Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahamagariwe gukunda ururimi kavukire no kurukundisha abana bo Burundi bw’ejo

masaloReta y’Uburundi yihaye intumbero yo gushimika ku ruhara ntangere rw’ururimi kavukire mw’iterambere rirama maze n’abandi bose babimenye kandi babizirikane. Ivyo bikaba  vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama mw’itangazo bwashikirije bubicishije ku muyobozi w’ikigo kijejwe guteza imbere gusoma ibitabu no kunagura imico kama n’akaranga CEBULAC  Alain Patric Muheto kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2020 igihe yatanguza icese ibikorwa vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire mu Burundi.Uwo munsi mukuru mpuzamakungu usanzwe uhimbazwa kw’isi yose kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma uko umwaka utashe. Muri uno mwaka ukaba uzohimbazwa ku civugo : « Ururimi kavukire, ishingiro ry’ubumenyi bushikana kw’iterambere». Ico civugo kikazotuma abarundi bose bategera ko ururimi ari kirumara mw’iterambere kuko ntitwokwibagira ko ari rwo rutuma abantu bahanahana amakuru, bakigishanya. Ururimi nirwo  muhora w’ivyiyumviro vyiza n’indero nziza y’umwumvikano.Nk’uko Patric yabandanije abimenyesha, ngo uwo munsi mukuru uzoba akaryo keza ko kwihweza uko tabarundi boteza imbere ururimi rwabo kugira ngo rugire uruhara rukomeye mu gihugu cacu. Vyongeye, ngo Uburundi buri mu bihugu bike cane vyo muri Afirika bifise ururimi rumwe kavukire abanyagihugu bose bahurirako. Ivyo rero biratuma guhanahana amakuru vyoroha    mu gihe mu bindi bihugu bitari bike usanga intara yose ivuga ururimi rwayo bigatuma kurinda gusigurira umwe wese mu rurimi yumva. Abarundi rero ngo twomenya ko twambaye ikirezi kuko twese duhurira ku rurimi rumwe bitubere intango yo gukundana no gukunda igihugu.Vyongeye ngo ciyumviro  co gukomeza iteka rihabwa Ikirundi mu Burundi gishigikiwe n’ishaka rya Reta kuko hariho ibimaze gukorwa muri iyo ntumbero nko gukoresha Ikirundi mu nama nkarishabwenge zihuza abanyagihugu.Ivyo bikaba bifise akamaro kanini kuko bituma twumva ko  bishoboka  ko tuvuga mu Kirundi n’ibivugwa mu zindi ndimi. Kukaba nkako bizoheza bishoboke ko haboneka amajambo yemewe ahuriweko, ajanye  n’ubumenyi bwa none mu Kirundi. Mu kurangiza Alain Patric Muheto yamenyesheje ko ivyotuma tumenya ko dufise ururimi rwiza bihari abakuze barukundishe abana biciye mu kubamenyesha akanovera karwo. Abigisha nabo babandanye gutohoza ivyerekeye ururimi rw’Ikirundi n’imigenzo y’ikirundi turushirizeho gutahura akaranga k’Uburundi. 

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir