Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu w’agatasi k’umwaka w’2019 ushira uw’2020 wagenze neza

DSC 0438 AUmushikiranganji w’uburimyi, n’ubworozi, Déo Guide Rurema yararemesheje ku wa 19 Ruhuhuma 2020, i Bujumbura ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza abanyagihugu ingene umwimbu w’agatasi k’umwaka w’2019 ushira uw’2020 wagenze. Muri rusangi umwimbu ukaba ngo ushimishije uretse ku biterwa bimwe bimwe biri mu mugwi w’ibinyamikerera nk’ibiharage bisanzwe bitarinda amazi menshi. Déo Guide Rurema akaba  rero yamenyesheje ko umwimbu mwiza wabonetse cane cane ku biterwa vyo mu mugwi w’ibinyantete nk’ibigori, umuceri hamwe n’ibishorera mu kuzimu nk’imyumbati, ibiraya, ibijumbu n’ibindi. Nayo ku biterwa bimwe bimwe biri mu mugwi w’ibinyamikerera nk’ibiharage bisanzwe bitarinda amazi menshi, umwimbu wavyo ngo ntiwabonetse ku rugero rushimishije kubera imvura nyinshi yibonekeje ku rugero rurenze muri ico gihe c’irima nk’uko biboneka ku rubuga. Uwo mwimbu rero ngo bawukesha ahanini nk’uko vyama bigenda utwigoro twa Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije mu kuronsa abarimyi ivyankenerwa nk’ ifumbire, imbuto zirobanuye hamwe n’imiti y’ibiterwa ku giciro kitavuna. Ikindi naco ngo n’umugambi mwiza wa Reta wo guhimiriza abanyagihugu gukorera mu makoperative yo ku mitumba aho yatanze n’imiliyoni cumi kw’ikoperative  yose yo ku mutumba, ivyo navyo nyene bikaba vyarazanye akarusho mu kurwiza umwimbu. 

Uwo mwimbu ngo bawukesha kandi umwete w’abarimyi bitanga mu kurima bakurikije imigambi, impanuro n’inyigisho z’ubushikiranganji biciye ku bahinga basanzwe babakurikirana, bakitwararika kurima bakingira isi ndimwa mu guca imikobeko ku misozi ihanamye bakongera bakayiterako n’ubwatsi, mu gutera ibiti bibana n’ibiterwa n’ibindi. Umwimbu mwiza ngo barongera bakawukesha ugukorana neza n’abo bafashanya mw’iterambere kuko bemeye gukora bisunze imigambi n’intumbero y’igihugu gutyo bakaba magiriranire mu gusahiriza iterambere ry’umunyagihugu.Déo Guide Rurema yahamagariye abarimyi kudasesagura umwimbu bawukoresha ibidakenewe cane cane mu kuwuhinguramwo inzoga zitemewe n’amategeko nk’umugorigori, umudiringi n’izindi canke mu kuwushora hanze biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko. Yaragabishije kandi abadandaza bikika mu kiza bakarangura umwimbu ku giciro kivuna abarimyi bagaca bawushora mu bihugu duhana imbibe bidaciye mu nzira zizwi n’amategeko. Yasavye abajejwe intwaro n’abahinga basanzwe bajejwe uburimyi ku rwego rw’intara ngo bafashe mu gutuza izo ngeso zose zijanye no gusesagura umwimbu kugirango abanyagihugu ntibaze babure ico bafungura kandi bari bimbuye. Abanyagihugu ngo ni bijukire gushingura umwimbu mu bigega vyabigenewe gutyo baze bawukoreshe mu gihe kibereye. Déo Guide Rurema yaheraheje ahamagarira abanyagihugu kwitabira ibikorwa vy’irima ry’impeshi kandi ngo batere kare baze bashobore kwimbura na rirya abahinga b’ibirere bijeje ko imvura izogwa gushika mu kwezi kwa Rusama. Abarimyi b’ikawa nabo nyene ngo bokwitabira isizeni y’uwu mwaka w’2020 ushira uw’2021 igiye gutangura mu gukurikiza intumbero nshasha ya Reta y’Uburundi ijanye no gusubiza mu minwe yayo igisata c’ikawa. Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije nabwo ngo bwiyemeje kwama hafi abarimyi mu bibazo bitandukanye bahura navyo kugira bushike kw’ihangiro ryo kurwiza umwimbu gutyo inzara ituzwe mu Burundi .Estella Niyongere

Ouvrir