Abo bayobozi baje bavuga ko uwo mwigisha yamaze iminsi yandikira ubutumwa bugufi uwo munyeshure kw’iterefone amusaba ko babonana ariko uwo nawe aranana. Ngo yarageze naho amutera ubwoba amubwira ko atazomumenyana na rirya yari afise amanota make mu cirwa co gutunganya imigambi yatanga. Mu gihe uwo mwigisha yariko arategura ubugeni bwobaye ku wa 4 Mukakaro 2020 yamubwira ko yamushize muri komite yo gutegura urubanza. Niho ku wa 15 Rusama 2020  yamutumako kugira aze mu nama agaca amufata ku nguvu. Umunyeshure yabanje kugira ubwoba ariko mu nyuma abishikiriza uwujejwe ishure nawe abishikiriza ubuyobozi. Amaze gufatwa na nyene kwagirizwa icaha yaravyiyemereye. Dosiye igira kabiri, yerekeye umwigisha yafashe umwana w’imyaka 8 yigisha mu mwaka wa kabiri. Ivyo bikaba vyashitse mu gihe yariko aha ivyigwa vyo kwimenyereza ku mugoroba, aca akora ibidakorwa afatira ku nguvu uwo mwana abanje kumutwara mu rindi shure rigaragara. Uwo mwana amaze gufatwa ku nguvu yashitse abibwira abavyeyi biwe nabo bakaba baciye bitura igiporisi. N’uwo akaba yaremeye icaha yagirizwa akongera akavuga ko yabikoze rimwe.Icegera c’umuvugizi w’igiporisi Moïse Nkurunziza yarongeye amenyesha ko umurezi afashwe asambanya umwana yigisha arenza imyaka 16 ahanishwa umunyororo uva ku mayaka 15 gushika kuri 25 hamwe n’ihadabu iva ku mafaranga ibihumbi 20 gushika ku majana abiri. Uwufashwe nawe asambanya umwana yigisha afise munsi y’imyaka 12 ahanishwa umunyororo wo guherayo. Yarongeye amenyesha ko ivyo bitaba aho gusa ahubwo kigiye gukora kugira abo bose bagoba izo baragiye bafatwe.  

Epitace Nduwayo 

Ouvrir